Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’umugambwe SANGWE PADER yitavye Imana
Umukuru w’umugambwe SANGWE PADER yitavye Imana
dimanche 7 Myandagaro 2016, par
Augustin NZOJIBWAMI, umukuru w’umugambwe SANGWE PADER yitavye Imana kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 6 Myandagaro 2016. Yasezeye isi ari mu bitaro KIRA vyo mu gisagara ca Bujumbura, aho yari arwariye.
- Augustin NZOJIBWAMI, umukuru w’umugambwe SANGWE PADER
Augustin NZOJIBWAMI yavukiye mu ntara ya Bururi, akaba mbere yarigeze kuba Buramatari w’iyo ntara. Apfuye afise imyaka 57, akaba ari mu batanguje umugambwe SAHWANYA FRODEBU, kandi ari mu bagize uruhara rukomeye kugira ibiganiro vy’i Arusha ya mbere bishobore gutanguzwa.
Inyuma y’urupfu rw’umukuru w’igihugu Melchior NDADAYE, yarabaye umunyamabanga mukuru w’umugambwe FRODEBU, akaba kandi yarabaye icegera c’umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi yari irongowe na Leonce NGENDAKUMANA
IGIHE
Messages
7 Myandagaro 2016, 11:07, par Bizimana
IMANA IMWAKIRE MU BWAMI BWAYO.AMEN.
7 Myandagaro 2016, 11:28, par CAKIRA
Pole sana
7 Myandagaro 2016, 11:55, par dismas
imana imwakire koyishwe nugwakago ntac ko atishwe nahiri!
7 Myandagaro 2016, 12:00, par CAKIRA
leta irakwiye gushiraho vuba ya sentare ya CVR kuko abapfa nibenshi,ehe nkuyu 1972 harabuze ibizomwagira?
7 Myandagaro 2016, 12:54, par Eliky
Imana Imwakire Mubwami Bwayo
7 Myandagaro 2016, 15:07, par Nijimbere
Imana Imwakire
7 Myandagaro 2016, 16:04, par Kanyosha
Numubabaro kuritwebwe turiko turamusezera ariko kumatwi yanje yumvise iyonkuru yakababaro binsumbiye kwumva ngoyapfuye yishwe.
7 Myandagaro 2016, 17:22, par METHODE
Uburundi Buguma Buhomba Abantu Baciyubwenge,imana Imwakire
7 Myandagaro 2016, 19:21, par Tinyamana
Namba Apfuye Yihanye Imana Imwakire Dukwiye Kwamatwiteguye Kukotutazumusi Nisaha ,
7 Myandagaro 2016, 19:23, par Tinyamana
Namba Apfuye Yihanye Imana Imwakire Dukwiye Kwamatwiteguye Kukotutazumusi Nisaha ,
7 Myandagaro 2016, 19:28, par Kakunze Marie
Narenguke acibwe urubanza kandi yongere aronke igihano kimukwiye, urazi aho yateranirije abarundi ! Akama avuga ivyamoko ukamengo niwo muti yari yaronse , ko yari yabonye ko imungwe yamunyegey aho kwicisha bugufi akegera Imana akayibaza ico yokora agaheza akazirika ururimi rwiwe ubu yari kuba agiye atawumwidogera! Nagende bamuzike hanyuma azokwishure !
7 Myandagaro 2016, 21:51, par ndayiragije
imana imwakire mibwami bwayo
7 Myandagaro 2016, 22:37, par BUGABO
NTAKUNDI!
7 Myandagaro 2016, 23:32, par Kakunze Marie
Emwe apfanye ishavu nk’ishuri , urwanko yarafitiye abatutsi agiye atabonye ko baheze, nabandi nuko na shebuja yuzuye urwanko n’inzigo azotemba asiga bahagaze kuko ari ubwoko bw’Imana .
8 Myandagaro 2016, 02:08, par PL
Nibaza ko mu ndero y’ikirundi atawushinyaguriza uwapfuye kuko nawe wandika uvuga uko ntawuzi ivyawe. Ntimugacire imanza abandi kuko mutazi imigenderanire yabo n’Imana. Usanga wewe uvuga uko abariho bagaragaza ububisha, ubwicanyi, ubusuma, ubukunzi bw’inda, ukwigungirako, ubushakanyi, ... amabi yubwoko bwose... udashobora kwugurura akanwa imbere yabo, ahubwo ukifatanya nabo. Sinzi ko ari ugutinya igitsure cabo canke ko baguca uwo munwa, maze nibapfa ukaba ariho uzoca utangura kuvuga aya muhe ngo ntibakwumva!!! Mbega hamwe wopfa ugasanga ni wewe uhanwe kumurusha naho? Canke ivyo bitutu ufise bigahera ugasanga uwo yapfuye uriko urashinyaguriza arakuruta akakubaza ayo wasigaye uraroka ngo ntakwumva uzovyifatamwo gute??? Imana imwakire niyo izi igituma twaravukiye mu gihugu nk’uburundi. Nimba yapfuye agufitiye ideni, mu migenzo y’ikirundi barategekanya ingene batunganya ivya ba nyakwigendera, uraca mu muco bazokuriha, ureke guta ururimi.
8 Myandagaro 2016, 08:30, par POLE
@KAKUNZE Marie N’abishwe za 1956, 1972,1988,1993-----gushika n’ubu bacicwa bazira ko ari abahutu atanaho vyanditse n’abasigaye bakabuzwa kwiga mbona bakiriho kandi kubice birenga 75% mugihugu. Ariko sinshigikiye ivanguramoko kuko umuntu wese yishwe ico aba azize cose ntasiguro bifise. IZI NYIFATO NIZO ZIZOTUMA TWAMA MU NDYANE ATAHO ZIZODUSHIKANA.
8 Myandagaro 2016, 13:26, par GAHENE
NUKURI TURAHOMVYE UMUGABO W"IJUNJA N’IJAMBO,IMANA IMWAKIRE MU BWAMI BWAYO AMEN.