Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambwe FNL werekanye aho uhagaze kw’ipfungwa rya Mbonimpa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe FNL werekanye aho uhagaze kw’ipfungwa rya Mbonimpa

Umugambwe FNL werekanye aho uhagaze kw’ipfungwa rya Mbonimpa

lundi 30 Ruheshi 2014

Umukuru w’umugambwe FNL, Jacques Bigirimana yasavye umukuru umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ko yokoresha ububasha ahabwa n’amategeko akarekura Petero Karaveri Mbonimpa umukuru wa APRODH apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba yagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu n’uwo hanze y’igihugu.

JPEG - 2 Mo
Jacques Bigirimana, umukuru w’umugambwe FNL

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Jacques Bigirimana, umukuru w’umugambwe FNL yamenyesheje ko yemera ko habaye ukwihenda mu matohoza yakozwe na Petero Karaveri Mbonimpa, umukuru w’ishirahamwe APRODH. Mu masanamu yerekanye ku bijanye n’imyimenyerezo ya gisirikare yoba ikorerwa mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo n’urwaruka rw’abarundi, habonetsemwo isanamu imwe bivugwa ko itoba ari iy’abarundi. Mu mugambwe FNL urongowe na Jacques Bigirimana bamenyesha ko ubutungane bw’Uburundi butokorera kuri ukwo kwihenda mu matohoza, ahubwo ko bokwibuka ivyiza vyinshi Petero Karaveri Mbonimpa yamariye abarundi, mu mugambwe FNL bakamenyesha ko bafitiye icubahiro gikomeye kuri uwo mutama yagiriye akamaro igihugu c’Uburundi. Jacques Bigirimana, umukuru w’umugambwe FNL yibutsa mbere n’abatwara ubu ko bashobora kuzomukenera muri kazoza.

Muri uwo mugambwe basaba umukuru w’igihugu ko yokoresha ububasha bwose ahabwa n’amategeko, akarekura uwo mukuru wa APRODH, Petero Karaveri Mbonimpa, kugira ahimbaze umunsi mukuru w’ukwibuka imyaka 52 Uburundi bumaze bwikukiye ari mu muryango wiwe. Jacques Bigirimana, umukuru wa FNL ati : "Petero Karaveri Mbonimpa agumye mw’ibohero ntaco bishobora gufasha."

Muri ico kiganiro co kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 30 Ruheshi 2014, umukuru w’umugambwe FNL, Jacques Bigirimana arahakana ko ata mashami ari muri uwo mugambwe, kandi ko ata kwiyunga gutegekanijwe hagati y’umugambwe FNL na Rwasa Agathon yahoze awurongoye. Jacques Bigirimana amenyesha ko umugambwe FNL udashobora kwiyunga n’umuntu avuga ko atemera inzego nyobozi z’uwo mugambwe zatowe n’abanywanyi.

Jaques Bigirimana amenyesha ko imiryango yuguruye kuri Rwasa Agathon n’umunywanyi wese wa FNL azoshaka kugaruka mu mugambwe, ariko akabibutsa ko hari inzira bicamwo, n’amategeko agenga umugambwe ategerezwa kubanza kwubahirizwa.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ngwaradedemvye wew ntahutandukaniy n’umugore nahonyene ataruwubu kuk abubu baribonera,subiza umugambwe wabandi hakiri kare utaribonerak wa mpenewe

  • Komera kumuheto Mr. Jacques Bigirimana, kukiganiro uhejeje gushikiriza abarundi n’amakungu, usaba leta ko borekura mutama Mbonimpa"bravo" abarundi, ico twogusaba nuko wofasha mukwereka leta ya Nkurunziza, ico yamaze uwo mutama Mbonimpa kandi turazi yuko ur’umwishikira kwa Nkurunziza. Bonne chance.

  • JACQUES KUBA HARICO MBONIMPA YAMAZE EGO KIRIHO!! ARIKO KANDI KUBA YARAKOSHEJE NACO NIKINDI!!!!!!!! NASABE IKIGONGWE LETA YEMEREKO YAHENZWE AGAKORESHWA NABATIFUZA KUBONA IGIHUGU GITWARWA NABAGITWARA!!!!!! IKINDI NACO UWUMUBURANIRA YEMEJE KO UBU BAFISE IVYEMEZO SINDAMUSIGA BAZEREKANA KUWAGATANU, REKA TURINDIRE BASESERE AGATABI LETA, BITAGENZE UKO NAHO AZOSUBIRA GUCA AHO YACIYE MUBINYAMAKURU ASABE IMBABAZI. NAYO GUFA KUMUREKURA KOBA ARI AKAGAYE.

  • yakobo turagushimiye kuriryo jambo ryawe rijanye nivya mbonimpa. ariko genda urabe mbonimpa mwibuye umuhanure asabe ikigongwe leta nabarundi. uvuyeyo ucuja kwa pacific (focode), vital (forsec) na muhozi (rennaissance) rugurika (rpa) nabo ubahanure bamusabire ikigongwe nabo bongere bacisabire

  • Uwowese arandamuka akavuga ngo Mbonimpa ngonarekurwe ahokumubwira ko akwiye gusaba ikigongwe, uwojewe nzokwama ndamwita sesankuyoze. Nashaka kubwira Uwonyakubahwa Yakobo ko Mbonimpa biryayariyapangiwe gukorera uburundi nabarundi iyovyacamwo, ubumubamugeze aho umunyarwanda batazira Rukokoma ( Foustine Twagitamungu) ageze! Kera hariho umurwi wabantu bacimitwe yabantu bamwe bakavugako bajakuyitegeshaka ingona ariko muvyukuri ntabwokwari kuyitegesha ingona ahubwo abayigura bayikorerako politike ikomeye kukobarayitwara bakayerekana bavugako hariho ubwoko bubangamye hariya mubiyaga binini atinimwirebire ukuntu bamaze abantu babacimwitwe ataba nabomubonye ati amashamba aranuka, noneho habaye Jenucide mu Rwanda abaribareretswe bwabuhanga bavuzeko ababuberetse ko batabeshe, nicogituma uyumusi hakunzekwibonekeza ubwoko buvuga mumakungu bukumvirwaningonga hakabaho nubundi kugira babwumvire bicakure, muvyukuri kiriyagihe abatema buryabuhanga bari abahutu ababugura bari abatutsi, abahutu bishakira amafranga abatutsi bishakira kwanduza abahutu bakoresheje abahutunye ubwabo. Mbonimpa nawe nguwobamuhaye amafoto yabiciwe Congo mungwano atahozihuriye nabarundi ngogenda ubigereke kubarundi, Yakobo nawe ngo nibafungure Mponimpa ngoyakozeneza ahorero ntazi uwariko araha inguvu weyibaza kobiryabihuye nibivyama politike yokugira umuntu aronke abanywanyi mumugambwe wiwe, oyasikomimeze biriya vyaribintu vyomurwegorwohejuru nkabwabuhanga nababwiye ahoharuguru.

  • Nyakubahwa DEMOCRATE ndagushiigikiye caane kuvyo ushikirije kuko jewe ndavyunva kumwe nawe100%.mbere nabo bandi banditse ndunva ko bagerageje gushigikira mbonimpa ariko ico bakwiye kumenya nuko atawuri hejuruny’ubutungane,umuto n’umukuru bose barangana,ninaco gituma rero MBONIMPA ategerezwa kubazwa ivyaha yakoreye abarundi n’igihugu camwibarutse,kandi atakinya kibayemwo.Democrate yabivuze neza,abo yadondaguye nibo bamutaye mukaga,jewe nokwongerako RUFYIRI,NYANGOMA,RWASA,NDITIJE yahoze ayoboye iprona hamwe nabo barikumwe,nabone ntawobashira amakenga,kuko invugo yabo irabonekamwo guterintege MBONIMPA nabo bingira ngo barongoye amashirahamwe ngwadaharanira ivyicaro vya politique.kandi baticishije bugufi bazogira ibibazo ndabarahiye.

  • Jacques turaziko urigipfu uburongozi bwawe wahawe na nduwimana ivyo uvuga bavyita kuropoka wanke wemere uburongozi buzosubira kwa rwasa. kuko rwasa agatho niwe yatowemwi kora niro ryabaye, uwokubaza ikibazo wocishura?kuva aho wavugiye ko ariwe urongoye umugambwe FNL nakintu cakamaro ,turabona ugirira umugambwe rero woshaka woshikiriza uburongozi. kuko ivyawe turamaze kubihinyura.uri igisumirinda ukorera mukwaha kumugambwe urikubutegetse. ko shimirimana koyishwe wavuziki?ubu uriko udedemba uvyu udedemba .son rerro mukuvuga ubanza kwiyumvira.

  • Ikintu Mbona Gihambaye Nuko Abarundi Twokwihana Tukamenyako Imana Itagombako Abarundi Duhona!Gusaba Imbabazi Bikwiye Kuva Mumutima Ntibikwiye Gutamikwa Umuntu!Mbega Yemwe!Nivyiza Guhanura Umuntu Agasaba Imbabazi Ariko Nawe Nimba Abona Ukuri Yokuvuga.Mubarundi Benshi, Mbonimpa Na Reta Nibo Bazi Ukuri Kwivyo Yavuze Nimba Arivyo Yatamitswe,arabivuga.Ariko Nahone,guhabwa Imbabazi Ntibisigura Kudahanwa.Reta Nabarundi Bashobora Kumuha Imbabazi Ariko Akaguma Mugasho!Ibi Bintu Reka Tubihe Umwanya Tuzomenya Ukuri.Ikibabaje Nuko Abitwako Badashaka Inyungu Muvya Politike Bayikina Gusumvya Abanyepolitike Nyezina!Dusengere Uburundi Nabarundi.

  • Eweeeh FNL warahumiwe!Kubona usigaye witirirwa ko urongowe na Jacques Bigirimana!?Ese bishoboka gute ngo FNL ya Remi Gahutu ngo irongorwe n’umu cndd-fdd!N’imvugo yawe irakuranga.Ariko nagomba meneshe wewe Bigirimana ko igitugu gikura ariko kitigera gisumba izosi!Uyo Rwasa wifatira mugahanga wibuke ko yigeze kugutwara mu mababa yiwe.Kandi ata n’umusi n’umwe uzigera umwipimako kubijanye no gukunda canke gukorera umugambwe.Bisaba ahubwo ko ari wewe wiga kwicisha bugufi kuko vyozogufasha mubuzima.

  • Wabuze ico ukora uza kwiyamamaza.ayo makosa wumva yakoze yatubwire ko uyazi.imvugo yawe turayizi ko Rwasa yari yaguhaye ubuhungiro muri FNL uhunga amatongo y,abanyakanyosha wariwatwaye wobura kuvuga gutyo.

  • Umuco (clarification):Nise Bigirimana umu cndd-fdd atari uko yigeze kuba umu cndd-fdd,namwise uko kubera y’uko asigaye yitwara nk’umu cndd-fdd.Icibonekeza n’uko yinjiye muri cndd-fdd mugabo abikora yinyegeje mw’izina FNL.Kuko kw’isi nzima nta mu FNL n’umwe yorota agira inyifato nk’iy’iwe:nk’umuntu azi ico ar’ico FNL,yayibayemwo,akayikorera,akaba icipfuzo ciwe ca mbere ar’uko FNL yobagora uBurundi.Urumva akagaye n’ubwishime akoresha mukwitamba hejuru y’abacinyijwe mu Burundi!!Aho arabone neza ko yatsinze rurayi?Aba cndd-fdd arababarirwa ntabo azi.Ariko narindire gato impembo bazomuhemba azoyibona.Yibuke Gatayeli n’abandi n’abandi.

  • Yakobo ivyoyavuze abifitiye uburenganzira bwokubivuga, ariko natwe abataribake twamukebuye kukonawe ngirango mwavyumviseko yivugiye ko Mbonimpa yakozenabi twaseko avugako Mbonimpa yofungurwa andasavye imbabazi abarundi, Ariko twirende gucaturonkeraho akanya kokumushirako iterabwoba ngosu FNL ngontajambo afise nibindi jewe nabaye mubambere bamukebuye kwirijambo yavuze ariko ndamwubaha kandi sishobora gucantamwifatira mugahanga hariho abantubamwe batazi gukoresha democratie naza uzosanga bashaka kuvugako uwomudasangije umugambwe aguciyeko nimodoka akakwunguruza ababibonye bagaca bibaza ngowahinduye umugambwe, abandibabona uwomudasangije umugabwe muhuye mukanezerwa mugatwe bacabavuga ngo yaragiye muwundi mugambwe, Ndashaka kubibutsa mugihe ca Ndadaye hariho imigambwe itarimike icogihe hariho umugambwe FRODEBU,UPRONA, PP, RADESI, RPB yumuhisi Kawushemeye, nabandi, abobosebahuye barayaga arikontawaca bagirizako b avuye mumigambwe yabo kuberarero bahura bakayaga vyatumye RPB ya Kawushemeye niyindimigambwe mugihe camatora yumukuruwigihugu barigiriyinama bahitamwoko abanywanyi babo bazotora umukandida womuri FRODEBU (Ndadaye) Yakobo rero kubona aba CNDD FDD bakayaga ntibimubuza kuba umu FNL nicocerekana umuntu amaze gutahura Democratie icarico, ikindi mukwiyekubamuramenye nuko ahobukera mumatora imigambwe irenga 40 sikoyose izotanga abakandida bokwitoza mumatora yumukuru wigihugu, bisigurikirero vyasebikunze hariho imigambwe izobwira abanywanyibayo kobatora umukandida womuyundi mugambwe nimwabonarero Leonce Ngendakumana atoye CNDD FDD ntibizobatangaze nikomuri democratie bimeze. Yakobo niyaba atarumu FNL muzocemumenyako mu B urundi ataba FNL bahari.

  • MAMA NDAKWEMEYE KUKO NSANZE INKURU UDUHA ARINZIZA KANDI ZIRIMWO UBWENGE BWINSHI, ATARI BABANTU BAPFA GUHURUDUKA. NA POLITIKE UYIZIKO VYINSHI UKWIYE KUZORONKA AKAZI MURI CVR. UGUBWE NEZA, MBEGA WUMVISE KO KURI RPA RUGURIKA YARONSE AYANDI MAKURU YAKUYE IKILIBA YOGUFASHA GUSOHOZA MBONIMPA KUWAGATANU!!!!!!!!!!!!!

  • Iyo nkoramaraso ngo ni Mbonimpa nibayiboherz aho itabona umucanwa. Kandi amafoto ya M23 yakuye kwa Shitani yigize umuntu Kagame nta mwanya abarundi bayafitiye... Ko aterekana amafoto y’abasore b’abatutsi bari kwitoreza mu Rwanda!!!

  • Nyakubahwa mama ndakuramukije kandi ndashima ivyiyunviro vyawe ushikiriza abarundi,ndashimiye kandi Democat nawene yatanze iciyunviro ciza,jewe ndibaza iyo ubwenge bwabo bigira ngo baserukira societes civile iyo bwagiye,hamwe nabo bomuri opposition ivyo bigira nsindabategera kweri.ehe namwe banwanyi ba IGIHE,mumisi iheze bavuga ngwimigwi yabitwaje ibigwanisho bagwanya L’Etat y’uburundi,yateye,bati none L’Etat nibaganire mumagurumasha,ngo babunvirize,babahe ivyo bashaka,L’Etat yoyo yirundi yivugira iti abo nabasuma,nabambuzi bashonje bashaka kwiba nokwica abanyagihugu,none ntimwabonye ko L’Etat yavuze ukuri gayemwe???,none vyoshoboka gute L’Etat irungike ugwaruka mumyimenyerezo iyo nyene muri congo,kandi ahubwo hariyo abatera L’Etat mbere bagasabigwa kuganira na L’Etat y’uburundi,kandi L’Etat ntakuntu yokwitera,yotegura imigwi yabagwanyi boza gutera iyo L’Etat nyene???.ako nakayume,opstion na mashirahamwe yigira ngo ntabibanza vpolitique agwanira,baburiwe,ntibabona iyo tugeze ,ndabasavye guhindura ingendo.kuko twebwe abanyagihugu tubona kure,muzoza kugarura akenge tugeze kure,kandi ikindi nobibutsa n’uko abatanga ubutwaretwibereye ino ruguru MUCARO.reka gukirimbira hiyo mumuji gusa ,no kuma Radio,ivyiza mubisiga ino mugihugu hagati.

  • Njye sinkunze gusoma abandika ama commernts maremare, ariko uyunguyu Mama nubwo arimubambere bandika ama commernt maremare keshyi iyombonye ibyoyanditse nitaho kubisoma byose ukobyakabaye kubera ibyoyanditse ubisangamo amagambo yinkoramutima cyane, Mama komerezaho rwose mubakunzekwandika ahangaha nemera wewenyine urimubambere.

  • Oooooh Mama numvise ndamukuze gayemwe! namankunda gusomagusa amakomanteri ariko sinandike ariko ivyiyumviro vya Mama akunzegutanga binteye kwandika uyumusi,kandi bintera umwete wokubisoma nkabimara wamugani wuyu munyarwanda Rukoko hagezeyaho nishiramwo ko iyontabonyemwo izina rya Mama numvangize umwetemuke wogusoma amakomanteri. Mama nzobura icondamuha ariko nzomwubaha.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.