Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuhuza w’abarundi yahaye umubonano umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu (...)
Umuhuza w’abarundi yahaye umubonano umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu
samedi 30 Ntwarante 2013
Umuhuza w’abarundi, Mohamed Rukara yarahaye umubonano umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Edourd Nduwimana, kuwa gatanu igenekerezo rya 29 Ntwarante 2013.
Abo bategetsi babiri bariko bigira hamwe ikibazo c’uburongozi kiri mw’ishirahamwe ry’abagendesha amapikipiki mu Burundi AMOTABU.
Nk’uko bishikirizwa n’umuvugizi w’umuhuza w’abarundi, kugira ico kibazo gitorerwe inyishu, abagendesha amapikipiki bakwiye kuja hamwe bagategura amategeko abagenga.
Egide Nduwimana