Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambwe UPRONA warahimbaje yubire y’imyaka 51 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Umugambwe UPRONA warahimbaje yubire y’imyaka 51

Umugambwe UPRONA warahimbaje yubire y’imyaka 51

mardi 15 Nzero 2013

Ku musi w’Imana igenekerezo rya 13 Nzero umwaka wa 2013, umugambwe w’abadasigana UPRONA warahimbaje yubire y’imyaka 51 umaze utsinze amatora, ivyo bikaba vyabereye mu ntara ya Mwaro.

Ibirori nyezina vyabereye muri komine Rusaka yo mu ntara ya Mwaro, muri ivyo birori umukuru w’umugamwe UPRONA Charles Nditije yaragarutse ku vyipfuzo vy’umuganwa atari umugani Rudoviko Rwagasore, ngo yaharanira ubumwe mu gihugu.

JPEG - 10.4 ko

Charles Nditije akaba ahamagarira abadasigana bose kwigana icungu y’ukwikukira kw’u Burundi ,akaba yaranabemereye ko agiye gukora ibishoboka vyose kugirango asubize hamwe abadasigana,ngo kuko ubumwe aribwo buzobashikana ku yindi ntsinzi.

JPEG - 2.3 ko

Mwomenya ko n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Therence Sinunguruza aturuka muri uwo mugambwe nyene yari yitavye ivyo birori.

JPEG - 23.6 ko

Akaba yasavye abanyamwaro bose ko bofatana munda bakirinda gusotorana.Yarongeye kubasaba kandi ko babandanya gukora ibikorwa rusangi kuko vyashizwe ho mu ntumbero yo guteza imbere igihugu.

JPEG - 1.5 ko

Muri kino gihe umugambwe UPRONA urimwo amashami abiri, hariho abatemera uburongozi bwa Charles Nditije. Bavuga ko bashaka gusubiza umutamana uwo mugambwe ’’Courant de Rehabilitation du Parti UPRONA’’. Abo baratoye n’umukuru w’umugambwe kandi ntibemera n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.

Umukuru w’umugambwe mushasha amaze amezi 4 Charles Nditije yavuze ko azokora uko ashoboye kwose kugira abadasigana bose basubize hamwe.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.