Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Aba JRR bipfuza kwiginira imyaka 47 babayeho mu ngoro yabo mu gihe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Aba JRR bipfuza kwiginira imyaka 47 babayeho mu ngoro yabo mu gihe (...)

Aba JRR bipfuza kwiginira imyaka 47 babayeho mu ngoro yabo mu gihe yugarijwe n’igiporisi

lundi 3 Ntwarante 2014

Umuhari Mparaniramajambere wa Rwagasore JRR urarumije imyaka 47 ubayeho mu Burundi. Mw’itangazo ryashizwe ahabona n’umukuru w’uyo muhari ukomoka ku mugambwe wa Rwagasore , umushingwamanza Patrick Nitegeka avuga ko ibirori buca bihimbarizwa ku Mugumya inyuma y’amasaha y’akazi.

Umushingwamanza Patrick Nitegeka arongoye JRR mu gisagara ca Bujumbura

Umushingwamanza Nitegeka rero akaba akeza Abadasigana bose baciye muri uyo muhari, eka ndetse agakeza n’aba JRR bose banaguye uyo muhari. Amenyesha ko ibirori vyo kwigina imyaka 47 uyo muhari wabo ubayeho, bizokwiginwa ku munsi w’ejo igenekerezo rya 4 Ntwarante uyu mwaka, ku ngoro ya UPRONA isanzwe iri ku Mugumya, inyuma y’amasaha y’akazi.

Mu gihe umushingwamanza Patrick Nitegeka asanzwe arongoye uwo muhari mu gisagara ca Bujumbura avuga ko ashigikiye inzego zemejwe n’ikoraniro ryabaye kuri uyu wa 16 Ruhuhuma uyu mwaka, iryo koraniro naryo rikaba ryemeje Karori Nditije kuba umukuru w’umugambwe, Umwigisha Varisito Ngayimpenda nawe akaba icegera c’umukuru w’umugambwe. Muri iryo koraniro ryarimwo abagize inama nkuru ya UPRONA ku bice birenga 90 kw’ijana bifashijwe n’abashingamateka n’abakenguzamateka bakomoka muri UPRONA, baca bafata ingingo yo kwirukana burundu Concilia Nibigira, Gaston Sindimwo na Bonaventure Niyoyankana.

Iyo ingoro ya UPRONA aba JRR bashaka kugiriramwo umunsi mukuru iri ku Mugumya, ubu yugarijwe n’abaporisi haraciye iminsi, abo nabo bakaba baje gufasha gushira mu ngiro ingingo y’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, yegurira umugambwe Concilia Nibigira, yemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu naho yirukanywe n’umugambwe avamwo UPRONA. Uyo mupfasoni rero, akaba amaze iminsi yiyamirizwa n’inama nkuru z’umugambwe UPRONA mu ntara zitandukanye.

Gushika ubu rero, akaba atawuzi namba urwo rubanza rw’abo ba JRR ruzobera kuri iyo ngoro yabo yo ku Mugumya, mu gihe berekanye ko badashigikiye uwushigikiwe n’ubutegetsi.


Aristide Nizigire

Messages

  • Uretseko leta yacu yivanga mubiyitaraba canke ihonyanga amategeko ntacobuzako uwomusi mukuru abo ba JRR bawigina.Mbeko kungoro yumugambwe cndd-fdd batwarayoikambi yigipolisi??

  • Nico gituma uyu mugambwe ukomeye, utwarwa n’umuntu yize. raba nawe uyu mu shingwamanza, biraboneka ko akiri muto, niwe atwara JRR, imbonerakure nazo zitwarwa na karera, kugira aheze amashure, ntivyoroshe, none mwumva iciyumviro co gutwara abandi yogikura he?frodebu nyakuri, itwarwa n’umuntu atahejj n’uwicumi, nayo UPD YA feruzi yo uwuyitwara ntazi nogusoma, gusa afise akarimi ko kuvuga ashigikira imbonerakure. Komera JRR, Kuva kera mwamye mukora neza, abariko barabavyonga, muzobahumira

  • ERIC VERY STUPID JRR ICO YAKOZE CIZA N’IGIKI KWICA ABAHUTU BIZE MBE URABAZI NDABAKWIBUTSE,BAMINA JOSEPH,PIERRE NGENDANDUMWE,PAULO MIREREKANO,N’ABANDI BENSHI KWIGA KWICA BARAVYIZE ARIKO INKOHO NTIKIRASIRA HOSE!

  • Jewe nibazako JRR itazwi muri Ministère de l’Intérieur comme Imbonerakure zitazwi!
    Uwurongoye umugambwe niwe azosaba uruhusha rw’iyo nama!
    Ntabwo ndi umu DD kandi sindanavyimirije ariko ivyo ni ukuri mvuze!

  • Erega Eric NIYONKURU,abo uriko urihaya ngo barize wewe urimwo mubize neza caaaaane,harico wiyibagije,mwize abandi bakumiriwe,none nawe ntubona kwari TUTSI gusa yize mwirya myaka muririmba47,mwiga shahu abandi muriko muranigura!,genda sha muzubwenge,mubusunvya abandi bose,umenga mwifitiye IMANA yanyu mwenyene,urunva sha ukuntu ukina kumivyimba yabo mwaniga muriko mwebwe mwiga neza.bandanya basha mukoza agatoke mujisho umugabo Atari so canke sowanyu.

  • Kuri uyo yiyise ngo URAMBABAjE.
    Ko uvuga ngo abandi bize mwebwe babakumiriye harya Peter Nkurunzizj nta 47ans ashikana?Yize nawe uri hehe?Nimba vyarakunaniye kwiga urapfa wipfane sh,Uzi abahutu bize muri iyo myaka?

  • Iconshimiye ababa JRR nuko iyobasaba ivyobasaba baririnda amajambo yokuvugango nibadutevya kuduha ivyodusaba ngotuzofata ibirwanisho, iryojambo uwurikoresheje wese ricarinyibuca vyishi nacanecane ko ibirwanisho vyigezegukora amoko yose agize uburundi agatikira.

    Nayo JRR yacu ivyoyacoze muriyomyaka 47 bavuga iheze ntabihari, ahubwo nibiyandikishe bavugeko bagomba gutanguza umuhari wa JRR maze bongerebavugati, uwumuhari wa JRR warifuje gukorera kumugaragaro kuvakera arikontivyakunze atirero ububirakunze atirero turaje tukore mubibone. kuco jewe ndafife abuzukuru bangana namwe ndikondabona muvuga ivya JRR sinobarenganya ivyabaye mwiyomyaka muvuga iheze ntavyomuzi kuko ibararyaraguye ngaha mu Burundi, ngiramwavyumvise ko hariho uwatanze comment ivugako urya mututsi arongoye JRR yizebikwiye ngwariko urya muhutu arongoye Imbonerakure atizebikwiye, icoyashatse kuvuga nuko murikahise hariho abtoroherezwa kugirabige nuwihatiriye ngoyige yarashobora kubizira agasezera Isi, nicogituma mwashaka woreka guhayagiza ngomumaze imyaka 47 kukomucamutangura guhura nababarenganya babagiriza ivyomutakoze kandi muvyukuri ntavomwakoze ariko mutirengagize murabizi kohariho abarenganye mwebwe mutarakura, murumvarero gukora JRR nshasha ntimwobamwihenze.

  • Ubwo nubu sans echec ahubwo mubusukemwo amasoro buce ubwenge burakagenda ubusa.banyibutsa oncle bishe bamukwega amazuru ngo wamuhutu we.ngo ni iboro.basha!!!bandanya mukoza agati muntozi.

  • Ubwo bugabo bwarabuze aho buhera intambara!None bugomba amaraso ntaburare muruguma.

  • Abo ba JRR bagomba kwigina amaraso YABAHUTU bishe.bareke bajehamwe.muce mufyonda umutwe.

  • Ahubwo Eric ntibumva,nukumaramara ntibageza!reka bate umwanya!

  • Mbega wewe eric uvuga amacakubiri uvugira abahutu urusha ubuhutu rwasa?
    Uramubaza aho ahagaze ku vyerekeye uprona.abahutu bafashe ibirwanisho bagatikiza abatutsi ngo bariko bararwanira ubwoko ubu baratangara.ko hatwara imbonerakure .mu rusizi hataweyo abaki.mugatumba hishwe abaki?lesexecutions extrajudiciaires zihitana ba nde?mbega ko ubu hatwara abahutu barareka kwica bene wabo? wewe nubwenge buke tu ne sais dicerner les choses sha ngira nawe barakubujiji kwiga kuko ubwenge bwaw buragereranye pour ne pas dire...........................

  • Mana harira abo bose barembejwe n’agatima k’amacakubiri, bibandanije uko turiko turabisoma Uburundi buracafise ingorane nyinshi.

  • Mana harira abo bose barembejwe n’agatima k’amacakubiri, bibandanije uko turiko turabisoma Uburundi buracafise ingorane nyinshi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.