IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu arashima ivyavuye mu nama yahoramwo muri Koweit

Umukuru w’igihugu arashima ivyavuye mu nama yahoramwo muri Koweit

vendredi 22 Munyonyo 2013

Inama igira gatatu yahuje ibihugu vyo muri Afrika n’ivy’abarabu yasozerewe ku munsi w’ejo kuwa kane. Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza asanzwe yahora mu gihugu ca Koweit ahabereye ivyo bikorwa amenyesha ko iyo nama yagiriye akamaro Uburundi mu bijanye n’ibigiye gukorwa hamwe n’imigambi igiye kurangurwa.

Mu mafaranga Uburundi buzokoresha mu mwaka w’2014, igihugu ca Koweit ari naco cari catunganije iyo nama yamaze iminsi ibiri cemereye ubwaco conyene ayagera ku muriyaridi w’amafaranga y’amarundi. Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza amenyesha ko mu migambi yari yagiye yitwaje muri iyo nama yari ifise icivugo c’imigenderanire mw’iterambere, iyigiye gushikirwa imbere y’iyindi ari iyubakwa ry’ikivuko co mu Rumonge, hamwe n’amabarabara azokwubakwa.

JPEG - 42.5 ko
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza

Inyuma y’iyo nama, umukuru w’igihugu Petero yarabonanye n’abandi bakuru b’ibihugu n’abategetsi b’ibihugu vya Afrika n’ivyarabu. Mu biganiro bagiranye, bashize imbere ingene bokomeza imigenderanire mu gutezana imbere. Mu gihe igihugu c’Uburundi gisanzwe gishora hanze ivyimburwa vy’agaciro nk’icayi n’ikawa, kikaba kandi giheruka kwemeza amategeko agenga ugucukura ubutare, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yemeza ko imigendera hagati y’Uburundi n’ivyo bihugu vy’abarabu igiye gukomezwa, kuko vyose bikeneraniye.


Egide Nduwimana

Messages

  • NKuyu muntu. Yatowe ni IMANA. IBANDANYE IMUHEZAGIRE. nUBWOBISUMA ARIBYISHI. iMANA YAKWISIGIYE AMAVUTA

  • Uragowe sanga uzokwama uteze amaboko amakungu kubera iki mutoteza igihugu cacu imbere ko atari ukwiba atakindi mukora raba ingene urwanda rwabasize kubera abagitwara bagiteza imbere, kandi bakunda igihugu cabo.

  • Wewe Rita Nahimana amajambo akuvamukanywa arwayegusumba abuvuga biba ubutunzi bwigihugu cacu ariko mwese ndabahaye izinaryitwa ngo Abavyeyibarahomba! ikindi twebwe turafise abarundi babonyeko kubamugihugu cabo bibananiye bacabigira kwibera mubindibihugu, kandi uyumusi bariko baragirira ivyiza igihugu cabocamavukiro, nonerero nawe ndagusavye uzosimbire ahowavuze mu Rwanda rwateyimbere kumbure woharahurubwenge natwe abatagiyeyo tukahabonera akoyoko, ariko bizogusaba ko akarwi kazobanza kuhutekenika kandi uzorinde uwomunywa.

  • Rita ararengana none uwuvuze ko nyenurugo yapfuye niwe aba amwishe nimba mwumva uwo mugani?? Ariko ni nde atabona ubusuma buri aha iwacu ba mukura fanatisme muvuge ukuri ..dd yarabahumye amaso !!!Ariko namwe muzoshikirwa naho mubavugira...!!!
    Uwo nawe BURUNDI BWANONE ngo peter yasizwe amavuta !!!_???Hehe na nde ko tumurabira ku vyo akora tutaravye ibikorane ahendesha abataboba,no kwiyeza ngo kuko la religion est l opium du peuple aradusinziriza ngo yibe yice ntitubone...he ee mubesha bande??

  • Komundashaka kotwisabira gufashwa nimutureke twiphiregurtyo tweho nukoturonka nabodusaba nivyotubishimira Imana’ muvugadusenga kandidushimira Imana muvyiza nibibi tuti Mana bibe ukwugomba.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.