IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuhari w’aba Guide urafasha mu ndero y’umwigeme w’umurundikazi

Umuhari w’aba Guide urafasha mu ndero y’umwigeme w’umurundikazi

dimanche 16 Ruheshi 2013

Umuhari w’aba Guide mu Burundi ngo ni umuhari ufasha cane abana bakiri bato b’abigeme kuva ku myaka itandatu gushika ku myaka 25 y’amavuka. Muri uyo muhari rero abana bigirayo ibitari bike bijanye n’indero iranga umurundikazi ndetse barashimikira no ku mico nk’uko bivurwa na Justine Nkurunziza yigeze kurongora uyo muhari.

Umuhari w’aba Guide washitse mu Brundi uvuye mu gihugu c’Ubwongereza mu 1955, ukaba ari umuhari watangujwe na Baden Powell be n’umupfasoni wiwe Olave. Uyo muhari rero, ukaba ari umuhari twovuga ko uvukana n’aba Scout kuko nawo nyene watangujwe na Baden Powell. Umuhari w’aba Guide mu Burundi ufasha cane ku ndero y’urwaruka rw’abigeme b’abarundikazi, ndetse uyo muhari ukaba utandukanye n’iyind mihari y’abakenyezi kuko ari umuhari uri kw’isi yose, kandi ukaba ushimikira cane mu guterera mu ndero y’umwigeme kumuha ijambo, ku mwigisha gukerebuka, ku menya ibijanye n’umubiri wiwe, gukingira ibidukikije, kurwanya ibiyayura mutwe, kwikingira ikiza sida.

Umupfaoni Justine Nkurunziza akaba avuga ko uyo muhari yowugereranya na INASENGE w’umuntu, aravye ukwo bahanura abigeme n’inyigisho zitandukanye baha abantu, ndetse muri izo nyigisho ugasanga n’abavyeyi b’abana badashobora kuzitanga. Ikindi naco ni uko uyo muhari umaze gusohora abakenyezi b’indongozi ba bushitse batari bake. Muri bo hari ab’usanga bari muri Leta, mu bashingamateka, abarongoye imigambwe n’abandi, ndetse aha twotanga akarorero k’umupfasoni Alice Nzomukunda yigeze kuba icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, ubu akaba arongoye umugambwe.

Ni umuhari wigisha abana gukunda ibikorwa, kwubaha nk’uko bibandanya bivurwa na Justine Nkurunziza. Asigura kandi ko makambi bahora bagira kenshi, baja kwigisha abo bigeme ukwo botunganya imfungurwa, bakabigisha ukwo bokunda abandi, mu gufasha abari mu ngorane, mu gutabariza abari mu vyago, ndetse no gufasha nk’uwagize isanganya mu gihe atarashika kwa muganga, ukwo umuntu yokwifata yakomowe n’inzoka, n’ibindi.

Ahamagarira ndetse abavyeyi bose kurungika abana babo mu muhari w’aba Guide kuko ubu abana batakiwitabira cane nka kera kubera basamazwa n’ibigezweho. Ikindi ni uko bariko barafasha abapfasoni babirimizi bo mu ntara za Muramvya na Bujumbura Rural, mu kubigisha ukwo bokwikingira ikiza Sida, ukworora kijambere, ukurima kijambere , n’irondoka rijanye n’amagara meza. Ivyo bakabifasha abakenyezi batize canke abahebeye amashure hagati, ndetse n’ugufasha kwigisha abana kudatwara inda bakiri bato na rirya arivyo vyeze mu mashure.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.