Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukuru w’igihugu yasavye amazina y’uwosubirira Busokoza imbere y’iminsi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umukuru w’igihugu yasavye amazina y’uwosubirira Busokoza imbere y’iminsi (...)

Umukuru w’igihugu yasavye amazina y’uwosubirira Busokoza imbere y’iminsi indwi

lundi 10 Ruhuhuma 2014

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yatanze iminsi indwi kugira abagize inzego nyobozi z’umugambwe UPRONA bazobe bamuhaye amazina yoshobora guhitamwo icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.

Icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu, Willy Nyamitwe, amenyesha ko umukuru w’igihugu atazotirigana kugena uwundi asubirira icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu avuye mu wundi mugambwe, mu gihe inzego z’umugambwe UPRONA zitokorana kugira zishikirize umukuru w’igihugu amazina yotoramwo uwosubirira Bernard Busokoza aheruka gukomborwa.

Nka hamwe vyoshika ku munsi w mbere w’indwi hakazogera abadasigana b’umugambwe UPRONA bataratanga ayo mazina, kuko basaba ko bobanza kuganira na Reta, mu biro vy’umukuru w’igihugu bamenyesha ko ico kibanza kizoca gishirwamwo uwuvuye mu wundi mugambwe atari UPRONA, ariko bagene uwo mu bwoko bw’abatutsi butandukanye n’ubw’umukuru w’igihugu.


Egide Nduwimana

Messages

  • Mbekobadukanga?abadasigana ntibatetemera,kandintibarikobarabakomera amashi mwaba dd mw?nous sommes très sages. Ntintuturikoturwanira ibiti nkamw,nuwotwotanga azobari sage gusumbamberuryamwakomboy?attension on verra ça

  • Jewe ataho umuntu ashatse kwegamira tubonako Leta ikwiye guha umwanya ukwiye umugambwe uprona bagatora inzego zibarongora umutima urimunda kuko bafise uruhara runini mwicanamwo ryuwo mugambwe.

  • Gikuru Umugambwe UPRONA ukwiriye kwihutira, ni ugukorana batange liste y’amazina y’abantu basubira muri Leta no mu kibanza c’icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu. Umwanya usigaye kugir’amatora y’2015 agere, ni muto cane. Nta CNDD-FDD izota umwanya ngo igiye kuganira na UPRONA. Nta mugenzi muri politique. Ahubwo ni UPRONA ikeneye kuresha CNDD-FDD na yo ahandi, biragaragara ko amatora y’2015, UPRONA ihakwa kuyonga. Ku bwanje, arya mababa abiri ya UPRONA yagize neza kuja hamwe hama isokora muri Sentare imanza bari bafitaniye. Bitumwe na zuguzugu ABADASIGANA bafitaniye n’ABAGUMYABANGA ba CNDD-FDD, ingorane zisanzwe muri uyo Mugambwe witwa uwa Rwagasore zari gutuma le fameux Ministre de l’Interieur Edouard Nduwimana ahakwa gufura Umugambwe UPRONA. Kubera ata coup d’Etat zicemewe, Bonaventure Niyoyankana yaragarukiye uwo Mugambwe.

  • Mbe iyo mihirinbiri yateza akajagari muri Uprona iziko bizoyorohera? Nibabandanye bakoza intole zabo munyo ya Uprona, aho buvyuka badushikiriza Leta ngarukira gihugu abo bad DD bibaza Yuko hari uwo Rita Ngo barabatembagaje. Ubu igihugu cose coca ciha pole. Nawe izombonerakure zose zoca zidadwa. Nyabuna Uprona turonderere umu General aryumutima nka General El Sisi Wo kuri Egypt adukorere akantu.

  • narinziko ugiye kuvugako utanze indwi y’ikigandaro kubera ibyago byashikiye igihugu none utanze indwi ngo uprona ibe yaguhaye list y’abazasubirira busokoza???? ubwose ukunze igihugu???? yewe amenyo ni amabuye kweri

  • Ahubwo UPRONA irondere uwukaze gusumba Busokoza

  • C’est tres simple! Nibamuhe amazina y’abashingantahe b’indyamunyu hama turabe ko yemera abaje gukora nka Busokoza atasghaka gutamikwa ijambo na DD. Niyabanka naho, abaporona muzoce musaba rero ibiganiro, muvuge ko DD ishaka kubimposa amazina, kugira baronke abakorera mu kwaha kwayo.
    Voila ma proposition de candidature : Julien Nimubona, Bernard Busokoza, Tatien Sibomana, Evariste Ngayimpenda

  • Karikurubu ko mwamereye nta gitutsi yoba yanditse?Ahubwo yihenze ku bo yibaza ko bokomesha DD.Hari amazina yibagiye:Bikomagu,N Sylvestre,Manwangari,Rumbete,Niyoyunguruza,Ngeze na Mukasi,hari kujamwo Kiwi none nta mashure.Kananirabagabo ntiyimye,umunana w’isema utembagara uduga.Reka kuguma twimba ivyobo vy’abandi kuko rwacu biraturindiriye.Iyidaca urwa nkunzi izobimenya.Ku mbonerakure hoho,inyenzi y’isema yurira umurundi w’inkoko.Imvugirakuyamara y’umushingantahe ikundwa n’abake.

  • Ww wiyita Josua,nahoho utuka abandi ngo nabahibiri,ahubwo ww niwur’umuhibiri,kuko ivyo wandika birabonekako urumuhibiri urumuhibiri urumuhibiri urumuhibiriiiiiiiiii.........kandi ukwiye uwokujana kwa LONJANTI kubera warahahamutse,birabonekako utameze neza mumutwe.

  • Erega ivyo vyose n,ukubera kudashaka kuva ku ntebe Y, ubutegetsi, ni mwarungika uwutemera ivyo ashaka,nko gusibanganya IBWIRIZWA SHINGIRO hamwe nayandi mabi menshi na we nyene azorondera,ivyo yitwaza amukure,nayo uyo mudamu nareke kwikoza isoni nasonze yireme .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.