Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambwe CNDD-FDD waragize ico ushikirije inyuma y’ivyashitse kw’isoko nkuru (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Umugambwe CNDD-FDD waragize ico ushikirije inyuma y’ivyashitse kw’isoko nkuru (...)

Umugambwe CNDD-FDD waragize ico ushikirije inyuma y’ivyashitse kw’isoko nkuru ya Bujumbura

mardi 29 Nzero 2013

Inyuma y’aho isoko nkuru ya Bujumbura ihiriye kuri uno w’Imana igenekerezo rya 27 Nzero 2013,umugambwe CNDD-FDD warashikirije itangazo kuri uno wa mbere igenekerezo rya 28 Nzero 2013.

Muri iryo tangazo ryashikirijwe n’umugambwe CNDD-FDD uri kubutegetsi kuri uno wa mbere,warashikirije ko wifatanije n’abanyagihugu bose b’abarundi hamwe mbere n’ababuze abantu, n’ababuriye ivyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura inyuma y’umuriro wadutse kuri uno w’Imana.

Umugambwe CNDD-FDD warahojeje abo bose bakozweko n’iryo sanganya ukaba ubasaba kandi ko bokwigumya.

Umugambwe CNDD-FDD warashimiye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza hamwe n’abandi bategetsi bakuru b’igihugu kuko berekanye ko bashigikiye abanyagihugu b’abarundi.

Umugambwe CNDD-FDD wasavye amabanki ko yoja hamwe n’abanywanyi bayo baburiye ibintu mu mucanwa wadutse mw’isoko nkuru ya Bujumbura,ukaba watumiriye abadandaza ko batofatira kuri ivyo vyashitse mu kuduza ibiciro.

Muri iryo tangazo ryashizweko umukono n’umugore w’umugambwe Pascal Nyabenda,yasavya abarundi ko batokwumviriza amajambo y’abanyapolitike ahubwo ko borindira ibizova mu matohoza.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.