Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukuru w’igihugu yarakiriye mu biro iwe abagiye guserukira ibihugu vyabo mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Umukuru w’igihugu yarakiriye mu biro iwe abagiye guserukira ibihugu vyabo mu (...)

Umukuru w’igihugu yarakiriye mu biro iwe abagiye guserukira ibihugu vyabo mu Burundi

samedi 19 Nzero 2013

Kuri uno wa gatanu igenekerezo ry’18 Nzero 2013, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yarakiriye mu biro iwe abagiye guserukira ibihugu vyabo m’u Burundi.

Nkuko vyamenyeshejwe na Willy Nyamitwe icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu ngo abo bagiye guserukira ibihugu vyabo m’u Burundi bari baje bazanye amakete abagena muri ayo mabanga bongera bamumenyesha ubutumwa bwa bagenziwe mu bijanye n’imigenderanire hagati y’ibihugu vyabo n’igihugu c’u Burundi.

Kubwa Willy Nyamitwe, ngo abo bserukira ibihugun bakaba barashimye cane intambwe u Burundi bugezeko mu bijanye no gutsimbataza amahoro gushika n’aho mbere u Burundi bufasha mu bindi bihugu nka Somaliya,Sudani na Cote d’Ivoire.

Abo bagiye guserukira ibihugu vyabo m’u Burundi akaba ari Dawn M Liberi agiye guserukira reta zunze ubumwe za Amerika,intebe yiwe ikaba iri i Bujumbura,Balaynesh Zevada agiye guserukira Israel intebe yiwe ikaba iri i Addis-Abeba mu Ethiopie,Michael Mlynar aserukira igihugu ca Slovaquie intebe yiwe ikaba iri i Nairobi,Yaqoub Youssef Al-Sanad aserukira igihugu ca Koweit intebe yiwe iri i Nairobi,uwa nyuma akaba ari Luis Cuesta Civis agiye guserukira inoma ya Espagne intebe yiwe ikaba iri i Dar-es-Salaam mu gihugu ca Tanzaniya.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.