IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umugambwe CNDD-FDD wasavye abarundi kwima amatwi aboshaka kubacanishamwo

Umugambwe CNDD-FDD wasavye abarundi kwima amatwi aboshaka kubacanishamwo

mardi 1er Mukakaro 2014

Mw’itangazo wasohoye kuri uwu wa kabiri umunsi Uburundi buhimbaza imyaka 52 Uburundi bumaze buronse intahe y’ukwikukira, umugambwe CNDD-FDD wakeje Abarundi n’Uburundi kuri uwo musi mukuru udasanzwe, aho bibuka imyaka mirongo itanu n’ibiri iheze igihugu ciganzuye bakavamahanga, ibendera ry’Uburundi rigahungabana, igihugu kikagira ijambo mu makungu.

Nk’uko tubikura muri iryo tangazo ryateweko umukono na Onesime NDUWIMANA, umuvugizi w’umugambwe CNDD-FDD, inyuma y’iyo ntahe yo kwikukira, ubumwe bw’abarundi bwaratosekaye, igihugu kiraca mu kabi kabishe, abanyagihugu baricana bivuye ku Barundi bamwe bamwe bahahamiye amaronko, bahemukira iragi ry’uwiguze Uburundi Rudoviko Rwagasore. Muri iryo tangazo bati : "Barayamaze ngo « Ahari abagabo ntiharwa ibara », imyaka n’iyindi irangiye, abarundi baricaranye, baraganira gushika aho bitorera indongozi zisunga ivyiyumviro vy’incungu z’Uburundi.

JPEG - 176.3 ko
Onésime Nduwimana, umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD

Iryo tangazo rivuga ko umugambwe CNDD-FDD ata kindi waharaniye kandi n’ubu uharanira atari kubungabunga intahe yo kwikukira no kugarukana ukwizerana hagati y’abonse rimwe, ivyo navyo bikaba biri mw’iragi twarazwe na Rwagasore, umugambwe CNDD-FDD wiyemeje gukurikiza. Ni naco gituma, umugambwe CNDD-FDD uvuga ko usubiye gusaba Abarundi ko bokwama bafatanye mu nda, maze bime amatwi abo bose boza bashaka kubacanishamwo.

Umugambwe CNDD-FDD, wasubiriye kwibutsa abanyagihugu bose, ko bobumbatira iyo ntsinzi Uburundi bwaronse, mu gukomeza amahoro n’umutekano, baje hamwe, bagire urunani rw’intamenwa mu gushira imbere ubumwe, ibikorwa, ubutungane n’iterambere kuri bose, gurtyo bazoba bariko barubahiriza iragi barazwe n’incungu y’Uburundi, umuganwa Rudoviko Rwagasore.


IGIHE

Messages

  • Ariko koko karashize ingani,mube abambere mugutera umudugararo mugihugu muce muja kw’isunzu y’inzu mwigiragiza ngo Abarundi bafatane munda mukubumbatira amahoro!!?Muti rero:imbonerakure komeza mutoteze abarundi n’abo babumbatire amahoro!Muti:muntu wese tutabona kumwe ibintu ni uzibe kandi ubambatire amahoro!Muti:muntu wese wabonye integuro y’umugambwe uri k’ubutegetsi y’imbonerakure n’ibirwanisho ziba canke uje mw’ibuye niko kubumbatira amahoro!Muti:muntu ubona turiko turiba nk’isiha,ziba uzoba uriko ubumbatira amahoro!Mwa bagabo,mwa bagabo mwe!Kahise mwebwe burya ntaco kabigisha!!

  • Nibace batangura kwima amatwi CNDD-fdd kuko niwo wa mbere ucanishamwo abanyagihugu. Mukuronswa akazi, kudandaza, n’ibindi hakora nkunzi gusa. Haronka uwuzwi n’abatwara umugambwe cank incuti zabo

  • Komera kubutegetsi mpaka dushike kuri vision twihaye,Abagabo igihugu turakibumbatiye neza caaaaaaane,ntakubokora.kandi abanyagihugu turi maso ntawuzosubira kuducanishamwo ngo tumwihanganire nagato.CNDD-FDD,Tsinda amatora ya 2015 mpaka kuri Amen.

  • Uwo mugambwe ukwiye kwihanura, mugutora uzokwitoza abikwiye, qui a un niveau de réflexion et non pas celui qui est intéressé uniquement par le jeu de football comme les petits garçons. Il faut voir clair et cesser tous les maux qu’ils causent àla population innocente. En tout cas pour un intellectuel digne de son nom ne voterait pour le CNDD-FDD en moins qu’il vise un haut poste

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.