Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukozi wa BNUB yirukanwe na Reta y’Uburundi afatanwe amasasu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umukozi wa BNUB yirukanwe na Reta y’Uburundi afatanwe amasasu

Umukozi wa BNUB yirukanwe na Reta y’Uburundi afatanwe amasasu

mercredi 4 Ruheshi 2014

Abednego Mutua yahora ajejwe umutekano mu buserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi (BNUB) yahawe amasaha mirongo ine n’umunani (48heures). Reta y’Uburundi yafashe ingingo yo kumwirukana mu Burundi inyuma y’aho afatanwe amasaho abiri yuzuye amasasu, ku kibuga c’indege ca Bujumbura.

Mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu bamenyesha ko Abednego Mutua w’ubwenegihugu bwa Kenya, asanzwe ajejwe umutekano mu buserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi (BNUB), yafashwe mw’ijoro ryo kuwa 25 Rusama 2014, ku kibuga c’indege ca Bujumbura, afise amasaho abiri (chargeurs) yuzuye amasasu, akaba yagira afate urugendo mu ndege "Kenya Airways"
Daniel Kabuto, umuyobozi ajejwe kumenyesha amakuru mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu amenyesha ko ivyuma bisuzuma "scanners" arivyo vyerekanye ko afise ayo masasu, kandi yagira yiyunguruze mu ndege igenderamwo abanyagihugu. Abednego Mutua agifatwa ntaco yashatse gushikiriza, ariko akaba yarateye umukono ku rupapuro rwemeza ivyo yari ahejeje gufatanwa (procès verbal).

Nk’uko bibandanya bisigurwa na Daniel Kabuto, umuyobozi ajejwe kumenyesha amakuru mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Abednego Mutua ntiyokwitwaza ko atari azi ko bitarekuriwe gutwara ibirwanisho mu ndege igenderamwo abanyagihugu, kuko asanzwe azi amasezerano y’i Chicago abibuza. Bivanye n’ivyari bimaze iminsi bivugwa vy’itangwa ry’ibirwanisho, hamwe n’iibrwanisho vyiyerereza mu banyagihugu, Reta y’Uburundi, iri kumwe n’ubushikiranganji bw’umutekano bakaba baciye bafata ingingo yasohotse ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri, yo kwirukana Abednego Mutua mu Burundi, bamwagiriza ko yoba yashatse kwerekana ko ivyuma vyo ku kibuga c’indege ca Bujumbura bidashobora gusuma ibirwanisho. Daniel Kabuto, umuyobozi ajejwe kumenyesha amakuru mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu avuga ko muri Reta y’Uburundi batoreka kwiyumvira ko Abednego Mutua yoba kandi yagomvye kwerekana ko umutekano ari muke mu Burundi kugira "urwego BNUB rwongerwe ikiringo mu Burundi". Yahawe amasaha 48 kugira asohoke agataka k’Uburundi.

N’aho mu buserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi (BNUB) ataco barashima kubivugako ku mugaragaro, amakuru dukurayo amenyesha ko uwo Abednego Mutua w’ubwenegihugu bwa Kenya yahora ajejwe umutekano wa hafi (Sécurité rapprochée) wa Parfait Onanga Anyanga yoba yaribagiye gukura ayo masaho (chargeurs) mu bintu yari atwaye mu karuhuko yari agiyemwo mu gihugu ca Kenya asanzwe avukamwo. Ayo makuru avuga ko bitumvikana ingene yari kuba atwaye amasasu atagira inkoho, kandi akaba atagerageje n’ukuyanyegeza ageze mu bibanza basuzumiramwo (scanners) ku kibuga c’indege ca Bujumbura.

Ayo makuru avuga ko Abednego Mutua yahora ajejwe umutekano wa Parfait Onanga Anyanga intumwa idasanzwe ya Ban Ki Moon mu Burundi yoba yaribagiye gukura ayo masasu mu bintu yari atwaye mu karuhuko. Kuba rero haciye hafatwa ingingo yo kumwirukana, vyoba vyerekanye icuka kitari ciza hagati ya Reta y’Uburundi n’ubuserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi (BNUB).


Egide Nduwimana

Messages

  • HAHAHAHAHAHAHAAAAA ABAKORANA NAYA MA SOSIYETE CIVILE MUGUKWIRAGIZA IBIRWANISHO MUBURUNDI BARAHAYE BARABONEKA HIHIHIHIIIIII IPEREREZA NIRITOHOZE NEZA HARI NIGIHE YOBA YARAGIYE MURI ONDESI KILIBA, BAGAZOCA BAHURIRAYO NA PACIFIC VITAL NA PIERRE CLAVER AGACA ABIBAHA, BAGACA BAZA BAVUGAKO BAYACE IMBONERAKURE ZIRI MURI CONGO. UWUZOWUCANA BAZOWUMUZIMIRIZAKO!!!!!!!!!! BRAVO POLICE

  • Iyi nkuru yabaye itariki 25 Rusama 2014 hama ubu akaba ari ho ishikirizwa kandi hari ibitari bike bibi vyagiye bica ku nsamirizi no mu binyamakuru vy’u Burundi, biragaragara ko abo banyamahanga bakorana n’abo bigira ko bataharanira ivyicaro vya politike, hatibagiwe mwo Pierre Claver Mbonimpa wa APRODH. Bisigura ko imidari NKURUNZIZA Pierre agenda aronka anemererwa ayikwiriye.

  • turirimbe :warakoze mana integuroyawe ninziza % 2: turashimiye imana ishize ahagaragara imigambi ya sosiyete sivile nabo bakorana!!!!!!!! ayo masasu nayo basigaje, igihe bajakuyatanga kumurembwe!!!!!!!!! ntimumureke ngo agende, atatweretse abo yahaye inkoho namasasu!!!!!!!

  • reta nisabe bankikimuni arungike uwundi amuserukira muburundi, kuko honyangahonyanga asigaye akorana nabashaka guta uburundi mwisanganya nabo akaba ari focode, aprodh, forsc, olucom na adc-ikibiri!!!!!!!!!! mukinda mwubamye, mwayagura nka mujeri, amatora azogenda neza cane!!!!

  • BASHA NDUMIWE KUBONA IYONKURU IMAZE IYOMISI YOSE RPA ATACO IRAYIVUGAKO!!!!!!!!!! DUSAVYE SINEREJI KURIYO NKURU, YIKWIRAGIZWA RYIBIRWANISHO NA BUNUB. ATARUKO MURAZA MURAKOKEZA MUWUCANA NGO ONU IRIKUMWE NAMWE!!!!!!! HARI UMUSI MUZOZIGIRIRA MURIYO NSAMIRIZI MUWICANIYE!!!!!!!! heheheheheheee

  • Erega nubundi nta mutekano mwiza urihagati ya BNUB na leta yuburundi,aho baricigenza mpaka BNUB bayomoyemaze abantu baze barabica nkindagala.

  • Ego rero yamashirahamwe ataho yegamiye reka twumve ico babivugako

  • Iyo mijeri nituvireho!!! Hama turakeje iperereza ryashoboye kumenya ivyo vyose.

  • JE NDABABAYE KUBONA HAFASHWE INGINGO YO KUMWIRUKANA.UWAMBERE YANDITSE IKETE RITURIRA MUMPISHO BAMUHA 48H NUYU UMUGAMBI BARI BAWUSANGIYE NAWENYENE NGO 48 NE MPIMBA YARUZUYE?AREGA BARI KUMUGAMBI UMWE NA MBONIMPA MWARIRYA REMENTANYA RYO GUTURIRA IGIHUGU

  • Oho,ntakundi araza yigumya.
    Mbe ho ko numva ngo ni we yar’acungereye ubuzima bwa Parfait Honyanga Honyanga,wumva umusi umwe atosidutse asanga yarashe sebuja,hanyuma bagaca bavuga ngo na kare,imigenderanire ntiyari myiza hagati y’uburundi na ONU ?

    N’atahe aze kury’inswa n’intemvu,hamwe n’isana,na ho nyene nimba iwabu zirara,
    hama ace ashozako amafyufyu .

    Na ho nimba yoba yari yibagiye," on oublie ce qu’on ignore."
    icirengagijwe kiribagirwa.

  • Mbese nukuberiki Perezida wu Burundi Pierre Nkurunziza ivyoyagiye avugavyose bikomeje gushika? Rekandabibutse bimwe: Yavuze ngo mukinda mugaramye, mukindisha agakomokomo ntantambara izosubira kuba muburundi. Nonemuravyibonera kwabagerageza bose kugira bagirintambara ntibiborohera. Perezida yaravuzengo abazotega imitego reta nibo izohitana, ngiramuribonera abazanye amafoto yimivyimba atahipfa ipfanira nivyi Burundi bakayegeka kuri reta yuburundi iyobari murahazi, nabatayumurongo wivyobashinzwe bakifatikanya ninjavyi zabarundi bakandika urwandiko mukinyegero bakarurungikira ONU ivyokurementaniriza reta yuburundi bamwe ibiriko birababako muravyibonera. Perezida yaririmbiye akaririmbo kavugango: WARAKOZE MANA INTEGUROYAWE NINZINZA%2 None akokaririmbo murabona ko gatomoye ivyotwirirwa torameneka imitwe twigira ibihangange kubijanye nokuharanira ko abantuboreka kuguma bambika ibara igihgu cacu bamwe nabandi ntibadutahure,eheraba integuro y’Imana niyonziza irabibemeza! Narigeze kubwira perezida nti nubwo abantu bazogutuka bakubwira ngo wigira umusenzi canke uwubaha Imana ati ntuzokwigere utukimana ahubwo urazokwongera kurusha mukwiyegereza Imana kuko niyo izokuneshereza umurwanizi igihe azoba yinjiye mubanyagihugu barimugihugu Imana yagushinze ngo ukibere perezida mwakinogihe( Imana ninyishu) Umutambukanyi wumukuru wigihugu cacunawe Dennise Nkurundiza yiririmbiye akaririmbo kavuga ngo: Yitwantihemuka iyoniyo Mana yanje. Ndasavye abarundi mukomeze gusenga mumpwemu nomukuri ibitangaza nivyishi Imana yiteguye kubakora ngaha iwacu mu Burundi. Kandimwasenga ntimuzigere mutekereza umuntunumwe kwarumwansi wanyu canke kwarumwansi wigihugu cacu cu Burundi, ahubwo muzovugemuti: Satani muvemwo ( bavemwo)

  • Nkamwe muvuga uko musanga arimwe nyene igihugu mugifukamwe munda amasase atagira inkoho ni kese yahatari !!! Mbe koyari uwucungera ubuzima harigishasha kirimwo yibagiye kuyakuramwo rero muvuge mureke ntacomwireguza kuvyavuzwe rero mwambonerakure muvuga ivyomushaka reka urugamba twararutanguye tuzoruhuka tururangije ndazi muzokwomoka kandi ntacitwazo mwiregura mwo mbe izomvugakuri muriko murafunga mumenye ko wubahutse nogukubita so canke umutama angana so uzopfa wangara nkagahini

  • Ewe OBAMA n’abandi benshi bakunda igihugu cacu, uwumvirije ukuntu RPA yashikirije iyi nkuru kuri uyu wa kane 12:30 n’ukuntu itigeze icisha mukanwa ko yafatiwe ku kibuga c’indege kandi ko ivyuma (scanneurs) arizo zamufatishije agiye kuvyinjirana mu ndege itwara abantu basanzwe (aba civile) kandi amategeko mpuzamakungu eka mbere nay’uburundi abibuza, ariko RPA ikegerageza kwerekana ko kuba yari yarafise ivyo birwanisho ari ibisanzwe, uca ubona neza aho ihagaze muri politique y’uburundi n’uruhara ifise mu marementanya aguma oboneka yagirizwa Leta. Ariko abo bose bomenya ko Utoba isoko abawe bakavoma ibirohe!!

  • Akataraza kari munyuma. Yarabibabwiye nuko mutumva. Uwuzoshaka ingwano izotangurira muhira iwe yongere ihahere.

  • abarundi muratwenza . amasasu na onu bibana munzu! ntagishasha kirimwo. jewe gusa nda baza nigiki gituma aabarundi mwumva ko Imana ari indundi? akabaye kose ngo imana yaravuze akabaye kose ngo amasengesho. kw’isi abapagani bambere bari muburundi ! ushatse kubiraba raba ivyo abigira abasenzi bakora! uwaduhenze nuwadutaye murudubi ngo democrasi. petero ashoboye natware ageze aho azosazira ubutegetsi nubwa ba petero o mas velho tinha dito ushaka kuvyara agaheka qu’il vote pour moi "petero buyoya" namwe mugiye gutora kandi 2015 nimba mushaka guheka tore PETERO. YARABAKINYE KABISA NGO MURI MUKIBIRA KUHARANIRA DEMOCRARASI! MUZOSUBIRE ! UBU arihe avec le dossier Ndadaye ? RIEN N’EST NOUVEAU ET RIEN N’EST CHANGE .ITEGEKERERE BUYOYA WARABASHOBOYE!

  • SIVYIZA NUGUCAPFUZA UBURUNDI

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.