Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukuru w’igihugu agiye gufata ingingo ku kibazo ca Uprona na (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umukuru w’igihugu agiye gufata ingingo ku kibazo ca Uprona na (...)

Umukuru w’igihugu agiye gufata ingingo ku kibazo ca Uprona na Sinunguruza

lundi 14 Gitugutu 2013

Inyuma yaho umugambwe w’Abadasigana Uprona ufatiye ingingo ko Terensiyo Sinunguruza yova mu kibanza c’icegara ca mbere c’umukuru w’igihugu, ico kibazo ubu kija camaze guhagurukirwa n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Nk’uko Leonidas Hatungimana asanzwe avugira umukuru w’igihugu yabimenyesheje iradiyo ijwi ry’abanyagihugu RPA, umukuru w’igihugu asaba icegera ciwe ca mbere ko yofatata nka nkama ivyo yasabwe n’umugambwe asanzwe avamwo Uprona, atari ukwo naho, umukuru w’igihugu akaba yiteguriye gufata ingingo ku neza y’abarundi n’Uburundi.

Lewonidasi Hatungimana umuvugizi w'umukuru w'igihugu

N’aho umukuru w’igihugu adashobora kwivanga mu bijanye n’itunganywa co kimwe n’ibikorwa vy’imigambwe, inzego z’igihugu ntizohagarara ari naco gituma umukuru w’igihugu aheza agafata ico kibazo mi minwe. Yisunze ingingo rero ya 80 na 95 y’ibwirizwa nshingiro, umukurun w’igihugu ntiyivanze mw’itunganywa ry’umugambwe w’Abadasigana Uprona, ariko mu bikorwa vy’umukuru w’igihugu akurikirana nyabuna ko inzego zigihugu zikora hisunzwe amategeko.

Muri iki gihe rero, icegera c’umukuru w’igihugu Sinunguruza Terensiyo akaba yari yananye ko adashobora kuva muri ico kibanza kuko yavuga ko amategeko atakurikijwe, ndetse ko agiye kwitura zimwe mu nzego z’uyo mugambwe, mu gihe yaguma yemeza ko ugukurwako amaboko kwiwe mu kibanza arimwo n’abakimurungitsemwo, vyariko bigirwa n’abantu batatu gusa aribo Karori Nditije asanzwe arongoye umugambwe, Mboneko Felix icegera c’umukuru w’umugambwe na Gaston Sindimwo umunyamabanga mukuru w’umugambwe, bidakurikije amategeko.

Ariko bikaba vyagiye kuboneka ko ukwipfuza ko Sinunguruza yokwirukanwa muri ico kibanza ari ingingo zizwe n’umugambwe, kuko mu mpera z’iyi yinga abashingamateka basohoye urwandiko rwo kumusaba gutanga imihoho co kimwe na komite nshingwa bikorwa y’uwo mugambwe.

Inyuma y’iryo jambo jambo rivuzwe na Lewonidas Hatungimana abatari bake bakaba baja batanguye kurindira igenwa ry’uwo buca asubirira Terensiyo Sinunguruza. Muri iki gihe uwuvurwa cane ko yoba ariko ashirwa imbere n’umugambwe wa Rwagasore akaba ari Jean Claude Ndihokubwayo, asanzwe muri iki gihe ari umushikiranganji w’iterambere ry’amakomine.

Jean Claude Ndihokubwayo, umushikiranganji w'iterambere ry'amakomine

Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.