Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w ‘igihugu yarakiriye intumwa z’ikigega mpuzamakungu FMI
Umukuru w ‘igihugu yarakiriye intumwa z’ikigega mpuzamakungu FMI
jeudi 20 Ruheshi 2013
Nyenicubahiro umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yarakiriye ku kirimba iwe ku musi w’ejo igenekerezo rya 19 Ruheshi intumwa z’ikigega mpuzamakungu FMI yari irongowe na Oralh Williams.
Muri uwo mubonano, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza akaba yamenyesheje ibimenyeshamakuru ko urwo rugendo rw’izo ntumwa za FMI ruja mu ntumbero yo gukorana no guhanahana amakuru ku vyerekeye ubutunzi ukuntu bwifashe mu gihugu c’Uburundi.
Uburundi buracafise ingorane nyinshi mu vyerekeye ivy’ubutunzi, ariko rero impinyanyuro zigiye gukorwa kugira ubutunzi bw’igihugu ntibuhungabane cane babifashijwemwo nico kigega mpuzamakungu FMI, ivyo bikaba ari ivyavuzwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Petero Nkurunziza.
Umukuru w’igihugu c’Uburundi yarashimiye cane ico kigega mpuzamakungu FMI gisanzwe gishigikira mw’iterambere ry’ubutunzi bw’igihugu.
Izo ntumwa zikaba ziri mu Burundi haraheze indwi zibiri, zikaba zararonse n’akaryo ko kubonana n’abafasha hamwe n’inzego za Leta kugira barabire hamwe ibikwiye guhinduka.
Floxella Karire