Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu yafashe ingingo zokugarukira agaciro k’amafaranga (...)
Umukuru w’igihugu yafashe ingingo zokugarukira agaciro k’amafaranga y’amarundi
mercredi 27 Ruhuhuma 2013
Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza, yarakoranije abagize urwego rw’igihugu rushinzwe umutekano mu nama idasanzwe ku musi wa kabiri igenekerezo rya 26 Ruhuhuma 2013.
Inama nkuru y’umutekano ibona ko itituka ry;amafaranga y’agaciro rituruka ko u Burundi bushora hanze ibintu bike hanyu bukagurira hanze vyinshi.
Nk’uko bimenyeshwa na Prime Ngowenubusa, umunyamabanga ntayegayezwa muri urwo rwego, iyo nama yari ishimikiye ku ngingo imwe rudende: uguta agaciro k’amafaranga y’amarundi, hamwe n’ingingo zikwiye gufatwa vuba. Iyo nama yaciye ifata ingingo ruhasha zikurikira.
1. Inama nkuru y’umutekano isaba ibanki nkuru y’igihugu BRB gutunganya neza amategeko mashasha ajanye no kudandaza amafaranga yose y’agaciro.
2. Inama nkuru y’umutekano isavye ko ibanki nkuru y’igihugu yohagarika ingingo zose zibuza abantu gukura amafaranga yabo y’agaciro mu mabanki yabo y’ubudandaji.
3. Ibanki nkuru isabwa kandi gufata ingingo kugira ngo abafise amafaranga y’agaciro baronke inyungu nk’uko bikorwa mu bindi bihugu vyo mu karere.
4. Inama nkuru y’umutekano isavye ibanki nkuru y’igihugu gukora ibishoboka vyose kugira hame haboneka amafaranga y’agaciro kugira abadandaza n’abandi bayakeneye bame bayaronka.
5. Inama nkuru y’umutekano isaba amabanki y’ubudandaji kworosha ibisabwa kugira ngo abantu babike canke babikure amafaranga y’agaciro bitabagoye.
6. Amabaki y’ubudandaji asabwa kandi gukomeza umwizero kubanywanyi babo babika canke babikura amafaranga y’agaciro.
7. Inama nkuru y’umutekano isaba Reta kugenzura neza abashora ibintu vy’agaciro hanze nk’ubutare n’ibindi biterwa kugira bimenyekane mu nzego zibijejwe. Gutyo Reta irabe ko amafaranga y’agaciro avuyemwo abikwa mu mabanki y’ubudandaji yo mu Burundi.
8. Inama nkuru y’umutekano yasavye kandi Reta ko yoshiraho umugwi wamaho wocungera ingene amafaranga y’agaciro yifashe hamwe n’uko ifaranga ry’u Burundi ritosubira guta agaciro ntibigume bitera umutima uhagaze iyo nama nkuru y’umutekano.
9. Ikindi Reta isabwa n’uko yocungera neza kugira ibintu vyose bidandazwe mu mafaranga y’amarundi kiretse aho ibanki nkuru y’igihugu yobona ko bikenewe igafata ingingo bijanye.
Pierre Claver Niyonkuru na Jean Michel Ndayikengurutse