Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umunsi mukuru w’abakozi wahimbajwe n’abakora mu bisata vya Reta - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umunsi mukuru w’abakozi wahimbajwe n’abakora mu bisata vya Reta

Umunsi mukuru w’abakozi wahimbajwe n’abakora mu bisata vya Reta

vendredi 1er Rusama 2015

Umunsi mukuru w’abakozi n’akazi wahimbarijwe ku kibuga c’ishuri ryisumbuye ryigisha imyuga mu Kamenge ETS Kamenge. Vyari vyatewe iteka n’umukuru w’inama nshingamateka Piyo Ntavyohanyuma.

Ibirori vyatanguye nk’igihe c’isaha zitatu n’igice zo mu gatondo. Abakozi bakora mu bisata bitandukanye vya Reta ,mu bushikiranganji hamwe no mu mashirahamwe nibo vyaboneka ko bitavye ivyo birori.

Muri ico kibanza hibonekeje kandi ko umutekano wari ucungerewe ahanini n’igisirikare c’igihugu, kuva ku kiraro c’uruzi Ntahangwa rugabura Mutanga Nord na Mutanga Sud,gushika mbere ku kibuga cabereyeko ibirori.Icibonekeje nuko abantu atari benshi.

Abamenyeshamakuru bamwe bamwe bakorera ibinyamakuru vyigenga ntiboroherejwe mu kazi kabo, kuko abasirikare bari bacunze aho bategerezwa kwinjirira batabemereye naho nyene berekanye ibibaranga.

Mwomenya ko vyari vyitezwe ko ivyo birori bibera ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore ariko bikaba vyahavuye vyimurirwa ku kibuga ca ETS Kamenge,amakuru yo kwizerwa avuga ko ari ku mvo z’umutekano.

Umukuru w’igihugu yahimbarije umunsi mukuru mu ntara ya Karusi.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.