Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambwe CNDD-FDD uremera ko ikirangaminsi c’amatora gishobora (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe CNDD-FDD uremera ko ikirangaminsi c’amatora gishobora (...)

Umugambwe CNDD-FDD uremera ko ikirangaminsi c’amatora gishobora guhinduka

vendredi 8 Rusama 2015

Umugambwe CNDD-FDD uremera ko ikirangaminsi c’amatora gishobora guhinduka mu gihe umurwi ujejwe gutegura amatora CENI wokoresha ubuhinga, ntihabe ihungabana ry’inzego.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku muhingamo wo kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 8 Rusama,Pascal Nyabenda arongoye umugambwe CNDD-FDD amenyesha ko umugambwe CNDD-FDD umaze iminsi mu biganiro bibera mu murwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU waje gukurikirana ivyo amatora mu Burundi.

Pascal Nyabenda amenyesha ko mu vyo biga harimwo ko ikirangamunsi c’amatora cohinduka, ivyo navyo akaba ari ibintu bishoboka ariko bagatinya ko inzego zohava ziheza ibiringo igihugu kikagwa mu kaga. Umukuru w’umugambwe CNDD-FDD akamenyesha ko naho ikirangaminsi c’amatora cohinduka, bitoba urwitwazo ku bari mu migambwe itavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi, rwo kurondera kuja mu ntwaro nfatakibanza.

Ku bijanye n’amakenga y’umutekano mu gihe hasigaye umunsi umwe ngo imyiyamamazo itangure, Pascal Nyabenda yavuze ko imyiyamamazo izoba kuko bafatira akarorero ku munsi mukuru w’abakozi wahimbajwe hamwe n’ikibazo co mu mwaka wa 6 cakozwe,ariko asaba abajejwe umutekano gukora ico gikorwa neza.

Mwomenya ko bamwe mu bari mu migambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi, hamwe n’uwurongoye umuryango w’ubumwe bwa Afrika, bamenyesheje ko amatora adashobora kuba mu gihe igihugu kikiri mu bihe vy’umutekano muke, wibonekeza mu Burundi.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.