Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambwe CNDD-FDD urashima ko abanyepolitike bariko baratahuka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Umugambwe CNDD-FDD urashima ko abanyepolitike bariko baratahuka

Umugambwe CNDD-FDD urashima ko abanyepolitike bariko baratahuka

dimanche 10 Ntwarante 2013

Uwurongoye umugambwe CNDD-FDD amenyesha ko itahuka ry’abanyepolitike rizotuma intwaro rusangi y’imigambwe myinshi itsimbatara mu Burundi. Arashima kandi ko bazokwitaba inama itegekanijwe kuva kuri uyu wa mbere gushika ku wa gatatu w’iyi ndwi, yateguwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Pascal Nyabenda arongoye umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi avuga ko yakiranye ikaze abanyepolitike bahunze u Burundi batanguye guhunguka. Amenyesha ko bizotuma intwaro rusangi ishingiye ku migambwe myinshi ishinga imizi.

Pascal Nyabenda aramutswa umugambwe CNDD-FDD avuga ko abo banyepolitike batavuga rumwe n’ubutegetsi bariko barahunguza bitavye akamo batewe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Eka ngo n’umugambwe uri ku butegetsi wari wabahamagaye kugira baze kubaka igihugu cabibarutse.

Uwo arongoye umugambwe uturukamwo umukuru w’igihugu asaba Alexis Sinduhije arongoye umugambwe MSD na Pascaline Kampayano wo mu mugambwe UPD-Zigamibanga batahutse kuri uyu wa gatandatu gutunganya neza imigambwe yabo. Abasaba kandi kuba hafi y’abanywanyi babo mu Manama ariko bubahirije amategeko agenga imigambwe hamwe n’ibwirizwa nshingiro.

Pascal Nyabenda amenyesha ko ari vyiza ko abo banyepolitike batahutse kandi ko bazokwitaba inama ikomeye yatunganijwe n’ibiro vya ONU mu Burundi. Iyo nama ikaba izotangura kuri uyu wa mbere italike 11 gushika italike 13 uku kwezi kwa Ntwarante hano i Bujumbura izohuza abanyepolitike bose barongoye imigambwe iri mu gihugu hamwe n’abandi bose begwa n’ico kibazo. Yavuze kandi ko yizeye ko bazotanga ivyiyumviro vyubaka.

Yemeje ko iyo nama iri mu rukurikirane rw’izindi zimaze gutunganywa mu ntumbero yo gutegura neza amatora yo mu mwaka w’2015 no kwerekana ibikorwa vyo kwihatirako mu ntumbero y’uko ayo matora yokwitabwa n’imigambwe yose kugira habe ihiganwa rya politike.

Pascal Nyabenda ahamagarira n’abandi banyepolitike bahunze inyuma y’amatora yo mu mwaka w’2010 gukubitiza agatima mpembero bakagaruka kwubaka igihugu cabo no gutunganya neza imigambwe yabo, kanatsinda ngo nikwo kwitegurira amatora neza.

kw’ifoto: Pascal Nyabenda, arongoye umugambwe CNDD-FDD


Pierre Claver Niyonkuru

Messages

  • Ugutaha kwabo barongoye imigambwe bari bagiye hanze nivyiza.Nibegere imigambwe yabo hama bakore politike ituje kandi itanga amahoro kubarundi bose.Nibakore bashize umutima munda .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.