Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambwe MSD wiyemeje gukurikirana mu butungane abahohotera abanywanyi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe MSD wiyemeje gukurikirana mu butungane abahohotera abanywanyi (...)

Umugambwe MSD wiyemeje gukurikirana mu butungane abahohotera abanywanyi bawo

vendredi 6 Nyakanga 2013

Umugambwe MSD (Mouvement pour la Solidarité et la Démocratie) usaba abanywanyi babo, ku ntara ku ntara, kuza barandika amazina y’ababahohotera kugira umunsi uri izina, bazobibazwe mu butungane.

Haraheze iminsi itari mike hariko havurwa ibikorwa vy’uguhohotera abari mu migambwe itavuga rumwe na Leta. Mu gihe kenshi ivyo bikorwa vyagirizwa urwaruka rukomoka mu mugambwe uri ku butegetsi « Imbonerakure », abarongoye urwo rwaruka bavyamirira kure. Denis Karera, arongoye imbonerakure ku rwego rw’igihugu yamenyesheje ko uwubikora ari ku gatwe kiwe, ataba yabitumwe n’umugambwe.

JPEG - 71.6 ko
François Nyamoya, umuvugizi w’umugambwe MSD

Mu mugambwe MSD bafashe ingingo ko kuva ubu bagiye kwikurikiranira mu butungane abagirizwa uguhungabanya agateka ka zina muntu ku banywanyi babo. Mw’itangazo basohoye ku munsi w’ejo, umugambwe MSD uhamagarira abanywanyi bawo, kuza barandika, ku buryo buramvuye ingene umunywanyi wabo yahohotewe (ikibanza, amasaha vyabereyeko, ivyabona, amazina y’uwabikoze). Iyo naho ari umunywanyi wabo yahagaritswe n’igipolisi, agapfungwa agasakisaki ata mategeko yubahirijwe, basabwa kwandika amazina n’ibiranga uwo mupolisi yamuhagaritse.

Abarongoye umugambwe ku rwego rw’igihugu bakaba biyemeje kuzoca bakurikirana mu butungane uwuzoba yagirizwa. Nk’uko biri muri iryo tangazo, n’aho ubucamanza batazokorera kuri ivyo birego, bitebe bitebuke ubutungane buzokora, uwuzoba yagirizwa ahanwe.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.