Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambwe FROLINA wacitsemwo amashami abiri - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Umugambwe FROLINA wacitsemwo amashami abiri

Umugambwe FROLINA wacitsemwo amashami abiri

vendredi 1er Ruhuhuma 2013

Mu mugambwe FROLINA havugwa zuguruzuguru mu barongzi bo hejuru. Umukuru w’umugambwe yahagaritse ivy’imfatakibanza umunyamabanga mukuru amwagiriza amakozsa. Uwo yahagaritswe nawe arikumwe n’abamuyoboka baciye bakombora uwo mukuru w’umugambwe FROLINA.

Abakera barayamaze bati akari mu mpene niko kari no muntama. Ibomborabomboranya rimaze iminsi muyindi migambwe ryatandukiriye umugambwe FRLINA wahoze ari umuhari ugwana.

Umukuru w’uwo mugambwe FROLINA Joseph Kalumba yafashe ingingo yo guhagarika mu mabanga yiwe umunyamabanga mukuru w’umugambwe Adrien Ndayiragije. Amwagiriza ko ashaka gutembagaza umugambwe.

Amakosa nyamukuru ngo uyo munyamabaanga mukuru wa FROLINA arya ibiturire, ntatanga ivyegeranyo vy’amanama atumwemwo n’umugambwe, aratera ibikumu kubintu bimwe bimwe vyega umugambwe atagishije inama inzego n’ibindi ngo biri mu ntumbero yo kudakunda umugambwe, igihugu no gushira imbere inyungu ziwe gusa.
Kubera ayo makosa, umukuru w’umugambwe FROLINA Joseph Kalumba yafashe ingingo yo guhagarika mu mabanga yiwe uwo munyamabanga w’umugambwe Adrien Ndayiragije.

Ku ruhande rwiwe uwo munyamabanga mukuru wa FROLINA arikumwe n’abamuyoboka baciye bafatira nabo ingingo umukuru w’umugambwe. Adrien Ndayiragiye n’abo barikumwe bahagaritse mu mabanga yiwe umukuru w’umugambwe Joseph Kalumba. Nabo bamwagiriza gushaka gutwara umugambwe nk’icibare ciwe. Ngo aha akazi abo ashatse atawe agishije inama. Akarorero ngo ni umugore wiwe, umwana wiwe n’umwishwa wiwe ngo yabahaye akazi kubera ka mwana wa mana. Uwo Adrien Ndayiragije niwe yaciye avuga ko ari umukuru w’umugambwe ivy’imfatakibanza mukurindira ko hakorana inama ya bose.

Ikiboneka n’uko umugambwe wacitsemwo amashami abiri naho umukuru w’umukuru w’umugambwe Joseph Kalumba avuga ko umunyamabanga wiwe Adrien Ndayiragije atabubasha afise bwo gusambura umugambwe.

kw’ifoto: Joseph Kalumba na Adrien Ndayiragije


Pierre Claver Niyonkuru

Messages

  • hahahaha ariko ivyuburundi ati amenyo aragutwenga ari ayawe umungo mu burundi ibintu vyimigambwe n,inkumukino w,umupira wamaguru nzoba mbona aho ivuburundi bigarukira

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.