IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu azohabwa agashimwe mu rugendo arimwo mu Buyapani

Umukuru w’igihugu azohabwa agashimwe mu rugendo arimwo mu Buyapani

jeudi 30 Rusama 2013

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Petero Nkurunziza aritezwe ku musi w’ejo kuwa gatanu mu gisagara ca Yokohama, aho agiye mu bikorwa vy’inama mpuzamakungu igira gatanu iraba amahoro umutekano n’iterambere vya Afrika, izoba kuva igenekerezo rya mbere gushika igenekerezo rya 3 Ruheshi 2013.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi akaba azohura n’abandi banyecubahiro nk’umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’Ubuyapani Shinzo Abe n’umukuru w’igisagara ca Yokohama Fumiko Hayashi.

Akaba kandi azokwitaba ibikorwa vyo gutanga agashimwe kitiriwe Hideyo Noguchi ka Afrika gafise intumbero yo gukeza abantu canke amashirahamwe yakoze ibikorwa bishimishije mu bushakashatsi bw’ubuvuzi canke irindi terambere mu buvuzi.

Harategekanijwe kandi ibikorwa n’abarwizatunga bo mu gihugu c’Ubuyapani, aho Nyenicubahiro Petero Nkurunziza azosigura ingene abanyamitahe boroherezwa mu gihugu c’Uburundi kivuye mu ntambara ariko kiriko kigerageza guhindura isanamu, kibe igihugu nyabagendwa.

Inyuma y’iyo nama, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza azoterwa iteka n’ishirahamwe Afrijapan-Africasia rizomuha agashimwe kitiriwe "Indondozi yitanze mu bikorwa vy’iterambere rusangi kuva mu kiringo co mu mwaka w’2008 gushika umwaka w’2013" (Leader du Développement Communautaire Africain 2008-2013)

Iyo nama yitabwe n’umukuru w’igihugu ikaba ari umugambi watangujwe na Leta y’Ubuyapani mu mwaka w’1993 aho abakuru b’ibihugu vyo muri Afrika bahura ku kiganiro co ku rwego rwo hejuru n’abafasha mu migambi y’iterambere. Ikaba izoremeshwa n’Ubuyapani, ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Banki y’isi yose, PNUD n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika.
Ubuyapani bukaba buri mu basanzwe bafasha uburundi muri wa mugambi wo kurwanya ubukene CSLP II.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.