IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu arashimira abakoze bose kugira amatora abe (...)

Umukuru w’igihugu arashimira abakoze bose kugira amatora abe meza

vendredi 31 Mukakaro 2015

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza amenyesha ko azotwarira abanyagihugu bose,abamutoye n’abatamutoye,kuko ata nyagupfa kandi ata nyagukira.

Mw’ijambo yashikirije abarundi n’amakungu kuwa 30 Mukakaro,umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza arashimira abahiganywe bose mu matora,agashimira kandi abanyagihugu batoye kuko bakoze igikorwa c’iteka co kwitorera indongozi.

Muri iryo jambo,umukuru w’igihugu ashimira abateguye amatora hamwe n’abafashije bose kugira ayo matora abe,atibagiye abamenyeshamakuru bakoze ijoro n’umutaga hamwe n’urunani rw’amaradiyo rwashikirije uko amatora yariko aragenda mu gihugu cose.

Umukuru w’igihugu arashimira kandi indorerezi z’amatora,zaba izo hanze canke abarundi bonyene.Vy’umwihariko,umukuru w’igihugu ashimira ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika.

Umukuru w’igihugu arangiza aremesha abarundi n’amakungu ko amahoro n’umutekano bizoguma bisasagaye mu gihugu c’Uburundi.


Van Naris Mugisha

Messages

  • N, Areke Kuduhenda Ntarota Ashimira Abatamutoye Kuko Iyayaba Abatamutoye Atari Banyagupfa, Ntiyari Kwicisha Acgira Imyiyerekano Kuko Aribo Batanguye Kumwereka Ko Batazomutora. Ntaduhende Rero Turazi Ko Ari Banyagupfa, Banyagukira Nabo Ari Abamutoye. Turazi Kandi Ko Afise Inzigo Y,akazikira Murazi Abari Abagenzi Biwe Banka Koyitoza Iyo Bageze

  • N, Areke Kuduhenda Ntarota Ashimira Abatamutoye Kuko Iyayaba Abatamutoye Atari Banyagupfa, Ntiyari Kwicisha Acgira Imyiyerekano Kuko Aribo Batanguye Kumwereka Ko Batazomutora. Ntaduhende Rero Turazi Ko Ari Banyagupfa, Banyagukira Nabo Ari Abamutoye. Turazi Kandi Ko Afise Inzigo Y,akazikira Murazi Abari Abagenzi Biwe Banka Koyitoza Iyo Bageze

  • urakoze kuturemesha mutama, Imana ikomeze ikurinde. tuzogufasha mugutsimbataza umutekano niterambere mugihugu,twarabonyeko akimuhana kaza imvura ihise kandi inshuti uyibona muvyago. vive le burundi.

  • Irambire, Imana yakuduhaye iheze ibandanye ikudutungire n’umuryango wawe wose !!!

  • AMAHORO NAYAWE NABO MURIKUMWE MUKWIBA MANDAT NOGUHONYA ABARUNDI IYO BUBA UBWUME BWARIKINDI KOMERA UKOMEZE NAMACAKUBIRI YAWE ARIKO UZOGENDA KWANDAWE WATWESE URI MUBI

  • imana ikuje imber iguhekuyobora uburundinka monce ayoboye abisirayeri abakuramuri Egiputa abarundi natwe tukuyoboke uburundi dukeneye guhumurizwa imananitubehafi.

  • Nkurunziza ni Prezida azi Ubwege.singomvye gutanga insiguro.

  • aho kuba perezida nka peter noba umurimyi w’amashu nkayashora kw’isoko

  • Uwanka Perezida Azomuzira Abaguji Nibiyahure Canke Bihane

  • emma

    komera nyakubahwa naho udushimira natwe turagushimira kuko iyo udatsinda canke iyo wanka kwitoza ubu aba CNDD-FDD tuba twaraturiwe twese nkuwambere twebwe batobato, natwe turagushimiye cane, turashimiye nababandanije bafasha uburundi bwacu,

  • Burya uwambaye ikirezi ntamenya kocera, jewe ubunihonkimenyako mu Burundi dufise prezida wigihangange! Nkurunziza mubihangange vyaba prezida vyokwisi arimwo, uwushaka kumenya kwarigihangange arambazaneza.

  • Turakejeje Umukuru W’igihugu Petero Nkurunziza Twaraye Tumutoye Twese Kuko Numuvyeyi Ntawomuheba Turakejeje Nurumori Rumorikira Igihugu Cacu Tuzoguma Tumutora Kugeza Kumuhero Wisi Abamwaka Bamaramare

  • Uwanka yangare, iconzico nuko iki kiringo peter atwaye kitweretse ivyari vyihishije tutari tuzi n’ibindi tuzobimenya. Imana iturinde abashaka kutununuza no kutwicisha gusa twebwe batobato, batugomorera mwishamba nabo bigiriye kwigaramira muma hotel adis gusa, ko batahitanye rurya rukerekere rw’abana bagomorera mukibira no mw’ishamba rya nyungwe bakajana adis nabo kurya amafiriti

  • UMUKURU WIGIHUGU TUZO MUTARA IMWAKAYO YOSE NUMUGABO W’IJUNJA NIJAMBO KOMERA MURAKAYAGWO HOSE MWAME MUTAHANA AMANOTA MEZA

  • Twaraye Twitoreye Umukuru W’iguhugu Petero Nkurunziza Kurongora Igihugu CacuTuramukejeje Nabandanye.Aguma Kwivora Numuvyeyi Mwiza Reka Ntawovuga Ivyiza Akora Nivyinshu Cane Imana Ni Muhezagire.

  • @Cyrille
    "Nkurunziza ni Prezida azi Ubwege.singomvye gutanga insiguro."
    Aho ntubeshe! Ubwenge bw’inda yiwe ntawubumurusha! Kiretse wewe nyene nkeka!

  • Tumwifurije amagara meza n’umugisha. Ariko yiteho iterambere, imihimbiri ayime ikibanza, abasuma batuzwe, ubucamanza bukore ata nkunzi. Ashireho ama industries n’inyubako nziza. Twifuza iterambete ubukene buhere, tuzoca tumwongera muri 2020.

  • Iyonkuru.Icondayivugako.Niki-jewendashimaimigambiyiwe.Twebwetushaka.umutekano.Nibikorwavyiterambere.Noneho.Turaziyuko.Arisebarundi.Arodukorera.ivyodushima.Nicogituma.Twamutoye.Narambe.Agumekwivora.Abatagira.Umugambi.batekereze....

  • wewe wiyita#bizi# ntandero ufise burya urazi perezida icarico?umuntu utokora nokwi koti yiwe!amacakubiri iyabayafise mubamwaratubonye.ubu komutodukanga nagato.tekereza indero gusa irakuroka

  • Nakumvirije Nicwa N’agaseko,mbega Mwarirya Jambo Kutagarutse Kubirirwa Baricwa,abapfungiw’ubusa,ama radio Yugawe,n’ibindi,har’abataryohegwa N’ukwica Arik Baryoherwa Babony’ibiziga.@

  • Imana Yaduhaye Nkurunziza Iteba,ubona Iyimuduha Kuvuburundi Bwikukiy,mais Ntaco Impundu Ntibungwa,azokora Kk Arashigikiw Nabarundi

  • ego kuvuga uravuga none abakuvuyeko unzobagarukana gute iriteguye gukorana nabo kugira amahoro aboneke

  • @cumacindubaruba
    Izina wiyita rirantwenza cane,ndagushigikiye ivyo uvuze,ni akamaramaza ibintu vyanditswe kuri buja news bijanye nirya conseil nationa de transition yahuriye adis abeba, ariko ubuho ni conseil national de resistance,niho uca ubona ko vyose batanguye kubisohora ,nivyo barondera kunyegeza,mbabajwe na feruzi n’abandi bapfuye bazira ubusa ngo ni ikibazo ca mandat atari co namba kandi twaguma tuvuza induru ntibavyumve,raba ayo manyanga barimwo bahenda b’abahutu bacu,rufyikiri batanguye kumwagiriza ko il est toujours en lien avec le pouvoir de nkurunziza ngo kuko yanse kuyobora ivyo bintu ngo atavuze igituma,urabona nta mututsi numwe yagiye ahabona ngo acemange,sinduhije yavugiye kuri telefone ntiyagiye,bashaka kugisunurira kuri nyangoma,mbega ko batagiha buyoya,ciramunda yatwara MNP,ko batagiha nyamoya n’abandi benshi,surtout vitali na paciphique?laises tomber abahutu bisajije bata igihugu kubera agahimbo bazorubona,ni igiki cinyegeje muri ivyo bintu?Ubwo burya abahutu boja ngaho ngo hari ivyo bariko bakorana n’abatusti,mais ecoutes ni akazi kabo,nibabaze rwasa iyo iba imivumo yica aba yapfuye?Nayo kuja mu ma hoteli waruzi ngo ngo barya bana barabibuka,babagomoreye mu ma barabara,ba minani babonetse rimwe ritarenga ntitwongeye kubabona ivyuya vyabarenze muri ville,nta numwana wabo bajanye,abatutsi bo nta numwe yigeze ajayo muri barya bo hejuru,ndagusavye ntu,abo bose ba sinduhije bibereye i bulaya,abakokeza bose nta numwe agifise famille mu burundi,abo bana barababaje,ariko abarundi turiko turaca akenge.Hari inkuru numvise ngo muri barya bagiye ku manifesta mu mugamba no mu yandi ma communes y’abatutsi,ngo hari uwagiye avuye ku musaga ngo arinamura abwira umuhutu atamuzi ngo,urazi ngo ntakubesha intwaro z’abahutu ngo abatutsi zaturambiye,ngo uyo muhutu yaciye ahunga,bose nibakumbure bakanure.

  • KOMERA MWAMI,KERA UMWAMI YASUBIRIZWA NUKO APFUYE.NTAWITANGIYE AMATORA KURUSHA Adelard SHIRAHISHIZE yaserukiye COPA na KAZE-FDD i Ngozi.

  • Niyirabire.Nayo Abangobagurika Go Ibirigo Nabasazi. Ubuho Niho Angitaguragutwara Ikiringocambere Inyuma Yokugarura Igihungu Numuheto Aho Nyagupfa Yikoreye Amazirantoke Ahinahiniye Go Ariko Arakubita Kudeta Gode Uburero Muruvako Arikirigocambere Niyirabire.Imana Imuzigamire Uburundi.

  • Mwabifpamutima muhitiye
    muhendwa mukisuka mumabarara nimusonze
    mwifate kandi mucubwenge aharaye inzara havyukinzigo igiti ntikigukora mujisho kabiri
    ryabike uryamekare bandayamutaye baracari inyuma yanyu.ubutegesti ubuhabwa n’Imana

  • Eehee! Emama Harabandika Kurubuga Ivyobandika Ukamenga Nta Na Garadiyene Bahonyoyemwo Cakora Uwufite Mensh Ntarenza(2) Arik Ntibitangaje Kuk Nivya Bi Mbonera Kure Pita Yayora Mumisoz VYohora Vyiba Ibitoke Ninyumbatiti Hanyuma Acabiha Inkoho Abihaningwa Umwarimu Yavyigisha Yize Amashure 6 Gusa Hama Namwe Ngo Mwarize.Ka2 Nah Haruwuvuze Ngo Perezida Ngo Ntuzuwariw Ubwose Harumuntu UTazuyundi Reka Rero Jewe Nakubwire Perezida Uwariw Umumenye Nabatamuzi Wenda Bamumenyereho:1-perezida Arafatwa N’itiro:2 Perezida Araja Kuritwarete:3 azoja Mukinogo Gipima "2m"L et l :4 azoherekezwa numuryongo we nimodoka ziwe nyuma zisubire inyuma,ica 5 kandi arinacocanyu azozuka hanyuma abazwe nanyagasani,niyabura rero insiguro nyayo azoha imana yitegure kurigitwa numuriro wuwiteka Ntimukazane Ibintu Bifite Garanti Nkiyivoka Hanyuma Ngo Mubihe Agaciro Bitaringombwa!!

  • komera mutama, ur’INKURUNZIZA k’uburundi,nuhangame ube URUTANDARA "PETER" ntamenwa runyiririka amata n’ubuki, twagushimye vyishi nubundi 2020 tuzokwusura.

  • Komera Mutama abavuga bavuge ni baruha bazonuma.Mbere nomuri 2020 tuzokwongera

  • Nkurunziza ni umugabo . Ntagira ivangura nka Ruhagwa Kagame ndetse nta n’abatutsi akona nkuko Kagame abikora mu Rwanda akona abahutu. Kubwanjye mbona ubutegetsi yarabuhawe n’Imana. Mbaye ndi umurundi namwongera amajwi muri 2020, 2025,....

  • KOMERA NYAKUBAHWA.IMANA YARAKUDUHAYE.KIRETSE BIVUYE KURI MWEBWE,N’AY’UBUNDI MUZOKWAMA MURONGORA UBURUNDI,N’INYUMA YA 2020.SINZI NK’ABAKEKERANYA BATAZI IYO TWAVUYE.

  • Turashimye Ingene Umutekano Wagenze Mugihugu C’uburundi Abantu Bari Bafise Ubwoba None Ni Amahoro Peter Nkurunziza Turamukejeje Nakomere Kumuheto!

  • @kanyarwanda,ntabwenge ugira uragereranya ba président 2 bayobora ibihugu 2 bitangana bidafite n’abenegihugu bamwe BURUNDI # RWANDA,niyo mpamvu utazigera utera imbere bitewe n’amacakubiri,bose abo wemera nabo utemera ikibashishikaje bahuriye ku mafaranga wowe urazana ubujiji.Ikorere bike byawe witeze imbere ubundi abayobozi ubareke bakuyobore.

  • Mubo yashimira caaaaane harimwo na Adolphe son bras droit, none yitavyimana atabonye naho arahira, ni hatari ivyo mu Burundi !!!...

  • NUKUR IVYO BINTU NTAKURI KURIMWO AHUBWO MURARABA NEZA ARACAHEMA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.