IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuhuza w’abarundi yagendeye igipolisi kijejwe uruja n’uruza

Umuhuza w’abarundi yagendeye igipolisi kijejwe uruja n’uruza

jeudi 2 Rusama 2013

Inyuma y’imyidogo y’abagendesha amapikipiki ko bafatwa nabi n’abapolisi, umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara yagendeye igipolisi kijejwe uruja n’uruza mu gisagara ca Bujumbura kuri uyu wa kane igenekerezo rya 02 Rusama 2013, kugira yirabire uko bimeze.

Umuhuza w’abarundi yasanze abagendesha amapikipiki benshi batubahiriza amategeko agenga uruja n’uruza mu gisagara, ari naco gituma bamweretse impusha zo kugendesha imiduga hamwe n’amapikipiki menshi vyafashwe kubera bitemewe n’amategeko.

Tukiri mu gisata co kwunguruza abantu, mu gihe abiyunguruza bo mu makomine yo mu gisagara ca Bujumbura bidoga ko imiduga ibasiga mu nzira ntibashikane, uwuserukira vy’imfatakibanza ishirahamwe ry’abagendesha imiduga asaba abo bishikiye guca bandika inimero z’iyo miduga, kugira bace babitwarira haba mu butegetsi canke mu shirahamwe ATRABU bahurikiyemwo.

Jean Claude Mpawenayo, umuyobozi mukuru mu bushikiranganji bwo gutwara abantu n’ibintu, amenyesha ko abiyunguruza bakwiye kumenyera guhabuza amateka yabo. Uwugendesha umuduga yigenjeje nabi akwiye kwitwarirwa haba mu butegetsi canke mu bushikiranganji bubijejwe.


Joel Sengurebe

Messages

  • Ndashimye cane kuri iyi nkuru umuhuza wabarundi kubona yiyumviriye kuja kureba ivyo abanyagihugu bavuga agatira akarembe akava hasi turasaba nabandi baje bava mubiro baje kureba ibibega murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.