IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imigambwe itavuga rumwe na Leta yashikirije aho ihagaze

Imigambwe itavuga rumwe na Leta yashikirije aho ihagaze

vendredi 5 Ndamukiza 2013

Umukuru w’urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na Leta, Emmanuel Miburo ari kumwe n’abo basangiye kurongora urwo rwego, yatanze ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru, kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 05 Ndamukiza 2013, i Bujumbura muri « Hotel Source du Nil ».

Intumbero nyamukuru kwari ukumenyesha icese abarundi n’amakungu ko batanguje ibikorwa vyabo. Kabaye n’akaryo ko kwerekana indongozi nshasha, no kuvuga aho bahagaze ku bibazo bitandukanye biri mu gihugu. Emmanuel Miburo yashimiye abafashije bose kugira urwo rwego rushingwe kuko kahise kerekanye ko mu barundi ikiyago camye arico gitorera inyishu ibibazo, na kare barayamaze bati : « Inama isumba ingimba.

Yashimye intambwe bagezeko igihe baheruka mu nama yahuza abanyepolitike, iteguwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Kubwa Emmanuel Miburo, ivyavuyemwo bizoshikwako abo vyega umwe wese akoze ico ategerezwa. Yaboneyeho n’akaryo ko gukebura abo basangiye ibikowa vya politike ko bokwirinda ingendo yo kwikura mu matora kuko vyerekana ubushobozi buke bw’ivyiyumviro.

Umukuru w’urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na Leta yashikirije icipfuzo ciwe co kubona Uburundi bushitse mu matora y’umwaka w’2015, arangwamwo umwumvikano, abereye ku mugaragaro kandi bose bahiganwe maze abarundi bo bene ubutegetsi bitorere uwuzoba yabashikirije imigambi itomoye.

Yasavye Leta ko yokura mu munyororo abafunzwe ataco bagirizwa canke bagirizwa imvo za politike, kwubahiriza agateka ka zina muntu, gutunganya neza ubutunzi bw’igihugu, gushira ukuri ahabona ku manza ziri mu butungane, gutegura bidatevye amategeko aherekeza ivyavuye mu mwumvikano wavuye mu nama n’abanyepolitike.

Abari mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike, yabasavye kudaca ivutu mu gushikiriza ivyabaye, ahubwo nyabuna bagaterera ivyiyumviro mu gutora inyishu, bafashe kwubaka igihugu no kugiha asanamu nziza mu makungu.

Abarundi yabasavye gufatana mu nda, birinde ababakwegera mu nyigisho z’ibinyoma mu gihe yasavye amakungu kwama ari hafi y’abarundi mu kubafata mu mugongo kugira bashike kw’iterambere rirama.

Bamubajije aho ahagaze ku bibazo nyamukuru bihanze igihugu aho yishuye ko umurwi CNTB ukwiye kwubahiriza amategeko mu bikorwa vyawo. Yararemesheje ko abazomwitura barenganijwe azokora ivyo arekurirwa n’amategeko barenganurwe.

Ku kibazo c’integuro y’itegeko rizogenga abamenyeshamakuru, ashikiriza ko atashigikiye ko abamenyeshamakuru bobwirizwa kumenyesha aho bakuye amakuru kuko inkurikizi zishobora kuba nyinshi. Ku bijanye n’urupapuro rw’impamyabushobozi ruzosabwa, avuga ko akazi kadakorwa neza n’uwufise impapuro z’umutsindo nyinshi gusa.

Tubibutse ko urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na Leta rwatanguye ku tegeko ry’umukuru w’igihugu nimero 1 /25 ryo ku genekerezo rya 14 Munyonyo 2012, mu ntumbero yo gutsimbataza intwaro rusangi biciye mu kiyago ca politike n’uguhiganwa vyisunze amategeko.


Jean de Dieu Munyembabazi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.