Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambwe CNDD umenyesha ko kwigiza inyuma amatora atari inyishu ku kibazo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe CNDD umenyesha ko kwigiza inyuma amatora atari inyishu ku kibazo (...)

Umugambwe CNDD umenyesha ko kwigiza inyuma amatora atari inyishu ku kibazo c’Uburundi

mercredi 3 Ruheshi 2015

Umugambwe CNDD urashimira abakuru b’ibihugu vyo mu karere kuba barerekanye ko ibisabwa bidakwiye kugira habe amatora yigenga kandi y’ukuri mu Burundi,gutyo bagasaba ko amatora yigizwa inyuma ikiringo c’ukwezi n’igice.

Nk’uko biri mw’itangazo ryateweko umukono na Leonard Nyangoma arongoye umugambwe CNDD kuwa mbere igenekerezo rya 1 ruheshi,umugambwe umenyesha ko naho abakuru b’ibihugu vy’akarere basavye ko amatora yokwigizwa inyuma ivyo bidakwiye kuko bari gushika kure bakiga n’ibindi bibazo.

Umugambwe CNDD umenyesha ako wari wizeye ko abakuru b’ibihugu bari gukoresha ibikorwa mu gushigikira abarundi mu kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu ari naco nyanduruko y’umutekano muke uri mu gihugu,bakongera bagahatira ubutegetsi kuja mu biganiro vyotuma haba inzego nfatakibanza mu kiringo c’amezi 24 n’imiburiburi.

Muri iryo tangazo umugambwe CNDD umenyeshako iyo ntwaro nfatakibanza yoba ifise igikorwa co gusambura umurwi w’abanyagihugu wahawe ibirwanisho kandi ukavyakwa,ikongera igashiraho umurwi CENI utegura amatora wumvikanyweko na bose,gutunganya gushasha amatora,gushiraho iyindi sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro,gutunganya itahukanywa ry’impunzi,hamwe no gutunganya amatora yitabwe na bose,kandi abaye ku mugaragaro.

Umugambwe CNDD usaba abanyagihugu bo mu bindi bihugu gushigikira abarundi,abakuru b’imigambwe itavugarumwe na Reta,n’abari mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike kuko ukwiganzura kw’umunyagihugu w’umurundi ari ukwiganzura kw’isi yose na Afrika.

Umugambwe CNDD urangiza usaba ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika hamwe n’abafasha Uburundi gufatira ibihano abo bose bakoresha agatima k’ubukoko mu kubuza abari mu myiyerekano,abakora ubwicanyi hamwe n’abakora ibikorwa bisinzikaza agateka ka zina muntu.

Messages

  • MUTAMA TRANSITION NIMWUMVIKANE NTAMURUNDI AYOBEWE AMABI YA TRANSITIO TWASAHURWA HARAKANTU

  • Intwaro mfatakibanza twarazisezereye ntakibanza zifise mu Burundi niba arico mwipfuza ga Nyangoma abenegihugu ntitubemerera.

  • iyinkuru ninziza cane twayakiriye

  • ewe nyangoma nugende vyarakunaniye narunvise ko ubuzima bwo mubufarasa bwakunaniye. Ushaka intwaro nfatakibanza kugira urabe ko woronka voix de sortie. mbambo, tuja mu matora hanyuma umuntu wese aronke ivyo yabiriye akuya. Nayo ngo ama 3 eme mandant iyo ni sloga ya batutsi na bahutu ba quant j etais bafise nostalgie du pouvoir. gendaaaaa

  • Uwo muja arasara mbega ko avuga ngo intwaro mfatakibanza ashaka gutwara? Ahubwo niyiyahure kwivyo yashaka atarivyo bashitseko.

  • Mutama Uravuga Ntuvura.Iyaba Wabwira Abumva,igihugu Kiba Giteye Imbere Cane.Warabareze Barakura,baruhuka Bakwirukanye,erega Bafise Umuvumo.Uwahora Ari Umuvugizi W,ugambwe Murongoye Nawe Yaraye Aguteye Akagero Ngo Arumvise Aho Bigira Bishe.Na Rwasa Arahagabira Kuko,aronse Umuhemu.Uwubahuka Kuvuga Ko Umugambwe Wanyu Ataco Wamumariye!Ngo Ni Nkurunziza Yamushize Muri EALA! None Ubu Yarabuze Aho Amushira?Kombona Amaze Igihe Kinini Mubushomeri,

  • jewe nibazako ahayeagangabuka cankeasigaye arumukehabwenke(umusazi) aribazako abarundibumutima tugishakaintwaro zamagaburanyama

  • None kumengo iyo bija hose harimwo amoko! icobashobokera rero ko kibananiye murabarundi mwese kandi induru ziza imbere nizabahutu n’abatutsi nimugihe abatwa beneco canke muhamagare abazungu bobo babishoboye.Ico utashoboye uhamagara uwagishoboye.

  • Ewe nyangoma ,ntibizopfa bishitse,aho mwikuye mu matora ngo utwo tugambwe twanyu twinjire mu ntwaro mfatakibanza?Muja ngaho mwe na ba Pancrace mugateza ingwano mu gihugu mwibaza ngo tuzobareka,mwavuye mu matora reka abayashaka bayajemwo,nimumaramare neza!

  • Dusavye nabandi banyepolitike basabe transition kuko muburundi ntahoturikoturaja ibintubikimezukubiri,uwanka transition nuwufisicoyiyagiriza.akarorerokeza twokwisunga:bourkina fasso.

  • Nyangoma Komera Kumuheta Knd Tubaye Turagukeza Kuko Ari Wewe Ugiye Gutwara Uburundi Inyuma Yiyicwa Rya Petero Nkurunziza!Harakey Turabe Ivyaw Naw!Kugiti Canj Ndakwizeye!Hezagigwa!

  • Erega Nyangoma ntabesha ingerane sihoziri ingorane nuw ugomba guhindura amasezerano ya Aru sha yinyegeje kandi nkebure abahutubari mu umugambwe urii kubutegetsi bareke guhendwa ntibafashe igihugu ariko namase zerano ya Arusha yabazanye kandi nat wetwarimo. Abatutsi ntahotuzobashira rekatubane barundi ntamukuru wigihugubi teze ariko naho yomuba atwaye neza ntangorane. Mbona nuwodufisubu ari nka Micombero atarukunig abo avugako basangi yubwoko ntakindasho boye

  • EWE NYANGOMA UZOPFA URUSHE!!!

  • Emwe uwuramvye arabona, ngo NYANGOMA bamuhe transition urantwengeje, mbega ko n’umugambwe wawe uri ku munwa gusa nta kintu nakimwe wateguye wewe. Ahubwo tekereza utekane nta transition uriko uraronka barakubeshe abo bazungu. Mwe na Pancrace genda mubandanye muhende abo bazungu mugabo umusi baba kemye ukuntu mubiba mwemera ubuki mutegeka bazobaruhukiriza i Lahaie mwama muririmba. Kuko nka wewe ntiwigeze uhunguka kuva 1993 kuko ntamuryango wigeze uzana ino i Burundi. Wewe guma iyo kuko narya waronse muri 2010 ubu nta ni nusu yayo woronka. Tekana nakare washaje ko musigaye mushaka ubutegetsi buciye muri Coup d’Etat muga ubu mwarabibonye urabaza wa mu Generali muva hamwe wareze KIROHO azokubwira inkuru. sawa.

  • Nyangoma rira wihorere abarwanyi barakugwaranye kwashi harakantu mbega uribuka bakuririmc ngo rungika masasu nyangoma wahutu wamekufa nyangoma harayo wigeze uronka? mureke Nkurunziza atware wewe uzorinda uhwera udatwaye igihugu kuko wewe iwawe vyose ni oya umengo warapayutse very sorry

  • Imbere yo kugira ico uvuze bwna NYANGOMA,manze wishikane murunani amizero y’abarundi nka francois BIZIMANA.kuk naw novuga sinzi kuri umu acteur politique,independant canke umukuru w’umugambwe sans membres.mutange umuco imbere yo gusaba transition.

  • Mbega yemwe hari ikndi yovuga ,ngo imyaka ibiri ya transition ayo yoba ari amatora bwoko ki,abandi bayateguye kuva kera ni we bo na vyi pancrace bishinze kuja kuzibiza imfashanyo muri europe ,nico cabaraje ishinga,none bungutse iki?Ahubwo je nagira union européenne izoyahagarika ice iyabashirira kuri comptes zabo,hahahhhaaaa!!!!Vraiment nyangoma ikibi mwakorera abo mutava hamwe,ntuzopfa utwaye ahubwo iyuja muri sommet darsalam nawe ukamara 26 muri garde àvue,nka ca pancrace bavunduruye mw’i hoteli sa cenda z’ijoro kigaramye,peut etre cari cajanyeyo umu massaai,hihihiiiii,mama jewe,mwikuye mu matora none mushaka 2 ans de transition mwiba igihugu ngo nugutegura amatora,n’utugambwe dufise le fondateur seul comme membre dushaka kuja muri gouvernement,emwe muratwengeje kweli sinarinziko abantu bakuze bashobora kurota ku murango,aho godefroid mwari mirindiriye ko mwese abatahana ngo muje muri transition,vraiment,abatutsi bari babarindiriye ngo babagire misumillah,niyo mpembo bari babarindirije uyu mwanya nta na transition muba muriko muravuga,turabiyamirije nutwo tudumbidumbi twanyu genda mubwire ababirigi babashigikiye babashire muri transition i wabo!!!!!!!

  • Ariko ivyomuburundi biratwengeje! aha nyene uwo mukehabwenge ngo ninyangoma yashimitse ngo mpaka atware igihugu! umuntu abamuyoboka arabo murugo iwe gusa ngo intwaro mfata kibanza! ako niko kazi kibiyayuramutwe bishinge be naba paccy! nyangoma rira wihanagure igihugu uzoguma wumva gitwarwa ariko kwitwa president umusi wanabirose ninkukwo uzoburosupfa! ninde yakubeshe ngo igihugu nicimihimbiri yose? muzi gucanishamwo abantu mutari no muburundi! uramwumva ngwaradedemba! mwarahinyutse!!

  • Nyangoma uwaguhenze ngo uzopfa ubaye president yaraguhenze kweli! ntanisoni ugira nuwomugambwe wawe abanywanyi bawo arabana bawe numugore bonyene? muzi guteranya gusa mugaramye hanze yigihugu! urumva ngo muradedemba!!

  • Ahubwo urasara ndake!Na mutama rwasa avuga ko atamfata kibanza ashaka!ingo rwasa abatsinde

  • Iryo tangazo niryiza ryofasha kubogora Igihugu. Ariko Sinzi ko agatima kuburyarya n’uruyeri ruranga abarundi boryerekwa?
    Erega ingorane dufise zihagaze ku barundi baterekwa isabikanya ry’ukuri nukwigungirako,batazi gushira imbere inyungu z’aborundi bose !

  • Iryo tangazo niryiza ryofasha kubogora Igihugu. Ariko Sinzi ko agatima kuburyarya n’uruyeri ruranga abarundi boryerekwa?
    Erega ingorane dufise zihagaze ku barundi baterekwa isabikanya ry’ukuri nukwigungirako,batazi gushira imbere inyungu z’aborundi bose !

  • Abatanze ivyiyumviro vyanyu ngaha kuvyerekeye iri jambo ryashikirijwe na Nyangoma nasanze benshi muri mwebwe mwanka uwuvuga ukuri,,kuko Nyangoma iryambo yavuze, umuntu wese akunda uburundi adshize ivyumugambwe imbere yomushigikira....mbe ndababaze,uko kwezi n’inusu basubije inyuma kuvyerekeye amatoro nicagera abayimariza ikiringo ca 3 ca Peter Nkurunziza bakabandanya bamwiyamiriza ko arivyo bigiye kuba hama bakongera kandi gusubiza amatora gushika aho ikiringo ca Peter nkurunziza kirangira kuko kuzorangira mu mpera za August bizoca biganda gute???igihugu kizoba kirongowe nande murico gihe??mbe Peter Nkurunziza niyahava mumbonera amaherezo yiwe ari ayahe??Mbe abashinganahe ba CNDD FDD ntibabona ko Peter Nkurunziza ariko aha isura ribi umugambwe wabo??nibabandanya bamureka akikorera ivyo ashaka azohava atembana umugambwe wose,nakare numva ko ariki zanano muri CNDD FDD murahagabira

  • Yewe Bosco Itonde Kuk Urumuja Ntuzi Amabi Ya Nkurunziza?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.