IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umugwi ugira 21 w’ingabo zigiye kuja muri Somalie wamaze gutegurwa

Umugwi ugira 21 w’ingabo zigiye kuja muri Somalie wamaze gutegurwa

jeudi 7 Ruhuhuma 2013

Kuri uyu wa 7 Ruhuhuma 2013 niho mw’ikambi yo ku Muzinda haba ibirori vyo gusozera inyigisho zahabwa ibatayo ya 21, igiye gufasha muri Somalia mu rwego AMISOM.

Buca ivyo birori biba, uwuserukira ubufaransa hano mu Burundi Jean Lamy, yari yakiriye i muhira iwe Jenerari William Kurtz, arongoye ingabo z’ubufaransa ziri muri Djibouti. Iyo ntwazangabo nayo nyene yari yitavye ivyo birori.

Mw’ijambo ryiwe, umushikiranganji wo kwivuna abansi no gukurikirana abahoze ku rugamba Jenerari Posiyano Gaciyubwenge, yashimiye igihugu c’ubufaransa carungitse abahinga baza kwigisha izo ngabo. Ambassadeur Jean Lamy mw’ijambo ryiwe, yashimiye u Burundi ku kuntu bwitanga mu guharanira amahoro n’intwaro rusangi mu makungu na cane cane muri Afrika.


Jean Michel Ndayikengurutse

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.