IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reverien Ndikuriyo asaba abakenguzamateka kwigisha abanyagihugu gukunda no (...)

Reverien Ndikuriyo asaba abakenguzamateka kwigisha abanyagihugu gukunda no kwubaha inzego z’umutekano

jeudi 31 Kigarama 2015

Umukuru w’inama nkenguzamateka,umukenguzamateka Reverien Ndikuriyo asaba abakenguzamateka ko mu gihe c’akaruhuko bagiyemwo mu kwezi kwa mbere 2016 bokwigisha abanyegihugu kwubaha no gukunda inzego z’umutekano.

Mw’ijambo yashikirije mu gihe yariko ararngiza ibikorwa vy’inama nkenguzamateka bisanzwe vyatanguye mu kwezi kw’icumi,umukuru w’inama nkenguzamateka yavuze ko mu minsi bari bamaze bakora ,abakenguzamateka bashoboye gukora ibitari bike.

Muvyo bakoze,umukuru w’inama nkenguzamateka Reverien Ndikuriyo yavuze ko bashoboye gushika ku mitumba mu banyagihugu babatoye,barashoboye kwemeza amazina y’abantu bagenywe mu mabanga akomeye y’igihugu barungikiwe n’umukuru w’igihugu,barize kandi bongera baremeza integuro z’amategeko zitandukanye.

Umukuru w’inama nkenguzamateka yasavye kandi Reta gushigikira umugambi wo gufasha no kuvuza abana bahenzwe n’abanyepolitike bamwe bamwe hamwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike bakabaha ibiyayura mutwe ngo baje mu myiyerekano.


IGIHE

Messages

  • Ubuntu birihabwa ntimwotegereje kuvyigisha ubutegetsi mwabicanyi nkamwe nimwiha agateka bazokabaha ariko ntavyanyu murabicanyi gusa

  • Uwo mugabo ko mbona yaheze yikokora nkagati kirebanga mu bugararwa

  • Abadaharanira ivyicaro vya reta murabarwaye mumutwe nukuri! nukubatahura neza kuvyo bakoze babifitiye uburenganzira nuko musoma amategeko mu yacuritse.kwi ya miriza ihonyarwa rya mategeko ntacaha kirimwo, ariko mwebwe mubibona nabi kuko bariko berekana amakosa ya nyu. iyo niyongorane nasanze mufise, uwugovye kukwereka aho wihendeye ahokumuharura nkumukunzi wanyu mumufata nkumwansi. tahura yuko mutari Imana, canke abamarayika. mutegerezwa kwi henda mukakosorwa nayo mashirahamwe mwanka urunuka,cank uwariwewese abifitiye uburenganzira, nonega muzoronka igihugu mutwara atawuvuga kubitagenda neza? haba nintete ivyo vyari ivyakahise.mutahure neza mubo mutwara koharimwo abo munganya ubwenge canke bakanabubasuvya, urumutegetsi ugahura ivyo bizokworohera gutegeka. nkaba mboneyeho nukubifuriza umwaka mushasha, nuguhinduka, mumvugo,ivyu mwaka warayuheze nti bikasubire kubamumitwe, Imana ya Aburahamu na ya Kobo na Isaka,ihindure abanye poritike Buburundi,ikize abarundi nuburundi. mwuyumwaka wa 2016 uzorarwemwo numwumvikano. murakoze.

  • Ngo uyo ariko akokorwa n;akazi ngo ntakirya ntakiryama kuko aguma akora hamwe n;abiwe ngo azosubira kurya cagitiri yagishitseko

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.