Accueil > Amakuru > u Burundi > Reverien Ndikuriyo asaba abakenguzamateka kwigisha abanyagihugu gukunda no (...)
Reverien Ndikuriyo asaba abakenguzamateka kwigisha abanyagihugu gukunda no kwubaha inzego z’umutekano
jeudi 31 Kigarama 2015
Umukuru w’inama nkenguzamateka,umukenguzamateka Reverien Ndikuriyo asaba abakenguzamateka ko mu gihe c’akaruhuko bagiyemwo mu kwezi kwa mbere 2016 bokwigisha abanyegihugu kwubaha no gukunda inzego z’umutekano.
Mw’ijambo yashikirije mu gihe yariko ararngiza ibikorwa vy’inama nkenguzamateka bisanzwe vyatanguye mu kwezi kw’icumi,umukuru w’inama nkenguzamateka yavuze ko mu minsi bari bamaze bakora ,abakenguzamateka bashoboye gukora ibitari bike.
Muvyo bakoze,umukuru w’inama nkenguzamateka Reverien Ndikuriyo yavuze ko bashoboye gushika ku mitumba mu banyagihugu babatoye,barashoboye kwemeza amazina y’abantu bagenywe mu mabanga akomeye y’igihugu barungikiwe n’umukuru w’igihugu,barize kandi bongera baremeza integuro z’amategeko zitandukanye.
Umukuru w’inama nkenguzamateka yasavye kandi Reta gushigikira umugambi wo gufasha no kuvuza abana bahenzwe n’abanyepolitike bamwe bamwe hamwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike bakabaha ibiyayura mutwe ngo baje mu myiyerekano.
IGIHE
Messages
31 Kigarama 2015, 20:29, par yaya
Ubuntu birihabwa ntimwotegereje kuvyigisha ubutegetsi mwabicanyi nkamwe nimwiha agateka bazokabaha ariko ntavyanyu murabicanyi gusa
2 Nzero 2016, 16:08, par Mutama
Uwo mugabo ko mbona yaheze yikokora nkagati kirebanga mu bugararwa
2 Nzero 2016, 22:01, par Mpozamarira Erias
Abadaharanira ivyicaro vya reta murabarwaye mumutwe nukuri! nukubatahura neza kuvyo bakoze babifitiye uburenganzira nuko musoma amategeko mu yacuritse.kwi ya miriza ihonyarwa rya mategeko ntacaha kirimwo, ariko mwebwe mubibona nabi kuko bariko berekana amakosa ya nyu. iyo niyongorane nasanze mufise, uwugovye kukwereka aho wihendeye ahokumuharura nkumukunzi wanyu mumufata nkumwansi. tahura yuko mutari Imana, canke abamarayika. mutegerezwa kwi henda mukakosorwa nayo mashirahamwe mwanka urunuka,cank uwariwewese abifitiye uburenganzira, nonega muzoronka igihugu mutwara atawuvuga kubitagenda neza? haba nintete ivyo vyari ivyakahise.mutahure neza mubo mutwara koharimwo abo munganya ubwenge canke bakanabubasuvya, urumutegetsi ugahura ivyo bizokworohera gutegeka. nkaba mboneyeho nukubifuriza umwaka mushasha, nuguhinduka, mumvugo,ivyu mwaka warayuheze nti bikasubire kubamumitwe, Imana ya Aburahamu na ya Kobo na Isaka,ihindure abanye poritike Buburundi,ikize abarundi nuburundi. mwuyumwaka wa 2016 uzorarwemwo numwumvikano. murakoze.
3 Nzero 2016, 15:22, par Mugenzi
Ngo uyo ariko akokorwa n;akazi ngo ntakirya ntakiryama kuko aguma akora hamwe n;abiwe ngo azosubira kurya cagitiri yagishitseko