Accueil > Amakuru > u Burundi > Umugambwe APDR urakeza abemejwe kuba ivyegera vy’umukuru w’igihugu
Umugambwe APDR urakeza abemejwe kuba ivyegera vy’umukuru w’igihugu
vendredi 21 Myandagaro 2015
Umugambwe APDR Urunani rw’amahoro urashima ingingo y’umukuru w’igihugu yo kugena Gaton Sindimwo mu kibanza c’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu,na Joseph Butore mu kibanza ca kabiri c’umukuru w’igihugu.
Mw’itangazo uwo mugambwe wasohoye kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 21 Myandagaro 2015,uwo mugambwe urakeza abo bagenwe kuba ivyegera vy’umukuru w’igihugu,ukabipfuriza kuroranirwa mu bikorwa.
Umugambwe APDR Urunani rw’amahoro usaba ivyegera vy’umukuru w’igihugu,gukora batiziganye mu ntumbero yo gufasha umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ,gushira mu ngiro imigambi yiyemeje.
Umugambwe APDR urakeza kandi umukuru w’igihugu mu mabanga yasubiye gutorerwa yo kurongora igihugu,ukamushimira kandi kuba yarerekanye ko bishoboka gushinga Reta ihuriwemwo na bose.
Mwomenya ko umugambwe APDR Urunani rw’amahoro wifatanije n’umugambwe UPRONA mu matora aheruka.
Van Naris Mugisha
Messages
21 Myandagaro 2015, 15:40, par freedom
abobose ninzara gusa irikubaburagiza ariko ivyo vyotse mubivuga kugira muzemuronke nawe ibibanza ariko ntimuze mwicuze go ntabibanza mwarotse ikiriho twebwe bene burundi dukeneya amahoro gusa
22 Myandagaro 2015, 12:12, par bosco
nimureke haze habe umuperezida umwa kwisi yose
22 Myandagaro 2015, 13:18, par Ruhwa
Yemwe.Uburundi.Buragowe.Mwarose.Ubusa.Itôneshe.Agakecuru.Gacumba.Ntikabura.Abuzukuru.A.Ba.Dd.Ntabo.Muzi