Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambwe CDP wavuye mu runani ADC-Ikibiri - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Umugambwe CDP wavuye mu runani ADC-Ikibiri

Umugambwe CDP wavuye mu runani ADC-Ikibiri

mercredi 20 Ruhuhuma 2013

Kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 18 Ruhuhuma 2013, Anicet Niyonkuru arongoye umugambwe CDP yararemesheje ikiganiro aho yamenyesheje ko umugambwe arongoye utakiri mu runani ADC-ikibiri.

Uyo murongozi w’ umugambwe CDP yamenyesheje ko umugambwe wiwe wavuye muri ADC-ikibiri ariko ko naho biri ukwo uguma ari umugambwe utavuga rumwe na Leta.

Icatumye umugambwe wiwe uva muri ADC, ngo nikubera ko batamuhaye agaciro akwiriye mu gihe ari mubashoboye gutegura ibimenyetso bizoranga ADC ariko ngo ivyo ntibabihaye agaciro, ikindi yavuze ni uko mu nama iheruka kubera I Geneve mu bu Suisse, atatumiwe kandi abandi baritavye iyo nama.

Kubwa Chovinau Mugwengezo umuvugizi w’urunani ADC-ikibiri, ngo ivyo ntivyoca intege abanywanyi ba ADC kuko urwo runani rwiyubatse neza ngo kandi imiryango nk’uko yuguruye mu kwinjira niko yuguruye no mugusohoka . Umugambwe CDP uvuye mu kibiri rero ngo nta gitangaza kirimwo kandi ni uburenganzira bwawo.

Tubibutse ko haheze indwi imwe irenga gato umukuru w’umugambwe CDP atahutse avuye hanze mu gihuguc’Ubudagi kandi akaba yamenyesheje ko atagiye ahunga kubwo umutekano ariko ko yagiye kuko ivya politike vyari vyayangaye.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.