IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umumenyeshamakuru wa France 24 yatswe uburenganzira bwo gukorera mu (...)

Umumenyeshamakuru wa France 24 yatswe uburenganzira bwo gukorera mu Burundi

jeudi 4 Ruheshi 2015

Inyuma y’ukwezi kurenga ari mu Burundi,Thais Brouck intumwa idasanzwe y’imboneshakure y’abafaransa France 24 mu Burundi, yatswe uburenganzira bwo gukorera ku butaka bw’Uburundi .

Amakuru dukesha bamwe mu begereye uwo mu menyeshamakuru avuga Thais Brouck yatswe ubo burenganzira bwo gukorera ku butaka bw’Uburundi yagirizwa ko yoba akora inkuru zihengamye.

Umukuru w’urwego rujejwe kugenzura ibinyamakuru mu Burundi CNC Richard Giramahoro, yemeje ayo makuru, aho yagirije uwo mumenyeshamakuru gushikiriza amakuru afise aho ahengamiye.

Abicishije ku rubuga ngurukanabumenyi Twitter,Thais Brouck avuga ko atirukanywe nk’uko bamwe babivuga ariko ko yatswe urupapuro rumuha uburenganzira bwo gukorera ku butaka bw’Uburundi.

Thais Brouck yashitse i Bujumbura kuva mu mpera z’ukwezi kwa 4 aje nk’intumwa y’imboneshakure y’abafaransa France 24. Yari ku ngoro y’umugambwe CNDD-FDD kw’igenekerezo rya 25 Ndamukiza aho umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yatorwa kugira azoserukire umugambwe CNDD-FDD mu matora y’umukuru w’igihugu.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Ndashimye Iyo Ngingo Uwundi Batebeje Nibarya Baserukizi Ba Amerika Ububiligi N,abandi Nabonyene Barahengamye

  • Bamwirukana Bareka Amanyanga Y’aba D.D Azomenyekana!Reka Akore Hama Ububi Bwanyu Bugaragare!Bamusonera Abashitsi!P6

  • REKA ABO BAMENYESHAMAKURU BAKORE UMWUGA WABO ! MBEGA KO MUSHAKA GUHISHA UMWOTSI INZU YANYU IRIKO IRASHA? UUUUUUUUH. URUPFU N.IMPFANE BIRAGENDANA. BAREKE BAKORE KUKO NONEHO MUBANKIRA MWOBAREKA. IMANA DATA WA TWESE IRI MW. IJURU YOYO NTIMUYIBUZA KUBIBONA ! MUZOBIBAZWA MURABESHA !

  • NUKURI,IVYOMUBURUNDI,BIRAGOYE,AMARADIO,BARATURIYE,ABANYAMAKURU,BARAHUNZE,NONENUMUNYAMAHANGA,NAWE,NAHIMANAPE,NIYIGIRE,MUBURUNDI,HABA,ABATIMBAYI

  • Mbega mwebwe ntawo mugera umutwe ivyo mokora mushaka ntibimenyekan? oya basha murihenda pee ngir mugende amahoro muriko mucafuza igihugu gusa ntaciza mukora.

  • Jewe sinumva ico bari bararindiriye?Abo bantu b’inkoba zera ntakubatinya,baza batwigirako inzu z’amabuye kubera twirabura,bahengamira kubatwica,mbega ntimurumvako aribo qui organise les manifestations,bafasha kugumura,ils s’interposent entre les manifestants et les policiers ukamengo ni iwabo,ahubwo baramutebeje,ntimwibagire france 24 umunsi wa putsh!

  • dusavye leta ko yokora ibishoboka ubuserukizi bw’imbonerakure akaba aribwo buguma muburundi gusa.

  • Nibapfe bipfane (DD) None ivyo bagira bibaza ko bitamenyekana naho bobikrukana bose Satelite nazo bazishirahe?????Yoooooooooooooooo, nibipfamutima, none barahevye bihe ibara kumwe kutavuga rumwe na CNDD-Fdd bamutoteza mbere naho bamwica. Harakagani ko mukuzimu ivyahabereye ngo vyaramenyekanye.

  • Umuntu Wese Adakurikizamategeko Nukabakwiye Kugirigwa Arikontibiyibagizeko Atariwe Ayarenzewenyene !!!Harinabamusumvya Icubahiro Bumirakuvyo Bumirako,wewentamanyama Atera Ac,agenda Ikosarigufashe Uzubwenge Ucabugufi Ukajahobakujanye

  • Baratevye kumwirukana. Iyo France 24 yashinzwe na famille ya Couchenar umwe muntumwa za Rukarabankaba Kagame. ICYO nzi cyo ibogamira cyane kuntagondwa z’abatutsi.

  • Dufise ibintu simusiga yakoze kandinawe ntabihakana mumisi bizoshirwahabona nihonuzobonerako Imana ikunda u Burundi nabarundi kuko imitegoyose ikomeje kwibobekeza.

  • Erega bamwirukanye ntibazoba birukanye abameze nkawe!niyahangane kuko yakora neza.ega aba DD babonye uwukoze neza baramwica.ariko uwukoze nabi bamwongera ipete.turafise umucamanza atarenganya naw n’IMANA dusenga.nidutabare

  • Richard Giramahoro.Ibuka Iyo Wavuye.Inyuma Y,ivyo Urimwo Wari Umumenyesamakuru! Buca Biguherana Ugaruke Aho Wakora Kera.Uzobimenya Uzanye Amakuru Nawe Bakanka Ko Uyavuga Uko Wayatohoje.Ubu Ugeze Kubuza Abanyamahanga Kumenyesha Amakuru?Buca Bikugora Ndakurahiye.

  • Abarundi twaratewe ntimwabimenya, mwi week iheze mbereyuko habinama yabakurubibihuhu vyomuri EAC, habaye imyiyerekano maze nanje nzajubina uyumuzungu arihafi yabariko barigaragamvya ndahezandamwegera urazinye twebwe abarundi kotutigera twishiramwoko umuzungu ashobora kubogama, noneho nabonye abantu bariko barimumyuyerekano bariko barasunanguza umu polisi noneho araheba uwo mu polisi ariruka, maze kubera naboba uwomuzungu azarakamera ndaheza ndamubwiraningoga nti canerabariyabantu barikobariruka ku mu polisi kuko yariko arakamera ahandikurundiruhande, ariko yarandahiye abwirango biryantavyonoshira muri camera nihonaciye mbonako nabazungu bazamubihuguvyacu babogama ariko kubera nanje narimfise agasimu narikondakoresha mugujamera abobantu ivyotwavuganyevyose nuwomuzungu narabi rikoze umuniteguye kuzobishirisha kuri YouTube hariho hamwe muzosanga ntakintukiboneka kubera ndikondavugisha uwomuzungu iterefone ntiyariko irafata amasanamu ariko amajwu yanje nayuwo muzungu arumvikananeza.

  • BAMUHAGARITSE YAGIZENTE YATANZEAMAKURU ATARIYO

  • YOOOO!!!!! IBIBERA MUBURUNDI BIRAGOYE!

  • NONE ABO BAMENYESHAMAKUR BABAHORA IKI?

  • Kubita uwo mushenzi urazi ukuntu atamahoro badushakira

  • Ariko gucira uwundi urubanza rwogupfa birabaryohera ga Renovat?sivyiza.nimba yakoze nabi.bamubwira koyakoze amakosa hama akikosora.erega ukoze neza ntibavyemera abo badutwara?ariko uhengamye baragukunda!nimuze tuvuge neza twubake igihugu cacu catwibarutse.

  • Ikibabaje nuko bo mwirukana bamuhoye ubusa. Ariko mugihe yakoze nabi nivyiza kumwirukana.ahubwo bagize neza cane jewe ndabashimiye kbs. Kuko nimba uhawe akazi nugakore uko bisabwa.murakoze

  • Ndabatahura bomora benewabo boreka abaje gushirahabona ivyobakora bihishije ariko nibatifata neza ngobemer baganire basigaje umwanya muto kuko Imana. Iri muruhande rwabarenganywa

  • NI BAMUREK NAMBA YARAKOSHEJ NIBAMUKOSOR BOBO TUBAKONTOROY NTIBOKWIRUKANWA?

  • Aho babuze ukuntu bamumesa aho bamumesa

  • I CAN ADVISE THEM TO GIVE HIM AGAIN THE RIGHT FOR DOING HIS JOB.IF HE DID SOMETHING WRONG THEY WOULD CORRECT HIM INSTEAD OF CHASING HIM.THANKS

  • NABAHOBARI NTIBERA NIBAMUREKE

  • ariko uwo banamutebeje.haruwundi was RFI urya Sonnia ibintu ashikiriza vyose avugira opposition gusa,ndavyibuka LA fois passe Ku Musenyi hafashwe abasore batatu bari baje gutera ama grenade kandi baremeye ko bari baje guhungabanya imyiyamamazo ya CNDD kandi urya Sonnia niho yarari...kwatabivuze none?kuki atigera avuga kubatuririwe canke basizwe amazirantoke nibindi...muzoze murakurikirana muzombwira amakuru atanga,

  • ariko uwo banamutebeje.haruwundi was RFI urya Sonnia ibintu ashikiriza vyose avugira opposition gusa,ndavyibuka LA fois passe Ku Musenyi hafashwe abasore batatu bari baje gutera ama grenade kandi baremeye ko bari baje guhungabanya imyiyamamazo ya CNDD kandi urya Sonnia niho yarari...kwatabivuze none?kuki atigera avuga kubatuririwe canke basizwe amazirantoke nibindi...muzoze murakurikirana muzombwira amakuru atanga,

  • Mbese imyiyerekano iracyabaho!! Abashutwe ngo bajye mwibarabara ngira ubu baricuza. Umwicanyi bari bizeye ngo arabatabara( Kagame) nawe yifitiye izindi ngorane kandi guhera uyu munsi bamenye ko ntangufu zo gutera uburundi afise. Natangira intambara kubarundi izarangirira iwe.

  • Ahaaaaaaa!!!.uwonuwobaboneye!.Emwe! Imbwa irya uwizi.ahorero babonyeko,ahava abasesera agafu ngobabonyeko ahengamye!.mugabonfabatahura.ehengabo abarundi isinzi babirukanye,bonanigwa nuyimuzungu.nibamureke.bibajije ngonuko baturiye amaradio yigenga ayandibaraturira.ngontituzomenya ivyobakorera murufuri.barahumba.nuwendeye nyinakuru musiy’urutara vyamenyekanye.

  • Ntibitangaj arik ukuri kuzomenyekan bitebe bitebuk,ntako batagra mukuhamb ukir.

  • nkumvo ayombavugiyekobanzowungururira epereya? amatohozantarahera? ariko muburundi amatohoyaho arangoye umungabwe urikubuntegetsi amatohozantazahantangiho uwundi ntuzoridirantubure

  • Nibabirukane. Abazungu iyo ubatinye
    Bakunnya kumutwe. Gusa muri Africa hari abantu babatinya. Icyo
    nzicyo batinya itangazamakuru. Nkuwo wirukanywe kubera aba abeshya iyo bisohotse mu binyamakuru by’i Burayi biba ikimwaro kuko n’abaturage baba bashaka kumenya impamvu. Nimubahambirize kuko babangamiye umutekano w’uburundi

  • Bwana Richard,ushaka avuge iki?Mbega nta muntu numwe yitwa ngo arafise icatwara muri ico gihugu agifise umutwe n’umutima!!!!Niho musigaye muvuga ko 1 1=1!!!!Rondera sha abavuga ivyo ugomba ko uwo mu Francais avuga,umureke wewe avuge ivyo abona,wewe nawe ivyo ubona ubivuge.Ntasoni mugira,ariko mwese mwigira abazi ubwenge gusumba abandi mugiye kubona amahano.Muribuka ko mufise ubuzima kandi mufise imiryango.Bandanya mwiyimbira .

  • @hanugwa
    Abashitsi b’abazngu ni mwebwe abatutsi mubakeneye kuko muzi ivyo musangiye,nous on peut s’en passer,ikindi ayo manyanga yacu aramenyekana,on assumera le moment venu ariko atari izo mbwebwe z’abazungu zisutsemwo mabisi,ahubwo harabuze n’umuolisi yari guhusha akamuha inembo yumvikana,abirabure turacatinya inkoba zera kandi umuntu amaze kubamenya abo ni imihimbiri trop,il faut kwigisha aba polisi bacu ko bari dans leur pays,bariko bacungera umutekano ko ata muzungu wo kuza kubatera inkwahakwaha ababuza akazi,il faut ko biga kubegeza inyuma n’inkoni izo mbwebwe zari zishigikiye putsh,ata gutinya!!

  • Mutabazi , uri igicucu kugeza kukibuno ninde wakubwiye ko kagame afite umwanya wo kwirwa mu burofa nkubwo ntamwanya yabironkerera twe duhangayishijwe n iterambere namwe muhangayishijwe n amazuru mubanze mugire isuku basi yonyine irahagije none ko icoroshe ari isuku nayo ntimushoboye mbe mutabazi wumva ari iki kiza kiri iburundi kagame abuze presidence nziza, ntayo mugira inzu y umukuru w igihugu uraraba iyo abamo ingabo zimurinda urazarabe uko arindwa na securite ye ni ki amahoteli meza uzabaze ari mu rwanda inyubako nziza karibu irwanda woze amaso imihanda nge mutabazi hari ibyo bagerera nibitagereranywa , ngirango iyo kagame atabatangira cotisation muri EAC ntimwari no kujyamo urwanda urwita iki kimwe naguhanura kwihenda bibaho ariko ntuze wihende kuri kagame nagato ntamwanya w ibirofa nkuwo agira uzabaze isi yose kandi twe adasubiye kudutwara ahubwo twamubwira adutware k ngufu kuko n umugabo w ibikorwa nako ngira unazi ko akubwiye ko aza iburundi urabizi ko n imihanda yugarwa kugeza ashitse mureke sha urya arazi icyo ubutegetsi ari nta mwanya wo kwirwa afite latte apima amazuru ikindi impunzi izaza izashika yakirwe abe ubwoko bwose karibu ntuze usubire kugereranya izo comedie mwirwamo na kagame jamais gusa umbwire kimwe wumva murusha urwanda kimwe gusa ntasoni

  • mutabazi kura kagame mu kanwa kawe namwanya w ibirofa nkuwo afite w ubugoryi twe duhangayishijwe n iterambere akarorero gato mu burorero miriyali nakubwira ko urwanda ntaho ruhuriye n uburundi ubu bus zitwara abagenzi bazishizemo internet y ubuntu iwacu aho iburundi wayishyira muri za bus igenda ureba hasi mw ikaburimbo mufite iki murusha urwanda ariko ndagutahura buriya nta mupaka urarenga ngo woze amaso kimwe muturusha kumenya ubwoko bwa amazuru umuhutu umututsi muri abambere mubanze mumwishure ayo yabangiye kugira mujye muri EAC murababaje muteye agahinda iyo ataba umugabo kagame ati aba nabavandimwe mbarihire mwari mutwambitse ibara urya mugabo kagame ariyubashye ngira urabizineza ko nta mwanya w uburofa bw amazuru mandats ufite icyo wakoze mandats irakwishakira siwowe uyishaka ubu nguhe urugero twe ahubwo twe atadutwaye mandants yindi ahubwo ntiyadukira uko mwiyamiriza ibiringo ahubwo twajya mu mabarabara tumurondera sha abana bacu computer ni sawa, mwembwe mbona akibashakira yeboyebo mugihe abandi biga iterambere reka amazuru mwubake mureke ayo matiku y amoko igihugu cyanyuma ubuken cyambere mukumenya ubwoko n izuru

  • mutabazi kura kagame mu kanwa kawe namwanya w ibirofa nkuwo afite w ubugoryi twe duhangayishijwe n iterambere akarorero gato mu burorero miriyali nakubwira ko urwanda ntaho ruhuriye n uburundi ubu bus zitwara abagenzi bazishizemo internet y ubuntu iwacu aho iburundi wayishyira muri za bus igenda ureba hasi mw ikaburimbo mufite iki murusha urwanda ariko ndagutahura buriya nta mupaka urarenga ngo woze amaso kimwe muturusha kumenya ubwoko bwa amazuru umuhutu umututsi muri abambere mubanze mumwishure ayo yabangiye kugira mujye muri EAC murababaje muteye agahinda iyo ataba umugabo kagame ati aba nabavandimwe mbarihire mwari mutwambitse ibara urya mugabo kagame ariyubashye ngira urabizineza ko nta mwanya w uburofa bw amazuru mandats ufite icyo wakoze mandats irakwishakira siwowe uyishaka ubu nguhe urugero twe ahubwo twe atadutwaye mandants yindi ahubwo ntiyadukira uko mwiyamiriza ibiringo ahubwo twajya mu mabarabara tumurondera sha abana bacu computer ni sawa, mwembwe mbona akibashakira yeboyebo mugihe abandi biga iterambere reka amazuru mwubake mureke ayo matiku y amoko igihugu cyanyuma ubuken cyambere mukumenya ubwoko n izuru

  • Jewe burya nabumvirije kuva kera nsanga mwese mufise buri muntu aho ahengamiye!Nka itonde uzabaze uzaperereze we ivyo avuga avugishwa n’ishavu gusa , emotions, kubera yikundira Kagame,kumukunda ni uburenganzira bwawe kuko ufse ico ubikurako.Abamwanka nabo bafise ico bamukurako (Ubwicanyi bwiwe buteye ubwoba: Yishe Habyarimana Juvénal, yica Ntaryamira,

  • @itonde uzabaze.....Reka mutabazi
    jewe sinumva ingene utwingingira kuza kuraba u rwanda,abumva bahashima gusumba u burundi igihugu cabo nibazako baguma baza kandi nta mwondo wabo,abavandimwe!!,ayo mahera mwadutangiye mwe mwayakuyehe?Mwabaze abacongomani inyama zabo mwanika ku gahinga muriba muracoka!
    Ariko iyo uvuga ngo mu burundi hari umwanda,impunzi ziri i wanyu zafashwe no gucibwamwo na malaria,wumva bisigura iki?Mubona hari umwanda mbega ntimwokwugara frontière n’abandi banyarwanda baje kumata i burundi bagataha,uburundi nibazako dushobora kuronka abagenzi ahandi nukuri!Ushaka tukubwire iki?Nta mazuru akiba mu rwanda c’est normal les pauvres hutus rwandais est un peuple qui est en voie d’extinction,ntanuwibukako bakibaho c’est normal!!!

  • hhhhaaaa uwo mutime arabemeje na kagame wiwe arabemeje kabisa mukore wangu murazi ubuzima sha courage mujenge inci mua cane na bajinga

  • vuganeza uri umuhutu gito za mpunzi watukaga ubu urazivugiye ko zarwaye malaria hhhhhaaaa wagira zize bazishire mu mahoteli hhhhuuuu uratangaje ubugu bwawe iyo buva nta burundi bwagiye congo abo bunyoni bari he nshuti abahutu b irwanda turazi ahi isi igeze ni iterambere twasanze izuru rini atari doctora nshuti mbe kagame niba uvuga ko yishe peter wawe ujya wibuka ubuhamya impinja nshuti kimwe kuko wowe nturi nu umuhutu ahubwo uri umunazi utukisha abahutu kuko wuzuye ingangabitekerezo y genocide

  • @Gahutu ubu ndakwemeye!!Vuganabi nimuze muramushira hasi ariko wibuke na mutabazi!!!kandi ico wamenya Vuganabi ni interahamwe sinumurundi!!uzokwitonde urabe neza yandka nikinyarwanda!!!amabi yakoze canke abiwabo bica abatutsi muri 1994 au Rwanda vyaramucanze vyanse kumuvamwo burya aho agiye hoose aguma ababona bamutonze imbere nkakumwe kwashebuja Peter nyene umuzimu wabo yishe uguma umukurikirana!!!izo ni interasi Peter yazanye!!

  • Abo bagabo bitwaje inguvu mugukora ikintu cose bagomba ivyo bakora ntibimenyekane.abobafata ubu benshi bicirwa kwa Gnl Adolf Nshimirimana.Abandi nabo bakicirwa kwa Ndadaye.abo bose baja guta ibiziga muri Rusizi.

  • reka abanyarwanda mutugaye twarishe igihugu cacu,mwembw intambara yahagaz kare muronka akanya ko kugira iterambere tweho dutanguye 2005 none dusubiy kuvyonona,muga iyo tutisamburirak tukamara imyaka mumaz mwaravuy muntambara mwebwe tuba tubaruta incuro10,ntimubesh ngo iwanyu ntamazuru turabizi,knd ntimuturuta mwebwe ndakurahiy,ninde yoza hiyo kuraba iwanyu mwabashenzi mwe,ntimunshavuze mungayira igihugu!uraz k mugayana,abanyarwanda bari iwacu k mbona ari benshi?ntimwinjire muvy’iwacu.

  • @gahutu et muco
    Et je ne sais pas qui d’autres,ndabiyamye ,munshirahasi mu biki!Izo mpunzi ntazo navugiye,je rigole un peu d’eux kuko nabo nyene bagiye badusuriye umukungugu ngo bagiye aho bateye imbere,diarrhee ibanza irabakira,nabo bahenzwe n’abavuga ngo karibu urabe u rwanda,ubu bihaye uburaya ,nta na kazi mufise mubaha nta na aide social mubaha,mama we muteyimbere mu biki?Abo banyarwanda baje kwuzura mu gihugu cacu gikenye kandi c’umucafu bahakoriki ko umuntu aribo atsitarako gusa?Uwobumva n’umunwa wanyu muremure!Abarundi twebwe tubamarira mu ngohe gusa iyo mwirata,ababamenye nubu bahuye namwe batabazi baricuza,muri abasuma ,des mafieux abatabazi nibo babitega.Jewe ndi umunyarwanda vyontangaza cane!Franchement,uzobaze abazungu bazi ico bafise ntawe binginga ngo ingo,nimba ari heza reka tuzovyibonere,agahugu kacu kareke,ni gato ni akacu,dufise bike bidukwiye,uwumva bitamuhagije naje hakurya ya kanyaru ,ariko gashiga izobagarukana,na ka Rugurika kama ngo kadoboka kakagaruka!!

    @niyonzima comme ivyo uvuze nivyo,ntakwibagirako bafise fond de commerce ibaha amahera:genocide,nibatureke turye bike turyame kare!!

  • @vuganeza mugenzi si intambara y ibihugu ikiriho kiravugwa none kuba genocide yarabaye mu rwanda byarakuryoheye ikindi nibuka nibuka nkurunziza arahira gutwara 2010 nibaza umuprezida umwe wari uhari nuwu urwanda gusa none kuba impunzi zijya murwanda nibibi iza tanzaniya congo na ahandi ziri ho naho mupfa iki nshuti suko kuba urumuhutu sikete wanditse ubisaba wavutse wisanga uko urumva naho wakwanga abatutsi nabo ntubamara none ga mugenzi ko numva ushavura ugashavurira na amaleta y ahandi ntubonako ugire usare cisha make bakureke peter agutware kandi niba ubona abandi barakijijwe na jenocide nawe jako ubamare none tukugire gute ariko hejuru y ibyo byose uri umuhutu mwiza wize nziko nta mupanga wafata wica

  • @ vuganeza sha ndakwemeye uri umunyarwanda nibyo kabisa niyo mpamvu nkabona wishyiramo abanyarwanda uko hhhheeee sha nibyo n inyandiko niyo uzanga uri muri babandi kuko uko wanga abatutsi nibyo ukuntu wanga urwanda ntakindi gihugu numva wanga uko nibyo wowe uteye amakenga kabisa courage ariko nibyo ubufite uburenganzira bwawe urabe icyo wifuza ukore ikiguhaye amahoro

  • iyi leta mana yifashe! utabare abanyagihugu ndabona bitoroshe pee! amaradio baturire abasigaye batuvugira birukane vyayangaye kabisa amakungu abe ariko arabona ko leta ya peter itavugwa tweho ga da tugiye guhona atabatuvugira.

  • Naho bazogira gute ikinyoma ntikizotsina iciza, bamwirukana bareka tubwirizwa kubwira amakungu ibiriko biba kandi ababikora bamenyekane

  • igisekeje baramwirukanye ariko iyo television y uburundi yerekana amakuru yo hanze ikoresha aya france 24 ibaze biteye isoni uburundi bugeze ahabi kabisa

  • ok.nanje ndabitangaho
    imanuro nokubandi niyi.
    ntabwo aribyiza ko umunt
    u wese aphamagambo avu
    ze, ok?,ku itangazamakuru
    sibyiza ko uvuga inkuru ir
    ema umujinya hagatiyumu
    ntu nundi,canke mumpande
    byiri ngo uvuge inkuru iha
    va ikaza amakimbirane ha
    gati ,iyo ugeze aho hantu
    mumenyesha makuruwe!
    ahohantu sahawe have.
    nahabashinzwe umutekano
    bazane nibahagera nawe
    urabubonye uburyo bwiza
    ,hanyuma ufatumwa nya
    wokwiga kungaruka zaya
    makuru ugiye gutanga icy
    azagukora kumpandezose,
    ejo cyenke ejobundi,
    murakoze,

  • @Itonde ubaze
    Ivy’imipanga bireke,simbabajwe nuko mwakijijwe na genocide,navuze nti reka kuturatira ngo muratunze,ntaco muturusha!

  • Bit?ahubwi bari barautembeje abantu bigira ngo nabanyamahaga bakaca bachaka kwi koza ibindasazwe.murakonze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.