IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umugambwe urashima ivyaranguwe na Augustin NZOJIMBWAMI aheruka kwitaba (...)

Umugambwe urashima ivyaranguwe na Augustin NZOJIMBWAMI aheruka kwitaba Imana

mercredi 10 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Umugambwe CNDD-FDD urahoza umuryango y’umuhisi Augustin NZOJIBWAMI, uwo mugambwe ukamenyesha ko umukengurukira ku bikorwa vyiza yaranguye akiri muzima mu rugamba rwo kurondera ukuri no kunywanisha abarundi, ivyo akaba yaranabigaragaza mu manama atandukanye yaba yatumiwemwo, nk’uko bivugwa mw’itangazo umugambwe CNDD FDD wasohoye.

Uguhoza umuryango w’uwararongoye Umukuru w’Umugambwe SANGWE PADER Umushingamateka Augustin NZOJIBWAMI

1. Umugambwe CNDD-FDD warababajwe cane n’inkuru y’umubabaro y’urupfu rw’uwararongoye Umugambwe SANGWE PADER Umushingamateka Augustin NZOJIBWAMI rwabaye ku munsi w’Imana, igenekerezo rya 07 Myandagaro 2016 ;

2. Umugambwe CNDD-FDD urahojeje umuryango w’ Umushingamateka Augustin NZOJIBWAMI n’abanywanyi b’Umugambwe SANGWE PADER, abo bakoranye bose mu nama nshingamateka no muri SOCABU;

JPEG - 26.9 ko
Umushingamateka Augustin NZOJIBWAMI, yahora ari umukuru w’umugambwe SANGWE PADER

3. Umugambwe CNDD-FDD urakengurukira nyakwigendera Umushingamateka Agustin NZOJIBWAMI ku bikorwa vyiza yaranguye akiri muzima mu rugamba rwo kurondera ukuri no kunywanisha abarundi ivyo akaba yaranabigaragaza mu manama atandukanye yaba yatumiwemwo ;

4. Umugambwe CNDD-FDD ntuzigera wibagira na gato ko Umushingamateka Augustin NZOJIBWAMI yitanze atiziganya gushika k’umunota wa nyuma mu guharanira ukuri no gushira ahabona kahise kadateye igomwe k’Igihugu cacu ;

5. Umugambwe CNDD-FDD urakenguruka ubutwari bwaranze Nyakwigendera Umushingamateka Augustin NZOJIBWAMI atigeze asiba mu nama n’imwe zokurondera no kugarukana ineza y’Igihugu kandi tukibutsa ko naho amagara yari amukitse atasivye i Arusha kw’ igenekereza rya 12 gushika 14 Mukakaro 2016 igihe hari hatunganijwe ibiganiro bihuza abarundi baba hanze y’igihugu ;

6. Umugambwe CNDD-FDD urangije usabira ku Mana Rugiravyose, Nyakwigendera Umushingamateka Augustin NZOJIBWAMI, imuhe uburuhukiro bwiza mu bwami bw’ijuru, Amen !


IGIHE

Messages

  • Aragapfa ataronse iruhuko ryiza imbere y’Imana , kuko yakunze inda gusumba uko yokunze mwene wabo none arinze atembagara iyo nyaga yiwe atayujuje ( ICO NI CIGWA ) ni murabire aho , aratembagaye asize Tatien agihagaze kuko urucira mukaso rugatwara nyoko hahahaha ! aragiye asize abatutsi atabahoneje nkuko biri mu migambi yiwe na CNDD-FDD hahaha ivyo bavuga rero nibimaramare! nagende apfanye ishavu rinini nk’ishuri ! puuuh genda hari hageze .

  • Niyigendere Politique Y’uburundi Iragoye!

  • Niyigendere Politique Y’uburundi Iragoye!

  • Kankunze marie urasara se ivyuvuga ubivuze ufise umubiri winyama na maraso atukura ava!! Wewe niwe uzi ko ivyowipfuza uzovaho ubikoze? Konzi mwipfuza kwa tamuhutu yosubira kubatwara ubwo urabona kuzopfa weho ubishitseko? Kurya nyene wibaza kururya nawe ibaze ibiri muvyiyuvyiro vyawe ko ukora ibitunganye.

  • Hahahaha ! Ewe N.Dami urantwengeje nukuri ! None ugire uhakane ivyo yivugiye wenyene acibaza ko afise ubuzima budahera ! Hahaha nawe uraheba ukanyica pe !Mbe ko wavuze ngo twamye twifuza ko ata muhutu yosubira gutwara , ni twe nande ga ? Erega hariho abahutu benshi bafise urukundo! Kubwanje hatwara umuhutu atware neza atica abantu, hatwara umututsi atware neza atica abantu , umutwa we naho yobirota ntiyobirotora nkuko uyo mugabo atwara uburundi yivugiye ko naho Yezu yogaruka atazova kuri irya intebe, akibagira ko atariwe MUHUTU asumvya ubwenge abandi kandi adafise ubuzima budahera ( IMANA NIYO CABONA ) None ga N.Dami warababaye ? Niwihute umusange iyo yaroye uhitane nabiwanyu booose muzomuhamvya kuko haracari kare! Bon voyage.

  • WE WITWA KAKUNZE MARIE NIMBA WEMERA KO WAREMWE N’IMANA YAREMYE ABANDI JA KUMAVI USENGE KUKO UFISE UMUGERA MUBI.MBEGA URAZI KO NAWE UTAZI IGIHE NUBUNYENE WORENGANA.SENGA UREKE GUTSINDWA NINYOSHA KIBI.IVYO UHARANIRA NIMBA UTABIRAGANIWE NAWE UZOPFA UTABISHITSEKO. ICOWOMENYA NUKO NATWE KAHISE UBU TURIKO TURAKAMENYA N’URUVYIRUKO.UNTIL NOW THER IS NOT ENTER WAY.WE’VE KNOWN WHO YOU ARE AND WE KNOW WHERE WE’VE COME FROM.ONLY GOD WILL JUGE,AND I THINK THAT THERE WILL BE NONE TO JUMP THAT TRIO.TAKE IT EASY MY SISTER!

  • WE WITWA KAKUNZE MARIE NIMBA WEMERA KO WAREMWE N’IMANA YAREMYE ABANDI JA KUMAVI USENGE KUKO UFISE UMUGERA MUBI.MBEGA URAZI KO NAWE UTAZI IGIHE NUBUNYENE WORENGANA.SENGA UREKE GUTSINDWA NINYOSHA KIBI.IVYO UHARANIRA NIMBA UTABIRAGANIWE NAWE UZOPFA UTABISHITSEKO. ICOWOMENYA NUKO NATWE KAHISE UBU TURIKO TURAKAMENYA N’URUVYIRUKO.UNTIL NOW THER IS NOT ENTER WAY.WE’VE KNOWN WHO YOU ARE AND WE KNOW WHERE WE’VE COME FROM.ONLY GOD WILL JUGE,AND I THINK THAT THERE WILL BE NONE TO JUMP THAT TRIO.TAKE IT EASY MY SISTER!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.