IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuhuza w’abarundi yarakiriye uwuserukira ubumwe bwa Afrika

Umuhuza w’abarundi yarakiriye uwuserukira ubumwe bwa Afrika

mercredi 1er Rusama 2013

Umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara yarakiriye ubwa mbere uwuserukira ubumwe bwa Africa mu Burundi, Ambassadeur Diarra Boubakar, kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 30 Ndamukiza 2013.

Muri uwo mubonano, abo bategetsi bompi baganiriye ku nteguro y’inama izohuza abahurikiye mu karere k’ibiyaga binini kw’igenekerezo rya 12 na 13 Ruheshi umwaka w’2013 i Bujumbura. Muri iyo nama, bazokwigira hamwe ikibazo c’intureka ziboneka mum karere k’ibiyaga binini.

Ambassadeur Diarra yamenyesheje ko inyuma y’iyo nama, bazokwigira hamwe ingene bohagurukira izo ntureka zisubiza mu kaga abanyagihugu bo mu karere k’ibiyaga binini.

Mu mubonano ugira kabiri, umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara yakiriye umuhuza bikorwa w’ishirahamwe rihurukiyemwo amadini atandukanye yo mu karere k’ibiyaga binini, Despina Namwebwe. Nk’uko vyashikirijwe n’umuvugizi w’umuhuza w’abarundi, Didace Sunzu, ikiyago cabo cari gifatiye ku ngingo zofatwa kugira batsimbataze amahoro n’umubano mwiza mu karere k’ibiyaga binini.

Umuhuza w’abarundi yaboneyeho n’akaryo ko kumenyesha uwo muhuza bikorwa Despina Namwebwe ko mu bikorwa vy’inama izohuza abo vyega mu karere k’ibiyaga binini ico kibazo arico kizoshirwa imbere.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.