Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
UPRONA : Umudasigana yakuwe mu mugambwe yisabiye kuwurongora - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > UPRONA : Umudasigana yakuwe mu mugambwe yisabiye kuwurongora

UPRONA : Umudasigana yakuwe mu mugambwe yisabiye kuwurongora

mardi 11 Ruhuhuma 2014

Umupfasoni Concilie Nibigira yivugiye ko ariwe arongoye umugambwe UPRONA, inyuma y’aho Niyoyankana Bonaventure arahiriye kuwurongora akavuga ko amabanga yagenywemwo na Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, adakurikije amategeko, akavuga ko amaze guhanuza abanyamategeko yasanze ico kibanza ari ica Karori Nditije.

Uwo mupfasoni rero yandikiye umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ko ubu ariwe afise ico kibanza c’uburongozi bwa UPRONA inyuma y’aho Niyoyankana arahiriye kurongora UPRONA. Concilie Nibigira yari yatowe mu mwaka w’2009 kuba icegera c’umukuru w’umugambwe UPRONA, ubu rero akaba yaheruka gukurwa na komite nkuru y’umugambwe, mu guhabwa amezi atandatu y’ibihano co kimwe na Gaston Sindimwo, umunyamabanga mukuru w’umugambwe UPRONA, bakaba bagirijwe guhemukira umugambwe.

Concilie Nibigira yisabiye kurongora UPRONA

Mu mugambwe UPRONA babona ko iyo ngendo ari iy’umugambwe CNDD FDD yo kudashaka kuganira n’uwo mugambwe, mu gushaka kunigira mu menshi umugambi wabo wo kwiyunga, mu gushigikira akarwi karongowe na Concilie Nibigira. Karori Nditije, umwe mu barongoye umugambwe UPRONA, akavuga ko mu maguru masha, bagiye kurungikira amazina y’aboserukira umugambwe wa Rwagasore mu nzego z’igihugu harimwo n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.

Bamwe bakibaza uko umupfasoni Concilie Nibigira azoshobora kurongora umugambwe UPRONA, mu gihe bihaye biribonekeza ko umurwi munini kandi ugizwe n’inararibonye mu mugambwe wa Rwagasore, ushigikiye umurwi urongowe n’umushingamateka Karori Nditije afashanije na Varisito Ngayimpenda yahora arongoye umurwi wo gusubiza agateka UPRONA. Ibice 95 kw’ijana vy’abagize inama nkuru y’umugambwe, bakaba barashize umukono ku rwandiko rwo gushigikira umugambi uwo mugambwe urimwo wo kwiyunga.

Karori Nditije umwe mu ndongozi za UPRONA

Aristide Nizigire

Messages

  • Ewe Burundi ugeze habi, harageze naho abakenyizi nabo Bata umuco kubera inzara n’amaronko? Uwo mukecuru yibazako ivyananiye abagabo ariwe aza kubishobora? Ewe DD ushitse kumpfiro aho ushitse mubakecuru. Hangana nabagsbo nkanyu murake kwinjiza abo bakecuru mubube goto bwanyu. None karashize ingani muze kuronderera mubajecuru? Nkurunziza Nate ahebe niba adashaka gukwegera igihugu. Iyo mandat ya gatatu iraguhitana ndakurahiye, nawe Eduard baguma ba mwe exposa. Reka turabe uko avyifatamwo.

  • Please,abagize uprona ni mubanze mujane uwo mukenyezi kwa rojanti ,bamusuzume mumutwe kwatakibazo yoba afise mumutwe.hama muce mumushikiriza abaganga bamukurikirane,hama akize mumu shikirize ubutungane,kuko ntamuntu asaba uburongozi,umushikiranganji edward,ahubwo aritoza bakamutora,nasabe abanywanyi ba uprona.murakoze.

  • Ariko ubwo si ubusuma nk’ubundi?Mbega ubutware barabwiha cank barabuhabwa?Mbega uyo araja kuja muri salon iwe ayage n’umugabo wiwe nimba amufise?Aragaba naw kuko uko yisamburirako muri UPRONA ashobora no kbigira murugo aho abaye! Emw bapfasoni digne de votr nom arabambits iceyi kbera inda ndende!Baporona namw raba mumuvugutire akandi gati kbera karya mwamuvugutiy ntikahuy n’ingwara agway kanatsinda brbonets ko ata mitende iraboneka.Ndasavy ibikûmbi mubishir mukibanza cavyo.

  • Mwiriwe.uyo mukenyezi mwamaganire kure.niba ashonje aje kwanduwimana amugaburire.canke aje mumugabwe we baze bakorana amaanyanga yo kuzuza inda zabo hamwe. Murakoze

  • hahahah ariko mwaretse kwitwaza CNDD FDD.ingorane ziri muri UPRONA,nibaticara hamw ngo bazishakire umuti ndabona bigiye kubagora.ariko abibaza ko uburundi buzosubira mungorane nibateshwe bate ubu abarundi twaraciye ubwenge ntakizaducanishamo

  • Uwo mukenyezi nareke kwitesha ibanga arye bike aryame kare

  • aho gawamugore ntasoni ningene usa Imana yaraguhezagiye ukokwose ukaduka aharumutima ukahashira Inda?????ja kwiradiyo usabe infashanyo tuzoguha ariko ureke kwisuzuguza

  • Ewe wiyita Josua ugeze habi,CNDD-FDD ntayuzi kandi ntuna kayimenye,numenye ivyo mu mugambwe urimwo kuko ibitakuraba uraba hasi,NKURUNZIZA Petero nawe ntusubire kumwdikako,nitwebwe ABAGUMYABANGA tuzomwitorera,Ukinda ugaramye wicara azokwitoza.

  • Samandari yagiye i Bwami bamuzimana imvuzo. Umwami amugendeye, Samandari amuzimana imvuzo. Incoreke n’abandi bashingantahe babibonye, babaza Samandari igituma yazimanye imvuzo Umwami, yishur’ati:"Nabonye i bwami mwanzimanye imvuzo, nibaza ko ari zo yikundira". Rero ibiriko biba muri UPRONA n’uko kwiyadukiza k’uwo "mupfasoni" Nibigira Concilie, ntibitangaje kuko ni vyo yakuze abona. Ni ukumutegera kuko ashobora kuba atazi ko vyataye igihe. Gerageze mumutahure munamukebure ntibihave bihekura banarugo nk’iyo mvura y’isegenya iherutse canke binahitane Edouard Nduwimana. Binasubiye, IMPORONA ni wajanja.

  • cndd nikomeza gutoba uburundi ONU izongera irungike abasoda mpuzamakungu ubundi abasoda bari muri AMISOM bace bagaruka kuko iwabo umuriro uriko uraka. Ikindi Petero niyihenda hakagira umutursi yicwa amenyeko azaba ashitse mu minsi yiwe yanyuma. Tuzamusekura uriya mutwe wuzuyemwo ubusa

  • Uwo mukyenyezi akwiye impundu. Kuko we ntamaraso afite muntoki nkabariya bandi binshe Ndadaye!!!!

  • Abadasigana bonyene barazi ko umugambwe wabo UPRONA ugoyagoya kandi uhakwa gufutwa. Amatati hagati y’abawugize ni aya kera kandi kugire bagaruke ku butegetsi, biyumvira ko hasigay’iyo mikino barimwo. DEMOCRATIE: CRISE CONSTITUTIONNELLE-kubera abashikiranganji batatu. Uruhara rwa Nduwimana Edouard mwisamburwa ry’uwo mugambwe, niyumvira ko bitoraza ishinga abanyagihugu. N’ikimenyamenya ni uwo mupfasoni Nibigira Concilie yisabiye uburongozi bw’uwo mugambwe. Ivyo akaba avyitwaza hisunzwe ko sentare yasanze Congres y’i Gitega itakurikije amategeko kandi abari kw’isonga y’uwo mugambwe UPRONA bose basa n’abakinjuye. Ayo mazina y’abashikiranganji 3 n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, bizoshikirizwa na nde? Ngayimpenda wenyene avuga ko atawuzi irengero ryabo. None bahunze iki? Ko amakungu cabure abanyagihugu tubitumirako baze gutwara kandi u Burundi...??? Agatemba ntikabura ico gahitana. Mbaye ndavuga nti: cao PORONA

  • Karikurubu ninde yakubwiyeko abatutsi tudapfa nkabandi benewacu bomuyandimoko? niwabanaho wavuze ibijanye nabwabwicanyi bwabaye mugihugu cacu bwamoko murikahise nigiki cotwemezako mubishe utarimwo kobona nibikuvamwo bisanumuntu ashobora kubayarihaye intubwi bokongera bikabonekako ushobora kuba ukorana naboretse inganda canke abagikomeza bagambana mukurondera icotuma hongera kuba ubwicanyi bushingiye kuboko, twebwe abatutsi ndete nayandimokoyose turakwiyamirije kandi ntabutabazi bwawe dukeneye kukotwebwe ntidushobora gushigikirwa numuntu akeneye gufashwa nkawe ukeneye uwogutwara kubonana na doctol sindakubesha subirinyuma usome ivyowandi urebe turetse twebwe nabomubana ushobora kubawavyanditse batakubona kuko yobakubona barikukubuza kubishira kwuru rubuga kandi nicubahiro gikeya basanzwe baguha bocabakigukurako agaheriheri peee!!!

  • Uwo mugore wenyene yariyemereye ko yemeye ko Nditije ariwe atwara umugambwe ubu bahejeje kumuha udufaranga aba DD none ari proclamye "Présidente" du parti pour sauver le CNDD FDD, Gaston Sindano na ses neveux Gashatsi Abel et Fréderic Sigejeje ( son ancien chef de cabinet). Arateye isoni n’ikigongwe. Umugambwe Uprona urakuroka. Twahora tukubona mwisengero tukagira uri umupfasoni w’iteka none vyabuze

  • Hakiza vyarivyo vyose ntunsumvya kunenya CNDD-FDD. Yaba waruzi ko arije nari ndongoye peloton yambere ya FDD igihe twatangurira igisoda ca FDD I Bugarama Ku Ku kibuga cumupira kwibarabara rya Kane. Abantu mwinjiye inyuma numwe nwaje konona CNDD -FDD. Petero nkurunziza ntiyoreka kuba injavyi kuko ntazi amabavu yoguyanguza igisirikare. Hama namwe mwigira abakundwakazi bico mutazu muzohanigwa rimwe na Nkurunziza. Injavyi Ni injavyi. Mbe aho Nkurunziza ashaka mandate ya gatatu wibaza Yuko ariko asuzugura abarundi gusa canke asuzugura abagumyabanga? Niba wibaza Yuko ABA CNDD-FDD Bose ko bamushikiye uribesha.

  • @Mama, reka ndakwerekeko iyo mvuga bifise imvo ndanaguhe example nka zitatu. jewe mvuga ibintu bifise sources ziba zizewe, nta muntu ataziko intwaro y’abahutu(CNDD) iriko iracinyiza umugambwe w’UMUGANWA RWAGASORE kuko twabategetse imyaka myinshi. USANGWA RERO URI IKIJUJU KITAZI KUGIRA ANALYSE NIKAZI KAWE BURANUMA UCECEKE. Ex: (1) igihe Petero akombora BUSOKOZA naranditse ngaha ko BUSOKOZA na NDITIJE bahungiye mu badiplomates baserukira ibihugu vyabo ngaha mu burundi, ivyo ngirango uraziko n’ibitororokanizo vy’amakuru mpuzamakungu vyavyanditse. (2)NDIHOKUBWAYO asezeye reta naciye nandikako nabarya bapfasoni bandi bariko barandika ngo basezere reta uraziko vyaciye biba. (3) NIYOYANKANA mbere y’uko asubiza umugambwe benewo nari navyanditse ngaha kurubuga ko yatewe akamo nabategetsi bakomakomeye bo mu makungu eka na BUYOYA arimwo après 24heurs yari yamaze gutanga imihoho. NYUMA Y’IZI NGERO Z’UKURI NDAGUHAYE, NINDE KIJUJU HAGATI YANJE NAWE??? Ikindi kura ivyo bijambo vyawe ngaho ngo uri umututsi, wewe uri umuhutu kanuni.

  • Nabumvirije nsanga harimwo abavugavyo nabahuguza,urya mugore siwe wenyene nakarwi kabantu.mugabo amaronko menshi aziba amatwi harya yabonye ko niyoyankana ari ikijuju!ariko na cndd-fdd vyayiyobeye kweli !nibicare baganire nabo vyega Hama batunganye iyo reta kuko igihugu kiriko kirahahombera gose,canke batange imihoho,nimuve i buzimu muje ibuntu mwa BA DD mwe!

  • CNDD ikwiriye kureka politique. aho wombaza ngo boca bakoriki??? INYISHU: 1.ZIRYA NGUFU BAKORESHA MU GUKUBAGURA ABAKENYEZI BADANZAZA MU MABARABARA NIZI BOKORESHEJE MU GUTUNGANYA IGISAGARA KUKO KIRAMAZE GUSA N’UMWAVU. 2. NIBAKORE COPERATIVE ICE YITWA CNDD HAMA IGIRANE AMASEZERANO NA RETA KO IZOZA IRAHABWA IBIRAKA VYO GUKORA ISUKU MU GISAGARA. nayubundi politique yoyo iri kure nk’ukwezi. sivyabo vraiment. ehe u burundi buciye imyaka ata mu president wo mu makungu atugendereye, ibi biterwa nuko nta migenderanire myiza dufitanye n’amakungu kuko tutagendera kuri democratie

  • Uta umwana ukaba utaye ibanga, akaniniye abandi nawe kazokunanira, niki kigutumye kumenja waravyaye ga madame, subiza ubwenge inyuma wibaze, wibuke ko uri umuvyeyi udakwiye gusambura no gusenya, Imana ikwibutse ko gahnga yishwe nakarimi kimwe none nawe uzokwica nivyo ukoze. Mbega abashingantaje b’abarundi ubasumbije iki? REKA KUMENJA CONCILIYA? GIRA ISONI UMARAMARE WIBAZE AHO UZOCA AHO AZUVOMA,AHO UZORAHURA, WOYE GUHENDWA IZUBA RIVA. AMAHERA ARAHERA ARIKO IGIHEMU KIBI NTIGIHERA. KANID URYA INUTI IKINOVORA INTUNTU NAGAHINDA.

  • Turasavye nk ,abarundi amaraso ntaseseke kuko umuntu Imana yamuremye yisa uwicwa n ’umurundi kandi tuzomubazwa ntanumy afise ububasha kukiremwa muntu kiretse Imana.Teshwa mute ,ububuzima bushira umwanya muto, umuhinga nuwitunganije mubobafatanije akayira ,twabuze vyinshi Reka kuba ba ndayimirije inda ,canke kuzura akab oze.Reka kuduza inzu isumba izindi uduze umutima w impuhw w abarundi babayeho mumagogwa atandukany Mbega uz0yibamwo imyak ijana ,ntawokora ikibi yitwaje igikenya ntabwenge bisaba bisa n imfyisi yihereza intama ,ninde yabay rurangiranyw mugutotez abandi cank mukwica nshimiye abarundi bumutima bashima kwamama berekana ibitagenda neza bazoronka impera nyinshi kuko banyotew ubutungane atari basumirinda.

  • Ayo majambo yose muvuga ntakenewe ahubwo jewe ivyo mbona nagasema
    ku gihugu c’uburundi.Pfukama ahubwo musenge si non ibara riragwa turavye nivyabaye ce dimanche twobifatako ari ibimenyetso vy’ibihe
    Uyo mu dame nawe narabe abaze umutima wiwe areke kwongera ikibi mu kindi

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.