Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambwe CNDD FDD wakeje MONUSCO wiyamiriza Amnesty International - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe CNDD FDD wakeje MONUSCO wiyamiriza Amnesty International

Umugambwe CNDD FDD wakeje MONUSCO wiyamiriza Amnesty International

jeudi 14 Myandagaro 2014

Umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD, Onésime NDUWIMANA, amenyesha ko icegeranyo ca Amnesty International cerekana ko agateka ka zina muntu n’intwaro ibereye bitubahirizwa mu Burundi cakozwe hisunzwe amatohoza yuvuye ibinyoma bivugwa n’abashaka ubutegetsi. Onésime Nduwimana aragaruka agakeza icegeranyo ca MONUSCO kivuga ko ata cerekana ko urwaruka rw’abarundi rukoreshwa imyimenyerezo ya gisikare muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Ishirahamwe mpuzamakungu Amnesty International ryaheruka gusohora icegeranyo cagiriza Reta y’Uburundi ko yugaye urubuga rwa poritike hamwe no kwishira n’ukwizana kw’amashirahamwe yigenga, ukumenyesha amakuru n’agateka ka zina, mu gihe himirije amatora yo mu mwaka w’2015. Urwaruka rw’Imbonerakure rwagirizwa muri ico cegeranyo ko ruhohotera abo batavuga rumwe muri poritike. Mu mugambwe CNDD FDD bavuga ko abakoze ayo matohoza bisunze imvugo ya bamwe mu banyeporitike n’abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike barenza urugero iyo amatora yegereje. Muri CNDD FDD barashima ahubwo icegeranyo ca MONUSCO kivuga ko ata myimenyerezo ya gisirikare ikorwa n’urwaruka rw’abarundi mu buseruko bwa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

JPEG - 36.6 ko
Onésime Nduwimana, umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD

Onesime Nduwimana, umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD amenyesha ko abavuga ko urwaruka rw’Imbonerakure ruhohotera abo batavuga rumwe muri poritike atarivyo, kuko bafatira mu kivunga. Onésime Nduwimana ati : "Ababikora ntibabitumwa n’umugambwe, bagashobora kandi guhanwa n’amategeko." Yatanze akarorero k’abaheruka guhanwa i Gihanga, Marangara, n’ahandi.


Egide Nduwimana

Messages

  • Babwire nyakwubahwa abo bantu ntibunva,ariko kobanse kwunva bazunvirana,ubuho sibimwe vyakera aho bakiza uwo bashaka ,bakica uwo bagomvye kwica,uyobegwa umunyamugambwe canke uwo muri societe civil,bose basigaye arurudubi nakajagari.

  • wunva uyo mugabo afis ijambo m’ubantu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.