IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ’’Abarundi ni badutera iteka bagasubira kutwizera, kizoba kibaye ikiringo ca (...)

’’Abarundi ni badutera iteka bagasubira kutwizera, kizoba kibaye ikiringo ca nyuma’’

jeudi 7 Rusama 2015

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunzizo amenyesha ko yemeye ingingo Sentare ijejwe kwubahiriza Ibwirizwa Shingiro yatangaje ataco ahinduyemwo, kandi ko yiyemeje kuyikwirikiza;

Mw’itangazo yashikirije ku mugoroba wo kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 6 rusama agira ati:

Barundi, Barundikazi,
Ncuti z’Uburundi,

Tubanje gushimira Imana Mushoboravyose yo yama ituja imbere mu bikorwa vyo gutsimbataza amahoro, kunywanisha abarundi no guteza imbere igihugu cacu. Nihabwe icubahiro.

Haraciye imisi hibonekeza mu gihugu cacu ibihe bitoroshe, aho ubugizi bwa nabi bwagiye bwiyongera, na cane cane umugambwe CNDD-FDD umaze gutangaza icese uwuzowuserukira ku gwego rwo hejuru mu matora twimirije; iryo genwa rikaba ari ryo ryabaye intandaro y’imyiyerekano, kuko hari abibaza ko amategeko atakwirikijwe.

Hakurikijwe ingingo ya 228 y’Ibwirizwa Shingiro, Inama Nkenguzamateka yaratatse Sentare ijejwe kwubahiriza Ibwirizwa Shingiro, iyi nayo ikaba ihejeje kwemeza ko ugusubira kwitoza kw’Umukuru w’igihugu ahari uno musi, kandi agatorwa n’Abarundi bose kudahushanye n’Ibwirizwa Shingiro ry’Uburundi ryo ku wa 18 Ntwarante umwaka w’2005.

Barundi, Barundikazi,
Ncuti z’Uburundi,

Mu ntwaro ibereye, kugendera ku mategeko, kuja inama n’ingingo, kwubaha intwaro ya demokarasi n’ukwubahiriza agateka ka zina muntu, bitegerezwa kwama bija imbere ya vyose.

Dushimikiye kuri ivyo, turamenyesheje Abarundi n’amakungu ibi bikurikira:

1° Turemeye ingingo Sentare ijejwe kwubahiriza Ibwirizwa Shingiro ihejeje gutangaza ataco duhinduyemwo, kandi twiyemeje kuyikwirikiza;

2° Turamenyesheje kandi abarundi n’amakungu ko, mu gihe abarundi bodutera iteka bagasubira kutwizera, kizoba kibaye ikiringo ca nyuma nkuko bisabwa n’ingingo yafashwe na Sentare ijejwe kwubahiriza Ibwirizwa Shingiro;

3° Turahamagariye abasanzwe badufasha ngo barushirizeho kudufata mu mugongo mu mugambi wo gutsimbataza amahoro n’umutekano no mu migambi yacu yo guteza imbere igihugu.

4° Ahacu, twiyemeje kubandanya utwigoro twatanguye two kwumvikanisha Abarundi kuva amasezerano y’amahoro n’ayo guhagarika intambara burundu ateweko umukono, kanatsinda ni yo Ibwirizwa Shingiro rikomokako.

5° Mu ntumbero yo gusasagaza amahoro mu Barundi bose, turasavye ko abateshejwe izabo bakiri mu buhungiro hagati mu gihugu bokingirwa bimwe biboneka.

6° Turahimbawe no kubona umugwi wo kumenya ukuri, kurekuriranira no kunywanisha Abarundi waramaze gushingwa, kuko ari wo uzofasha abarundi kumenya ukuri ku mabi yabaye kuva igihugu cacu kironse intahe y’ukwikukira.

7° Turahamagariye abarongoye imigambwe n’amashirahamwe amwe amwe ngo bavavanure n’ingeso yo kuroha abanyagihugu, na cane cane abana mu bikorwa bihungabanya umutekano: abana bategerezwa gusubira mu mashure bidatevye, kuko ikibanza cabo kitari mw’ibarabara. Ni co gituma dusavye yuko abana bafise imyaka iri musi ya 18 bafashwe muri iyi myiyerekano boca barekurwa.

8° Turasavye kandi ko ibibazo vyose vyategekanijwe vyokorwa hakurikijwe uko ikirangamisi categuwe. Tugasaba abajejwe umutekano ngo bakingire ibibanza vyose bizokorerwamwo ivyo bibazo.

9° Abakuze nabo nyene bafashwe bagapfungwa kubera iyo myiyerekano barashobora kurekurwa iyo myiyerekano ihagaritswe.

10° Gukingira abanyagihugu kikaba ari kimwe mu vyo twitwararika cane.

11° Turahamagariye abarongoye imigambwe ngo bakwiragire mu gihugu bahamagarire abanywanyi babo kwitaba amatora twimirije. Nkako , nta wundi muti w’ingorane ushobora kuboneka atari amatora.

Barundi, Barundikazi,
Ncuti z’Uburundi,

Imyiyerekano iriko iraba, cane cane ku mugwa mukuru w’igihugu cacu, yarononye ibintu vyinshi. Turababajwe n’abamaze kuhasiga ubuzima kuva igitangura, baba abanyagihugu canke baba abajejwe umutekano. Turahojeje kandi imiryango yabuze ababo.

Turaremesheje abegwa n’amatora bose ko ingingo zose zafashwe kugira ukwiyamamaza kube mu mutekano. Turijeje kandi Abarundi n’amakungu ko amatora azoba mu mwidegemvyo, ku mugaragaro, ata wukumiriwe kandi mu mahoro n’umutekano.

Turasavye amakungu, Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, Ishirahamwe ry’abanyaburaya, Ishirahamwe rya Afrika, Ishirahamwe ry’ibihugu vyo mu karere k’ibiyaga binini, ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri afrika y’ubuseruko, …ngo baze mu Burundi, maze baze babe ivyabona vy’ingene amatora azogenda.

Turasavye abamenyeshamakuru ngo bikubite agashi, bame bakora bisunze amategeko n’akarangamutima vy’umwuga wo kumenyesha amakuru.

Turibukije urwego rujejwe kugenzura amakuru CNC gukwirikiranira hafi, ku musi ku musi, ingene ibintu biriko biragenda. Abamenyeshamakuru bategerezwa kwama na ntaryo bibanga ibintu bikuru bikuru bibiri: Gutsimbataza amahoro no kunywanisha Abarundi.

Barundi, Barundikazi,
Ncuti z’Uburundi,

Mu kurangiza, twashaka gusaba abanyagihugu bose ngo batekane kandi bubahirize ingingo zifatwa n’inzego z’igihugu.

Turibukije abanyepolitike boba bafise ivyo basaba kubisaba bakwirikije amategeko, kubishikiriza mu buryo butomoye, bashira imbere amahoro n’umutekano vy’igihugu cacu.

Turaremesheje abanyagihugu kandi turabemereye ko dutowe tuzobandanya dutsimbataza amahoro n’umutekano twongera dushira imbere ibikorwa biteza imbere igihugu cacu, na cane cane urwaruka.

Turahamagariye Abarundi bose n’abanyamahanga baba mu Burundi ngo bamirire kure ico cose coza gihungabanya amahoro n’umutekano. Twabironse ducumukuye, twirinde kuvyanjanjwako.

Dusavye ko imyiyerekano imaze imisi ihagarikwa vuba na bwango, dutegure amatora dutekanye, tubandanye kwubaka UBURUNDI burangwa n’umwumvikano, ubutungane amahoro n’iterambere birama.

IMANA IHEZAGIRE UBURUNDI N’ABARUNDI
MURAKOZE.


Van Naris Mugisha

Messages

  • IYO MANA USHIMIRA NTAWUZI IYARIYO KUKO SIYO TUZI TWESE IRI MWIJURU, NTOWOBA URIKO URENGA AMATEGEKO UYABONA HANYUMA NGO IMANA,IMANA. TWARAGUHINYUYE KANDI UZOTUVAKO URABESHA

  • None yavuziki ngaho yavuze nkumwana ariko ariga kuvuga hoho ninde yomutora abatagira ubwenke kimwe twamukuyeko ntagihugu nakimwe kirinyuma yiwe hoho nivyo bahora bivugisha baraye babineyemwo kuza gufata umuntu munama yamakungu abona wuva bafise ubwenge amakungu yahora amubwira yubahirize amasezerano y arusha ubu bazovuga gute ko bayubahiriza nivyo baraye bakoze nivyo bahora bugikanya baraye babibonye babikoreye mu maso yabo ubu bazovuga iki uyo twamukuye pe shimirimana na kazungu bitegure gufatwa

  • Murakoze kuri yo message àla nation .Nivyiza ko abantu biga gushima kuko ivyiza wakoze ntanumwe atobisgima.Hariho abantu bibaza ko gukoresha inguvu ari ubuhizi.Baja mu mabarabara ,baturira amabarabara.Barihenda nibisumba ivyo twarabirinze aho baducura bufuni nabuhoro.Irambire mutama.

  • Kera uwitwa umukuru w’igihugu avuze ijambo bavugango aravumereye ariko muri kino gihe ntawovuga ngo Petero Nkurunziza aravumereye ahubvwo aramotse,birababaje kubona uwitwa ngo ni Se barundi ariwe yerekanye ingeso yagahomamunwa yo guhonyanga amategeko ,mbe iyo sentare uvuze ko vyamenyekanye ko ivyo yemeje arivyo wewe nyene wategetse none wumva wariguhigimanga gute bakoze ivyo wabasavye kandi warunyotewe,bavuga ngo mbazi Imana ariko ibikogwa vyabo bikabihakana.Nkurunziza Petero nkwibarize naho nziko utari busome ivyo nanditse ESE UBU UZONGERA GUSUBIRA MU MASHENGERO UVUGA KO URI UMUKOZI W"IMANA<URASHOBORA KWIGISHA ABANTU NGO NTIBAKABESHE KANDI ARIWEWE UMUBESHI WA MBERE,UZIGISHA KUBAHA AMATEGEKO KANDI NAWE UTAYUBASHE n’ibindi.......................kuhamagarira abantu kuva mumyiyerekano wewe ko twakwinginze ngo ureke guhonyanga amategeko waravyubahirije niba waravyubahirije natwe turaja kuvyubahiriza namba naho utavybahirije natwe nuko ntituvyubahiriza ukore jenoside wateguye kandi umaze no gutangura.Kuvuga ngo abanyagihugu nibagutera iteka urahinduye imvugo kutakoresheje BAKINDA BAHAGAZE BAKINDA BAGARAMYE nzotegeka.Abo uriko aranigagura nibo bazogutera iteka? Wanka bangwe ntiwanka zana ndabe.Izo nzego z’igihugu zimaze iki ubwazo zitubahiriza amategeko?nsubiza

  • KUVYUKURI NTAWUNDI MUTI ATARI UKUJA MU MATORA. KANDI KO NYENICUBAHIRO PETERO NKURUNZIZA ATARIWE YIGENYE YAGENYWE N’UMUGAMBWE AKOMOKAMWO NONE MWUMVA ARIWE GA YEMWE? JEWE NDUMVA URWO RWARUKA RWOJA MU MASHURE RUKIGA NAYO KURUGUMIZA MW’IBARABARA NTACO BAZOKURAMWO ATARI UMUVUMO MU GIHUGU. NAYO TRANSITION NTAYO DUKENEYE TUJE MU MATORA DUTEKANYE TURI KU KIVI TURIKO DUKORA. MURAKOZE CANE.

  • Jewe ndatangazwa n’abarundi bamwe bamwe.Amahora n’ikintu cambere.Turakuze kandi turamaze kubona ibitari bikeye.Burya Peter Nkurunziza
    niwe yaturiye abantu mu mapine muri 1993?Ubuho ko mutaturiye abantu mu mapine muriko murahumka mutera imbere.Nimureke twubake u Burundi butere imbere nta guturira abantu ngo murazi ubwenge abandi batazi.Mbega none kotwize hamwe,ntimubona ko ari vyiza ko tunganya ubushobozi?Ninde yishe Ndadaye arafatwa?Vyose turabizi?Ninde azi aho umwana w’umwami Ntare V yahambwe? Vyose turabizi.Nimugende turaziranyi tuje mumatora.

  • sigaho, sigaho igihugu kirahiye kimanuka nahogi nyabuna bamujane bamucuritse muri prison yo muri commune CENDAJURU nayo la Haye hoho ntaho akwiye kuko abahari ntaco babuze ,ntasubire gusura yirenza yigira surivu yigira nkivyo inda yigira mwikabutura.

  • ABANYARWANDA MWOREKA ABARUNDI BAKITUNGANIRIZA IGIHUGU CABO?

    ET GARDEZ VOS HISTOIRES DE GENOCIDE CHEZ VOUS: MURI GUSUKA ABATUTSI B’I BURUNDI KUGIRA BAZE KUBABERA ABAJA. NI BAGENDE BAZOBACURIKE ALORS KO IWABU BARI BABAYEHO NEZA. MUNYUMA BAZOBITA IBIGORYI. TIME WILL TELL.
    MWIBAZA KO MURI 2017 HARI UMUNYARWANDA AZOJA MU MUHANDA NGO YIYAMIRIZE N EME MANDAT YA MAJOR GNL KA?

  • Ubuntakindi kinezereje ataruko mpawe uburenganzira bwokuzokwitabira amatora ubwakabiri mubitoza harimwo Nkurunziza, bizobabibaye ikiringo cakabiri ngiyekumutora canke kutamutora, ndababwizukuri Ko jewe mungoratwahitiyemwo sinahungiye hanzeyigihugu ariko nabaye impunzi yohagati mugihugu, arikondababwijijukuri ubunibwo bugiye kuba ubwakabiri mpamarirwa kuzojagutora mubitoza harimwo uyu perezida Petero Nkurunziza uburero ndemeye komfise ijambo mugihugucanje.

  • Ce mec est fini, trahi par sa propre cour. Il espere negocier les conditions de son depart. Jamais!!! On va l,arreter et le juger. C,est tout. Et s,il va a Arusha le 13 mai, il ferait mieux de ne pas revenir.

  • Ati ngo akabi gatwengwa nk’akeza. none nkuyu mugabo mobona amariye iki Ubrundi n’abarundi? Yavutse abusanga, kandi azobusiga. Ikiriko kiramutera amanyama cose kiriko kiramuhenda! Ntamuntu numwe yigeze atsinda abanyagihugu. Abanyagihugu twanse tuba twanse. Ahubwo bika impwemu zawe kugira uzozikoreshe mugutera inkuru na Morsi muri Prison. Uraja ngaho ukadahwa kugihugu ngo nawe uracafise ico uvuga? Turindire Uratubona tureha mumwanya. Ntugire ngo uri kure ubu.

  • Intashima zamyeho kAndi abo bantu bandika ivyobashatse nkuko umengo ntibarezwe!Gir’icomwubaha!!Guma ku volant sebarundi abatazi icomwamaze nintashima kabisa!!

  • Ikiringo ca nyuma caraheze mutama, n’essaie pas de compter a rebours, la Revolution sociale ne recule jamais, ni nk’igare, turabandanya udasohotse!

  • Burya kwisi ntawukundwa nabose igikuru muntambara izarizo zose umuntu azishira imbete y’imana.ntakuganza kutava kumana ahubwo komera kumugambi mutama turi inyuma yawe imana ibidufashemwo usubire ugitware Murakoze

  • Ubwo atangiye gusaba imbabazi ngo bamubabarire bamutore, ari muminsi yanyuma mukomeze mumuhate umuriro!

  • Soma ibi navyo:

    Perezida Kagame asanga Nkurunziza akwiye kureba kure niba abaturage batamushaka

    Yanditswe kuya 8-05-2015 saa 11:20’ na Deus Ntakirutimana

    Loading...

    Perezida Kagame asanga mugenzi we w’u Burundi Pierre Nkurunziza akwiye kureba kure mu gihe abaturage ayobora baba bamugaragariza ko batamushaka.

    Aho ari mu Busuwisi mu kiganiro cyateguwe na St.Gallen Symposium, ishuri ry’icyatwa mu bijyanye n’ubucuruzi muri icyo gihugu. Ni mu kiganiro gifite insanganyamatsiko igira iti “Proudly Small†bivuga, tugenekereje mu Kinyarwanda ngo “Guterwa ishema n’uko ungana n’iyo waba muto†.

    Perezida Kagame yatangaje bwa mbere uko abona ikibazo cy’u Burundi burimo kuvugwamo ibikorwa by’umutekano muke, n’icyo ubutegetsi bwa Perezida Pierre Nkurunziza bukwiye gukora.

    Yagize ati “Ikibazo cy’u Burundi ntabwo ari icyerekeranye na manda ya gatatu, ahubwo ni icyerekeranye n’icyo utanga†, aha akaba yasobanuye ko “udashakwa n’abaturage hari indi ntambwe aba agomba gutera†.

    Ati “Mu gihe abaturage bawe uyobora bakubwiye bati ‘ntidushaka ko ukomeza kutuyobora’, ni gute wavuga ngo ‘nzakomeza kubayobora mwanshaka mutanshaka?â€

    Yakomeje avuga ko abayobozi b’iki gihugu bagomba gukora byinshi mu guhagarika ikibazo cy’abenegihugu bakomeje guhunga.

    Ku ruhande rw’u Rwanda ngo ruzakomeza kwita ku mpunzi ariko hari nyirantarengwa.

    Perezida Kagame yagize ati “Tuzakomeza gukora ibishoboka byose twita ku mpunzi ariko si cyo kibazo. Ikibazo ni icyakorwa ngo he kugira abongera guhunga.â€

    Yasoje avuga ko icyo yifuriza umuryango we ari na cyo yifuriza Abanyarwanda bose, bagakomeza kuba abaturage b’igihugu gitera imbere.

    Perezida Kagame aherutse guhura na mugenzi we Pierre Nkurunziza i Huye, baganira ku bibazo bitandukanye birimo n’ikijyanye n’umutekano w’iki gihugu, ariko Itangazamakuru ntiryabona amakuru ku byavuzwe kuri manda ya gatatu mu Burundi.

    Mu Rwanda hamaze guhungira impunzi z’Abarundi zisaga ibihumbi 25 mu gihe iki gihugu kidafite ubushobozi bwo kurenza ibihumbi 50 nyamara hakivugwa ibikorwa by’umutekano muke.

    Abaturage cyane cyane abatavuga rumwe n’ubutegetsi, bakomeje kugaragariza Perezida Nkurunziza ko batifuza ko yongera kwiyamamariza umwanya w’umukuru w’u Burundi, ndetse barahiye kwigaragambya kugeza igihe azava ku izima akemera kutiyamamaza.

    Ibyo bikorwa bikomeje kugarika ingogo, aho ubu bimaze guhitana abayingayinga cyangwa abasaga 15 hagakomereka abatazwi umubare biganjemo abashinzwe umutekano (Polisi) n’abasivili cyane cyane abana.

    Deus Ntakirutimana
    [email protected]
    twitter:@NtakirutaDeus

    IZINDI NKURU WASOMA

    Amakuru | U Rwanda

    U Rwanda mu bihugu birindwi byageze ku ntego y’uburezi bw’ibanze kuri bose

  • warahezwe na satani siwewe ikiri muri wewe nico kibi bwira umugore wawa agusengere naho wewe warapfuye ugenda

  • MUMWANKE MUMUBONE AHUMBWO NTANGAZWA NIZO MBURAKIMAZI MBEGA BABUZE ICO BAKORA NIBADUGE MUMISOZI BARIME IBIJUMBU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.