Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu yarishikiye ku kivi
Umukuru w’igihugu yarishikiye ku kivi
dimanche 10 Ruhuhuma 2013
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yarifatanije n’abanyagihugu bo muri komine ya Ngagara mu bikorwa rusangi vyo kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 9 Ruhuhuma,mu bikorwa vyo kwubaka ishuri shingiro muri quartier ya kane.
Ivyo bikorwa rusangi vyo kuri uno wa gatandatu vyari vyitabwe n’abakozi bo mu biro vy’umukuru w’igihugu vyari bijanye no kwegeranya amabuye hamwe no kuvanga isima n’umusenyi bikoreshwa mu kwubaka umushinge wo hasi w’amashuri 7.
Inyubako z’ayo mashuri ziri mu ntumbero yo kwagura iryo shuri kugirango barihindure mw’ishuri nshingiro nk’uko biri muri politike ya Reta y’u Burundi yo guhereza amashuri y’intango mu mwaka w’9.Iyo politike izoja mu ngiro mu mwaka w’ishuri w’2013 ushira umwaka w’2014.
Musitanteri wa komine Ngagara Desire Gahungu yamenyesheje ko iyo shuri izoba yatanguye gukora mu ntango z’umwaka w’ishuri uzotangura muri Nyakanga 2013.
Nk’uko musitanteri yabandanije abimenyesha,uburyo bwo kwubaka iyo shuri bwavuye mu ntererano y’abavyeyi,abakora ibikorwa vy’ubudandaji muri komine ya Ngagara hamwe n’ababa aho mu Ngagara.
Abanyagihugu bo muri komine ya Ngagara bari bitavye ivyo bikorwa ari benshi.
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yari yaherekejwe n’abashikiranganji batatu,umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu,umushikiranganji w’iterambere ry’amakomine hamwe n’umushikiranganji w’urwaruka inkino n’imicokama.
Mugisha Van Naris