IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’umugambwe SANGWE PADER yitavye Imana

Umukuru w’umugambwe SANGWE PADER yitavye Imana

dimanche 7 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Augustin NZOJIBWAMI, umukuru w’umugambwe SANGWE PADER yitavye Imana kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 6 Myandagaro 2016. Yasezeye isi ari mu bitaro KIRA vyo mu gisagara ca Bujumbura, aho yari arwariye.

JPEG - 26.9 ko
Augustin NZOJIBWAMI, umukuru w’umugambwe SANGWE PADER

Augustin NZOJIBWAMI yavukiye mu ntara ya Bururi, akaba mbere yarigeze kuba Buramatari w’iyo ntara. Apfuye afise imyaka 57, akaba ari mu batanguje umugambwe SAHWANYA FRODEBU, kandi ari mu bagize uruhara rukomeye kugira ibiganiro vy’i Arusha ya mbere bishobore gutanguzwa.

Inyuma y’urupfu rw’umukuru w’igihugu Melchior NDADAYE, yarabaye umunyamabanga mukuru w’umugambwe FRODEBU, akaba kandi yarabaye icegera c’umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi yari irongowe na Leonce NGENDAKUMANA


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.