Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugwi ujejwe amatora CENI wiyemeje gutegura amatora adahengamye mu mwaka (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Umugwi ujejwe amatora CENI wiyemeje gutegura amatora adahengamye mu mwaka (...)

Umugwi ujejwe amatora CENI wiyemeje gutegura amatora adahengamye mu mwaka w’2015

mercredi 23 Nzero 2013

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 22 Nzero 2013 i bujumbura, umugwi ujejwe amatora CENI waragize inama n’abafasha mu matora. iyo nama yari iyo kumenyana no kuvugana ivyo bipfuza mu matora hamwe n’ico umwe wese yiyemeje.

Abaserukira Reta, abaserukira ibihugu vyabo, amashengero, n,abaserukira imigambwe n’amashirahamwe adaharanira inyungu za politique nibo bari bitavye iyo nama y’umugwi ujejwe amatora ceni wateguriye abawufasha mu matora. Uwurongoye uwo murwi Petero karaveri Ndayicariye mwijambo ryiwe yarashimye ico muntu wese yaterereye yongera asaba ko bokwongera kuyifasha kugirango itegure amatora ku mugaragaro no mu mwidegemvyo.

JPEG - 44.1 ko

Ambassaderi Ndayicariye yarerekanye ko amatora ari ngirakamaro mu buzima bw’igihugu, amenyesha ko CENI ataco yokwishoboza yonyene idashigikiwe n’inzego zimwe zimwe z’igihugu. Ati « CENI izobandanya ivugana n’inzego muserukira isaba intererano zitandukanye. »

CENI yiyemeje guharura amafaranga yakoresheje mu matora yo mu mwaka w’2010. Nkuko umukuru wa CENI yabivuze ibibazo bimwe bimwe bikwiye kwicarirwa. Aha twovuga nk’ibibazo vy’ukuntu amatora azogenda : ibice 5 vy’amatora, ikiganiro co guhanahana ivyiyumviro ku bijanye n’ikoreshwa ry’ikarata imwe mumatora canke ko hokoreshwa amakarata menshi ,ugutunganya ivyegeranyo n’ibindi.

Akaba yabandanije amenyesha ko bipfuza ko abatanga uburyo bobutanga kare kugirango ceni itegure neza uko uburyo buzokora.


Sylvere Bavumiragiye

Messages

  • banyakwubahwa murongoye ceni nimukore ibishoboka vyose mucishe ukuri aho kuri nimba Petero Nkurunziza atabubasha abifitiye nimumubwizukuri hama batore uwundi mukandida twebwe abanyagihungu batobato dukeneye amahoro murakoze mugire akazi keza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.