Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambwe FNL urahakana ko inzego zirongoye igihugu zavuye mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe FNL urahakana ko inzego zirongoye igihugu zavuye mu (...)

Umugambwe FNL urahakana ko inzego zirongoye igihugu zavuye mu biganiro

dimanche 6 Nyakanga 2015

Umugambwe FNL umenyesha ko ibishikirizwa n’umugambwe CNDD- FDD aho uvuga ko inzego zirongoye igihugu muri kino gihe zavuye mu biganiro,uterekanye aho ivyo biganiro vyabereye n’uwo babigiranye.

Mw’itangazo ryateweko umukono n’umuvugizi w’umugambwe FNL Aime Magera kuri uno w’Imana igenekerezo rya 6 Nyakanga 2015,umugambwe FNL umenyesha ko utazokwigera wemera guca mu nzira zitari zo mu ntumbero yo gusaba ibibanza mu nzego z’igihugu.

Muri iryo tangazo,umugambwe FNL umenyesha ko mu gihe ariwo wabaye uwa mbere mu gushira ibirwanisho hasi mu Burundi,atariwo wogaruka ngo ube uwa mbere mu kubitora mu gusaba uburenganzira bwabo.Uvuga ko ivyo umugambwe CNDD FDD wakoze mu kugena umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ngo awuserukire mu kibanza c’umukuru w’igihugu ari ingingo ataho izoshikana igihugu.

Umugambwe FNL uboneraho akaryo ko kumenyesha ivyokorwa kugira amahoro aboneke mu gihugu,mu gihe haheze igihe hari ukutumvikana mu bijanye na politike.

Umugambwe FNL usaba ko umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yogena umuhuza mushasha mu bibazo vy’Uburundi,uwo nawe akaba yova ku mugabane utandukanye n’akarere k’ibiyaga binini,nawe akaba yokora mu ntumbero yo gufasha canke gusubirira umuhuza Yoweri Museveni,umukuru w’igihugu c’Ubuganda.

Umugambwe FNL usaba kandi iyugururwa atakirinze gusabwa kuko ata politike ishoboka mu gihe amaradiyo yigenga adakora.

Umugambwe FNL usaba kandi ko igipolisi n’urwego rw’igendereza bohagarika guhagarika no gupfunga abadashigikiye ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu,hagasubira gutangura ibiganiro birimwo bose birongowe n’umuhuza mushasha.

Muri iryo tangazo kandi,umugambwe FNL usaba ko urwaruka rw’imbonerakure n’abandi bose batunze ibirwanisho bicira umuriro batabifitiye uruhusha kuvyakwa,kandi hakorwe ibishoboka kugira abarundi ntibabandanye guhunga mu bihugu bihana imbibe n’Uburundi,hategurwe uko bahunguka.

Umugambwe FNL usaba isirahamwe mpuzamakungu ONU,ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya niryo Ubumwe bwa Afrika,gukoresha ibikorwa atari amajambo gusa mu kwumvisha umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza n’umugambwe CNDD FDD ko inzira y’inyishu y’ikibazo kiri mu Burundi ari ibiganiro.


Van Naris Mugisha

Messages

  • IMANA NI NZIZA.NTAHO IZOREKURIRA IGIHUGU C’UBURUNDI NGO KIJE MUKAGA.NIMUKORE IBIGANIRO HAMA MUHEZE MUSHIKE KUCIPFUZO CANYU.

  • ibiganiro ningombwa, ariko ibimushaka vyo bizomara 5ans atakiravamo gifatika.

  • none abo ba fnl ubu nihobagiye babona ukuri aho kuri nahabandi bavugiye? mana hindura beshi

  • Mutama komere ubugabo burihabwa.nibarekure abapfuzwe bazira ubusa semerera murabe ko bubakurayo.ramba mutama

  • Hihihiiiiiiiii,mbega uyo avugira uyuhe mu gambwe?Rwasa akazi arakarembeje nawe ngo ibiganiro?Mbega uyo yirigwa ararya amafiliti na za mayonnaise i bulaya ata n’agapapulo yarondeye,ubu aza ari mukugwara umutima ,ivyo atubwira ni ibiki?Nanume areke abari mu gihugu bakore .Ama radio y’aba putshistes bashaka kumara inganda,ngo yugurugwe atagisabwe?Nibafatwe nyabuna abo ba journalistes de malheur bari bigize ngo ni deuxième pouvoir izo mbwebwe ,imihimbiri yose y’abanyarwanda yishwe n’urumogi yirigwa yiterura imbere ya za camera ngo bariko bagwanya ubutegetsi izo ngegera,kabisa nibayugurure ubuho ni abanyagihugu tuzoyisamburira bayuguruye,izo zari inzogera z’imbwa ntiyari amaradio yirigwa arateranya abantu ariko twarabahinyuye ,kumbura magera wumvirize RTNB ntaco vyokugira.

  • Mbe iyo nkinamico urimwo yitwa ngwiki?uracari kumwe na gwasa canke usigay uri rebelle kuri we?

  • ko mwiyamamaj mukaronka ubusa ntimwari mwitez kudibama mukibanza ca rwasa ubu mubibuz niho mubona KO bitagenda neza muburundi? IVYO BIDA VYANYU NIVYO BIHANZ UBURUNDI

  • Imana dusenga ntiyemere ko igihu kigwa mu kaga. mbe ko FNL yahora yemera PETER bigenz gte? Ahaa! MANA dufashe.

  • Imana dusenga ntiyemere ko igihu kigwa mu kaga. ibiganiro ninkenerwa kandi n’abahunze barakeneye gusubira mu gihugu c’amavukiro. IMANA ibaje imbere ntimuzimire.

  • Politike ni haram magera arisubiyeko inyuma kubura ikibanza yarondeye haaaa..., biragoye

  • Ewe Magera, woshakanyabuna woshimira Imana kubona abarundi batanguye kuzabarikenyurira ibibazo batarinze kwiruka inyuma yabobazungu urikurasaba ngobarihirya y’Africa/Ibiyaga binini. Mbesha ntiwibuka ukuntu murikahise twaryanye abobazunyu usumbisha abanyafrika barebera imyakanimyaniko agahera? Washaka wokoneza ugaahimira Imana Ko ikomeje kwiyereka abarundi bakijenurira ibibazo gushikayaho bamwenabandi nawurimwo busigaramuvugango nubwo ibintu birikobirajamuburyo ngontanicicaro tuzivyakorewemwo!? Iyonintambwemwene data!.

  • Erega abantu bamwe bamwe za mubareka,yirigwa ngaho yomanga ateranya aba fnl n’aba cnddfdd yigira umuvugizi wa je ne sais pas qoui,nabanze aje kw’ishure imbere yo kurondera ibibanza,ubu uburundi bwuzuye abize bakorera igihugu harya nyene nibo babikwiye nayo abantu nka ba magera bavugira mu bubiligi bagaca bibaza ngo ijwi ryabo rishika kure,bateshwe bate,rwasa ariko aragakora nawe nabe arivugira ibitagira umutwe n’amaguru.

  • vyoba vyiza hamwe nsmwe mwokwikubita agashi mukabona ko mwahezw

  • vyoba vyiza hamwe nsmwe mwokwikubita agashi mukabona ko mwahezw

  • Nyakubahwa Magera ba urigumira mubuhungira Ni haza presida wiyunvamwo uzohunguka natwe duhe amahoro buraca bugacana ayandi

  • igikuru nuko mwoja hamwe mubiganira mukumvikana ibisigaye navyo igihugu kikarangwa amahoro numutekano

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.