Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukuru w’umugambwe FNL yagenywe kurongora imigambwe itavuga rumwe na Reta (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Umukuru w’umugambwe FNL yagenywe kurongora imigambwe itavuga rumwe na Reta (...)

Umukuru w’umugambwe FNL yagenywe kurongora imigambwe itavuga rumwe na Reta yose

samedi 16 Ruhuhuma 2013

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yamaze kurungikira ikete Emmanuel Miburo, arongoye umugambwe FNL, amukeza mu mabanga yo kurongora no kuvugira imigambwe yose itavuga rumwe na Reta mu Burundi. Yatowe n’imigambwe 14. Ariko urunani ADC-Ikibiri rw’iyindi migambwe itavuga rumwe na Reta ruramwiyamiriza.

Hari mu kwezi kwa Munyonyo umwaka uheze w’2012 aho imigambwe 14 itavuga rumwe na Reta yaja hamwe yandikira urwandiko umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu imubwira ko yagenye Emmanuel Miburo nk’umurongozi n’umuvugazi w’imigambwe yose iri mu Burundi itavuga rumwe na Reta. Emmanuel Miburo asanzwe arongoye umugambwe FNL waronse ikibanza ca kabiri mu matora y’abajenama b’amakomine mu mwaka w’2010, imbere y’uko wisokora muyandi matora.

Iyo migambwe yamenyesheje ko yisunze itegeko riheruka gutorwa n’inama nshingamateka na nkenguzamateka rishiraho urwego rumwe rw’imigambwe itavuga rumwe na Reta.

Mu kiringo ca mbere co gushika mu mwaka w’2015, iryo tegeko ritegekanya ko uwurongora akongera akaba umuvugizi w’imigambwe yose itavuga rumwe na Reta ategerezwa kuba umukuru w’umugambwe waronse amajwi menshi mu matora y’abajenama b’amakomine yo mu mwaka w’2010 ariko utari muri Reta.

Guhera mu mwaka w’2015, azoca aba umukuru w’umugambwe uzoba waronse amajwi menshi mu matora y’abashingamateka. Imvo ngo n’uko mu mwaka w’2010, imigambwe 3 yose yasigaye mu matora y’abashingamateka, kuko iyi yari yisokoye, iri muri Reta.

Mu mwaka w’2010 naho umugambwe utari muri Reta waronse amajwi menshi kurusha iyindi ni FNL urongowe na Emmanuel Miburo, vyumvikana ko ariwe aca afata ikibanza co kuja kw’isonga ry’iyindi yose itavuga rumwe na Reta. Iryo tegeko rivuga ko igihe cose Reta canke izindi nzego zikeneye kuvugana n’abatavuga rumwe na Reta, uwo ayiserukira niwe azoja araja imbere haba mu Manama canke mu bindi bihe.

Muri kino gihe umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Eduard Nduwimana yemeje ivyo iyo migambwe 14 yasavye.

Mw’ikete yarungikiye iyo migambwe, umushikiranganji w’intwaro yo hagati yamenyesheje ko yemeje ivyo iyo migambwe yumvikanye ko Emmanuel Miburo, arongoye umugambwe FNL, yoba umukuru n’umuvugizi w’imigambwe yose itavuga rumwe na Reta mu Burundi. Yaboneyeho akaryo ko kumukeza no kumwifuriza gutera imbere mu gikorwa kidasanzwe kandi kitoroshe co gutsimbataza intwaro rusangi.

Naho Biri uko iyindi migambwe itavuga rumwe na Reta ihurikiye mu runani ADC-Ikibiri yoyo iramwiyamiriza. Chovinau Mugwengezo avugira urwo runani amenyesha ko ubutegetsi bwashatse kwishiriraho abitwa ko batavuga rumwe kandi atarivyo. Avuga ko ngo Reta ishaka kwereka amakungu ko hariho abo batavuga rumwe kandi mu bisanzwe ari iyo Reta nyene yabishiriyeho, ngo vyumvikana ko ari ikinamico kandi ngo ni uguhuma amaso amakungu.

Urwo runani ADC-Ikibiri rwemeza ko iyo migambwe yose 14 yatoye Emmanuel Miburo ngo yegereye ubutegetsi kandi bavuga rumwe. Urwo runani rutanga akarorero ko umugambwe FNL urongowe na Emmanuel Miburo uri muri Reta kuko ufise buramatari umwe arongoye intara ya Bubanza. Rukamenyesha ko ahubwo ari uguca kubiri n’amategeko kuvuga ko batari muri Reta kandi bari muri yo.

Urwo runani ADC-Ikibiri rwemeza ko ari rwo rwonyene ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe na Reta kandi ngo ntibazokwemera kuyoboka uyo Emmanuel Miburo yemejwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.