Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukuru w’igihugu asaba ko hoba urukundo mu ngo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Umukuru w’igihugu asaba ko hoba urukundo mu ngo

Umukuru w’igihugu asaba ko hoba urukundo mu ngo

lundi 31 Kigarama 2012

Kuri uno wa gatandatu itariki 29 kigarama 2012,igikorane categuwe n’umuryango w’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza carabandanije I Ngozi aho yasavye ko abubatse bogira urukundo kuko arirwo shingiro ry’imiryango.

Mu masengesho yo gushimira Imana yateguwe n’umuryango w’umukuru w’igihugu ariko abera INgozi yo kuri uno wa gatandatu itariki 29 kigarama 2012,umukuru w’igihugu yasavye ko abubatse bogira urukundo hagati yabo kuko arirwo shingiro ry’ingo.Ivyo akaba yabivugiye mu ruganda rwari rwateguriwe imiryango y’abategetsi mu gatondo ko kuri uno wa gatandatu.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza akaba yarabamenyeshejeko iyo hari urukundo mu ngo bituma n’abana babifatirako nk’akarorero, akaba yarabamenyesheje mbere ko urukundo ari nk’igiseke gitekeye ubutunzi.

Mu bari muri izo nyigisho harimwo icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gervais Rufyikiri n’umutambukanyi wiwe,abashingamateka,abashikiranganji n’abandi banyacubahiro. Mu rundi ruganda umukuru w’igihugu yagirishije urwaruka yarabamenyesheje ko bakwiye guca ubwenge mbere bakubaha kuko arivyo bibaha agaciro mu miryango yabo.

Uwasiguye ijambo ry’Imana kuri uwo munsi akaba yaratanze n’inyigisho muri urwo ruganda rw’abubatse akaba yari umuvugabutumwa Paul Gitwaza yaramenyesheje ko hari ibintu bikunda guhungabanya ingo harimwo ubutunzi bw’umuryango,ukwemera hamwe n’abagenzi,Paul Gitwaza akaba yabariye abari ngaho ko boba maso kugira ntihabe ugutandukana canke kwahukana kuko biteza isoni imiryango n’igihugu muri rusangi.

Ku muhingamo,igikorane caciye kibandaniriza ku kibuga Urukundo c’I Buye. Umukuru w’igihugu akaba yarashinze intahe aho yavuzeko umwaka wa 2012 wabaye umwaka w’imigisha.Umukuru w’igihugu yaciye yibutsako mu gikorane co ku mwaka uheze Paul Gitwaza yari yavuzeko uyu mwaka uzoba uwo imigisha, kuronka abagenzi benshi no kurangura imigambi itari mike.

Umukuru w’igihugu yamenyeshejeko ikivyerekana ari uko mu mwaka wa 2012 UBurundi bwahimbaje imyaka 50 bumaze buronse intahe yo kwikukira hakaba kandi harubatswe ibitari bike.

Umukru w’igihugu akaba yarangije amenyesha ko muri uno mwaka abarwizatunga batari bake bazanye imitahe yabo mu gihugu ,amahiganwa menshi yatsinzwe n’UBurundi , mbere UBurundi bukaba bwarabaye ubwa mbere kw’isi yose mu bijanye n’ingenzi.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.