Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuhinyanyuzi Amili Pro ashobora gufatirwa ingingo ruhasha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Umuhinyanyuzi Amili Pro ashobora gufatirwa ingingo ruhasha

Umuhinyanyuzi Amili Pro ashobora gufatirwa ingingo ruhasha

mercredi 7 Rusama 2014

Umuhinyanyuzi Amili Pro ariko yidogerwa cane n’abaririmvyi aguma ajuragiza ku ruririmbo bamushiriye abakorere. Igihe cabaye kinini kandi nawe ntababwira ikibazo yoba yaragize. Uwu munsi wa gatatu ni uwa nyuma, bakavuga ko baca bafata izindi ngingo.

Olga Lorie ariko aririmbana na Lil k wo muri "Other Boys"

Abo bidogera umuhinyanyuzi Amili Pro akora muri MA Production ni abaririmvyi Lil K na Olga Lorie. Bavuga ko bamaze igihe kitari gito bamurondera ashire amajwi mu ruririmbo rw’abo bise"Ubuzima ni katihabwa" nawe abinyegeza. Ikibabaza n’uko atababwiza ukuri ku ngorane yoba afise akareka kubajuragiza. Ubuheruka yabahaye isaha bomusanga aho akora, Lil-k avuga ko yahamaze amasaha 2 amurindiriye, amuhamagaye kuri ngendanwa Amili ntiyitabe.

Lil-k avuga ko gushika n’ubu ahamagara, ariko n’ubu ntiyitabwe. Lil-k na Olga Lorie bafashe ingingo yo kuja kwicara aho Amili akorera mpaka bamwibonere amaso mu yandi. Basaba ko abahinyanyuzi bameze nk’uko bokwikubita agashi, kuko bica akazi k’ababitura nabo nyene bakaba bahahombera.

Lil-k avuga ko yari kumuheba akarondera uwundi mugabo Amili amufitiye amahera yo kuva mu mwaka w’2010. Ntibosubira gutanga amahera ahandi kandi. Twemeye kubaronderera umuhinyanyizi Amili Pro twumve ico abivugako.

Mwomenya ko Lil-k asanzwe ari mu murwi Other Boys umaze gukora indirimbo nka "Kora ku munota" yakorewe muri Sky Music.

Umviriza ururirimbo "Kora ku munota"


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.