Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambwe UPRONA uvuga ko utazi urunani ruheruka kuvuka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe UPRONA uvuga ko utazi urunani ruheruka kuvuka

Umugambwe UPRONA uvuga ko utazi urunani ruheruka kuvuka

vendredi 12 Kigarama 2014

Umugambwe UPRONA wemewe n’ubutegetsi umenyesha ko utazi ivyashikirijwe n’umushingamateka Karori Nditije ko umugambwe UPRONA winjiye mu runani rw’imigambwe yagiye hamwe kuri uwu wa kane, mu ntumbero yo kwitegurira gukura ku butegetsi umugambwe CNDD FDD.

Imigambwe itandatu n’abakinyi ba poritike babiri bose batavuga rumwe na Reta bamenyesheje kuri uwu wa kane ko biyunze kugira baze bahindure inzego mu matora yo mu 2015, mu ntumbero yo gukura igihugu mu ntwaro bita iy’agahotoro n’akarenganyo gakorwa n’umugambwe uri ku butegetsi.

Mu rwandiko rwateweko umukono n’umushingamateka Karori Nditije (UPRONA), Rwasa Agathon (FNL), Umushingamateka Yohani Minani (FRODEBU Nyakuri), umwigisha Ndereya Nkundikije (Vert-Intwari), Ndorimana Benoit, Baricako Aloys (Paside-Imboneza), Haramategeko Hugo (NADDEBU), Nditabiriye Dismas (Raddes), bamenyesheje ku mugaragaro ko bagiye kwitabira amatora yo mu 2015, bahuriye ku migambi imwe yo gushayura igihugu.

Mu mugambwe UPRONA urongowe na Concilie NIBIGIRA bamenyesha ko ivy’urwo runani batabizi. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Gaston SINDIMWO, umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe amenyesha ko ivyashikirijwe n’umushingamateka Karori Nditije yabivuze ku gatwe kiwe, kandi ko bitaraba umugambwe UPRONA.


Egide Nduwimana

Messages

  • ABA BA OPPORTUNISTES BIBAZA NGO ABA PORONA NI ABATARIRA NDA NKABO!!!!!YOOO NTA JWI MUZORONKA KUKO MUKORANA N ABAZI ICO BASHAKA ,,MUZOTANGARA MUGABO NI MUBE MURARYA ATWA DD YAMARA !!!HAAAAA

  • Jewe ndakumenyesheje ko inyuma ya matora uprona izozinga umurizo reka babagendereko biyamurire ivyamwa muzoba mubibona mugabo ntaco be na groupe yiwe bazokwinjira muri cndd.fdd

  • None ga Sindimwo, ari wewe na Nditije ninde aserukira Uprona? Wewe na Concilia muvuga kw’izina rya CNDD/FDD. Uwuserukira Uprona ni uwo abadasigana bemera et non uwo CNDD/FDD yemera. Biroroshe kwumva, nta bwenge bwinshi bisaban’aho ubwawe tuzi ko atari ikirenga. Noguhanura kwisubirira mu kazi kawe uzi neza. Ivya politique ubirekere ababikwiriye.

  • EWE SINDIMWO UGENDANA N’UBWIRA,EREGA TURAZI KO URI UMU CONGOLAIS ,UMUHUNGU WA SINDANO MU NYAKABIGA WIGIZE UMURUNDI,WIBAZA RERO KO ARI WEWE SAMURAGWA WA RWAGASORE,MIREREKANO,NA SIRYUYUMNSI,HEWE BIRAKUGOYE RYA AYANYUMA ,HANYUMA TUKURENZE RUSIZI KWA SO UJE KUGIRAYO PORONA NAHO NYENE BARAYIKENEYE

  • Namba mwonyemerera nobasaba komwomuha amahoro uwomuvyeyi Sindimwo, Nditije yaraye asezereye UPRONA kumutaga ruhangabagabo nizereko mumisi itarambiranye barabatangariza izina ryumugambwe mushasha yagiyemwo, ikindi Sindimwo kubera atarikwaravugarumwe na Nditije aciyahinduka umu Congomani? Nanjerekandababwire nashake abumukongomani cankumufrasa. Ariko mwebwemurantangaza! Nonemuremeje mwishireko abantubose vyasebikunze mubakwege kuguvu ngobabafashe gukuraho leta!? Bibonekanako uwobahogihugu umuntuwese atabashigikiye mwomukorera ishano!

  • Concillie/gaston/ndayizamba/claude/tharcice,etc umuti wa sida mwarawurose aba DD babarihiye gu sh ika mupfe urumva ivyanyu nta politique murimwo murondera umuti ahasigaye abantu bose bopfa ?kurimwebwe ntakibazo.@igihe ntimufutire iyi mesg ngenda mubabaze ko batari mumashirahamwe yabagwaye Sida nawe nabesheye

  • EWE MUZUNGU, URAMARA BASI!!! ARIKO AKO KAGABO KIBAZA NGO NTABAKAZI KIZE HE !!!!! INKANDAGIRA BITABO!!!!/MBE NIKO YIBAZA NGO AZOJA MU BAPORONA MU NTARA ASAHURE AMAJWI NDUMIWE !!!NIMUKARENZE RUSIZI RUGATWARE HAKIRI KARE .. DUFISE IMISORE IBISHOBOYE KURAHO UWO MUSWA !!!!!MBE YIBAZA KO IKI GIHUGU KIZOGUMANA ABACANGERO NKAWE GUSHIKA RYARI!!!!!!

  • Ako gahungu nwari karasakuzanya cane,murumva ingene kagiriza abo bantungo bari mu mashirahamwe ya sida!Ninde atagira ingwara nimwe mu mubiri?Uwo yita "mukobwaje"nawe,avuga ngo bafise imisore ishoboye kwomora abantu,jewe ndatangara cane,mbega mu gutora inyishu y’ibibazo nta kindi bashoboye atari ukwica gusa?ehe raba Rwagasore barawishe Bica abahutu ngo ni abamenja na bamurere, Ndadaye Baramwica mu ntumbero yo kumara Abahutu ngo ni abaforodebu ,ubu naho murondera aba DD,kugira abahutu ntibigere bamenya ko aribo baronderwa kwangazwa.musamaza ba Rwasa na Minani ngo muri kumwe!Konsiliya na Gaston mureke nayo iyo misore muhaya,murasubira yama villes morte murabe uko bibagendera!aho umenga umugambi w’amahoro nti muwumva!Rekaivyiyumviro bishaje!.

  • @emelie wesha ivugire ntamuhutu yagutumye,ivyo turazi ko mwabaDD arivyo mukoresha amacakubiri?ariko ntamuhutu azosubira inyuma yanyu hariho abahutu bukuri nijambo babashingantahe.... Imihimbiri nkamwe ikibaza cabo nikumbimba uvuze ngontabahugu dufise??hamagara zabonerakure zanyu kuwambere duwanire kuri stad prince rwagasore bace bugara turabe uwuzosohoka mwa mihimbiri ??irya police mwitwaza turiko tirayigira umuti hanyuma duhigure

  • @ Nwari, Intuntu igukubitempaka rindira inyumayamezi 5 Nwari imyaka 4 iraheze abobahungu wiratira barihe kwintuntu yokutagiru bushobozi ariyo inyuma yamezi 5 igiyekuzogusesereza. Emilie ntawamutumye kuvugira abahutu ariko ivyoyavuze tumaze kuvyumva twabishimye, Mukukwereka kondamushigikiye ndakubwirako hariho amatutsi bagoye cane hakongera hakabaho nabahutu boroshe guhenda cane, abatutsirero barabaye mugihugu bategeka 100% ariko hariho akarwi kavuga rikijana kabakeya abandibatutsi babona ibikorwa kwaribibi ntabushobozi baribafise bwokugira bavuge kuko kakarwi kariguca kabagiriranabi hariho abatutsi babigerageje bagize ingorane zikomeye cane, abatutsi rero barashavura ariko bakanuma kubera batabona abahutu bipanzeneza ngobabashigikire kuko abavurwacane mwicogihe warumurwi wabahutu witwa Parpehutu uwonawo abatutsi kuwushigikira vyarabagora kubera iryozinaryabo. Ndashaka kukwibutsa igihe umuhutu yarumushikiranganji wintwaro yohagati mugihugu Leonardo Nyangoma atangurije umurwiwabarwanyi (DNDD) barakoranye nabatutsi bataribake hariho abibonekeje nabandi bafashanya bitibonekeje kubandanya nokumuhari wabarwanyi bitwa CNDD FDD abatutsi bakomeje kwiyongera cane gufashanya niyomirwi abobatutsi hariho abari mugihugu mbese muri leta nabandi bikorera utwabo hakabaho nabakorera hanze mubihugu bitandukanye, abobatutsirero carabaye ikimenyetso ciza cerekanako nubwo twavugamurirusange ngo abatutsi bamereyenabi abahutu ariko hariho abavugati ntibabesha abahutu bararengana mwakinogihugu ariko bakabura ahobabivugira bagakomeza kwitwa babicokimwe nakarwi karikaracikebeye. Kugira uzomenye abagifana nakokarwi urazoreba umututsi arimwiyo migambwe yatangujwe nabahutu canke yiganjemwo abahutu uzosanga hariho abatutsi icakozecose bacita kibi bakabonako birengeye nokumwita ryazina baribarahaye abahutu kera ryubumenja icakoze cose bacita kibi, baciyenaho mwibivyiyumviro twandika uzosanga biyise abahutu bakaca bandikabavugango abahutu mutaravyeneza uwomututsi bamutumye kubasamburira umugambwe ariko ingorane bagira nukobababataziko abarimubawutanguje bisigurako awusambuye niweyobayisambuye kandi bariya batutsi yavuyemwo akigiramuwundimugambwe kuribobaramaze kumuvuma. Hakaba hakiriho akarwi gatoya kabahutu iyokabonye abahutu bariko barakorana nabatutsi rirabaniga bakavugako abatutsi atarabo kwizera noneho bakiyibagizako bafitaniye amabanga akomeye yokuvakera hakirintwaro yubwokobumwe kandi bagiriye nabi umututsi niboboba bigiriye nabi. Mushaka kumenyakomvugishizukuri murazokurikirana canecane umurwi wigeze kwitwa ADC ikibiri umuhutu yariwurimwo canke umututsi numutwa barabantu bankacane Prezida Nkurunziza ngokubera akorana neza numututsi Edouardo umushikiranganji wintwaro yohagati mugihugu cu Burundi, Edouardo bakamwanka cane kubera arikwarakorana nabahutu ibikorwa vyigihugu bakagerageza guhingura amajambo yavuze ukwatari. Ndababwiyeko CDD FDD ikihari ntihazigera hasubira kuba ivyabaye murikahise tutibagiwe 93 inyuma yigandagurwa rya prezida Ndadaye, nicogituma wumva umukuru wigihugu akunzekuvugako uwuzowatsa uzohera murugo iwiwe uherere murugo iwiwe.

  • @ nuwera wesha ??haaahiii hewe kazima wemeye ko hariho akagwi kabatutsi kabaheye imugogo abatutsi???nuburero hariho akagwi kaboheye abAhutu imugogo kabahutu!!!!!wewe ntusubire kwabdika bible jewe ndiko nywa champagne kuko zi ko mumezi 6 muzoba muri mumpiba jewe imyaka 5 iza zobabayeho neza nawe nabi

  • TURASHIGIKIYE NDITIJE NURUNANI BAGIZE HAMWE NA MUTAMA RWASA ABABANKA BANGARE.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.