IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w ‘igihugu yarakiriye intumwa z’ikigega mpuzamakungu FMI

Umukuru w ‘igihugu yarakiriye intumwa z’ikigega mpuzamakungu FMI

jeudi 20 Ruheshi 2013

Nyenicubahiro umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yarakiriye ku kirimba iwe ku musi w’ejo igenekerezo rya 19 Ruheshi intumwa z’ikigega mpuzamakungu FMI yari irongowe na Oralh Williams.

Muri uwo mubonano, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza akaba yamenyesheje ibimenyeshamakuru ko urwo rugendo rw’izo ntumwa za FMI ruja mu ntumbero yo gukorana no guhanahana amakuru ku vyerekeye ubutunzi ukuntu bwifashe mu gihugu c’Uburundi.

Uburundi buracafise ingorane nyinshi mu vyerekeye ivy’ubutunzi, ariko rero impinyanyuro zigiye gukorwa kugira ubutunzi bw’igihugu ntibuhungabane cane babifashijwemwo nico kigega mpuzamakungu FMI, ivyo bikaba ari ivyavuzwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Petero Nkurunziza.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yarashimiye cane ico kigega mpuzamakungu FMI gisanzwe gishigikira mw’iterambere ry’ubutunzi bw’igihugu.

Izo ntumwa zikaba ziri mu Burundi haraheze indwi zibiri, zikaba zararonse n’akaryo ko kubonana n’abafasha hamwe n’inzego za Leta kugira barabire hamwe ibikwiye guhinduka.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.