IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umumenyeshamakuru wa BONESHA FM yaraye mu munyororo

Umumenyeshamakuru wa BONESHA FM yaraye mu munyororo

lundi 6 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Egide NDAYISENGA, umumenyeshamakuru wa Radio BONESHA FM, imwe mu nsamirizi zasambuwe, apfungiwe mu gasho k’igendereza mu ntara ya Cibitoke kuva ku muhingamo wo kuri uwu w’Imana. Uwo mumenyeshamakuru yafatiwe mu ntara ya Cibitoke, umuporisi yamuhagaritse akaba atamubwiye n’ico yagirizwa.

JPEG - 51.2 ko
Egide NDAYISENGA, umumenyeshamakuru wa Radio BONESHA FM

N’aho mu giporisi bataramenyesha ku mugaragaro ico Egide NDAYISENGA yafatiwe, amakuru ikinyamakuru IGIHE gifise avuga ko uwo mumenyeshamakuru yoba yagirizwa ko yariko arondera amakuru ashira abamenyeshamakuru bahungiye mu Rwanda.


IGIHE

Messages

  • Mbe murinda kubaza ngo yaziziki erega urya yaturiye amaradiyo yarondera abobamenyesha makuru nuruhigi rwa nkurunziza nakarwi barikumwe rwokwikiza
    Uwomuntu wese bibazako adashigikiye ubwobwicanyi bwabo

  • nibazihashe ozontozo zitagomba kumenya koibintu vyahindutse amaseyakera mtagihomau
    urutaro

  • Abo Baratovye Uburundi.

  • Ije,abobadede,barantwenza.Ah,obogarukany,umutekanomugihu,baja,muvyo,kuwuhungabanya.None?Nkuwomumenyeshamakuru,bamuziza,iki?

  • Rekura Iyo Ntama Iriko Ipfungwa Izira Inyama Kandi Ihekenya Ubwatsi

  • Abamenyeshamakuru bapfugiwe mu Rwanda?
    Hariho abanenyeshamakuru bapfungiwe murwanda?
    None mwebwe mwanditse iyinkuru muremerako hari abamenyeshamakuru bapfungiwe mu Rwanda?
    Nimbamwarimubizi kohariho abamenyeshamakuru bapfungiwe mu Rwanda komutabitubwiye ngomuvyandike kwururubuga rwanyi?
    Yoba umurundi mwenewanyu abonaboneye mukindigihugu mukindigihugu hanze yu Burundi mukabimenya harihumuntu yabahaye amategeko komudakwiye kugira icomutangarije abasomyi bikinyamakuru mukorerako?
    Jewe numva nabobarundi barihanze ko mukwiye kubatabariza kuko atwi ansumira nuko bubayeho nabicane nacanecane kugabanura ivyomuguma muvuga kugihugucabo bigatuma bizango Mu Burundi umuriro ngurimwo uraka noneho bagacabahitamwo kwikonereza gusama isazi iyobagiye.

  • Mbeg Yakoziki Nimuvuge Icazir Nay
    Ivyiburund Turabizi

  • Nakurikiranwe Mu Nyamiramabi,icaha Kimwagira Ahanwe Kuko Kuba Umuntu- Gateranya Ni Icaha N’Imana yanka.Hama umuntu Yiyita Tari,Avuga Nk-uwutari Kw’isi Yogeruza Kuko Akanwa Kiwe Karashishe Bivanye Nivyo Misi Yose Ashikiriza.Womengo Akanwa Kiwe Kuzuye Umwanda Mukuru(Toilette)!!!

  • Mugiririkigongwe Ntazicakora Abari Mugwanda Bahunzamahoro

  • Mugiririkigongwe Ntazicakora Abari Mugwanda Bahunzamahoro

  • Mushingantahe Tari, uvugukuri kabisa niwo mugambi wiwe hamwe na twaturwi twiwe ya maze kugira ibigugu,badatinya kunwa amaraso yumuntu.

  • Uwuraho nyene mbona asa ninkozi y,ikibi,asa nuwurimwo ikibi cinshi.ahubwo nibamukorereko gosa caane.

  • Mbega umuntu afashwe kugira ubutungane bukore,harimwo ikibazo?vyoba ari bishasha mu burundi?canke nibibera mu burundi gusa?Reka kudusamaza!gabany,amajambo murwize ibikorwa!ahubwo reka ubutungane bumukorereko niyagirizwa icaha bamukosore!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.