IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yarakiriye mu biro iwe Todateru Konoe (...)

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yarakiriye mu biro iwe Todateru Konoe atwara Croix-Rouge kw’isi

samedi 26 Nzero 2013

Kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 25 Nzero 2013,umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yarakiriye mu biro iwe Todateru Konoe arongoye ishirahamwe ryo gutabara imbabare Croix-Rouge kw’isi.

Nk’uko vyashikirijwe na Docteur Francois-Xavier Buyoya arongoye ishirahamwe Croix-Rouge m’u Burundi,ngo muri uwo mubonano,abo bategetsi babiri barihwereje hamwe ibimaze kurangurwa n’ishirahamwe Croix-Rouge m’u Burundi.

Nk’uko yabandanije abimenyesha,urwo rugendo ruri mu ntumbero yo kwirabira ivyaranguwe n’ishirahamwe Croix-Rouge m’u Burundi kuko yabaye iyo akarorero mu bihugu 189 ikoreramwo kw’isi.Akaba ari n’akaryo ko gusuzuma ko ivyo bari bishinze kurangura kuva mu mwaka w’ 2010 gushika mu mwaka w’2013 vyakozwe nk’uko bavyipfuza,kabe n’akaryo kandi ko gutegura ibizorangurwa hagati y’umwaka w’2014 gushika mu mwaka w’2017.

Ishirahamwe Croix-Rouge rikaba ryiyemeje gushigikira u Burundi no kwagura imigambi rirangurira m’u Burundi.Muri iyo migambi harimwo gusubiza mu zabo impunzi,kwongereza umwimbu m’uburimyi n’ibindi.

Tubibutse ko Todateru Konoe yahawe kandi umubonano n’icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nshingamateka,akaba ari m’urugendo ruzomara iminsi ine.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.