Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Minani Félicien : Amategeko yokwubahirizwa ku gusubira kwitoza kwa Petero (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Minani Félicien : Amategeko yokwubahirizwa ku gusubira kwitoza kwa Petero (...)

Minani Félicien : Amategeko yokwubahirizwa ku gusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza

lundi 19 Nzero 2015

Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE, umuririmvyi Nsengiyumva Minani Félicien batazira Marechal Femi de j’Abat yaraneguye abiyitirira ururirimbo yakoze ruhayagiza umugambwe CNDD FDD. Ku bijanye n’ugusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, uwo muririmvyi asaba abajejwe ivy’amategeko kuyasoma neza, bakore akazi kabo neza ataho bahengamiye, ku neza y’igihugu n’abakibamwo bose.

IGIHE : Minani Félicien uri umuririmvyi yakoze ururirimbo ruhayagiza umugambwe CNDD FDD. Mbega wakiriye gute ibiheruka gushikirizwa na Richard NIMBESHA ku kiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza?

JPEG - 22.2 ko
umuririmvyi Nsengiyumva Minani Félicien batazira Marechal Femi de j’Abat

Minani Félicien : Mu gihugu kirangwamwo Demokarasi, umuntu wese arafise uburenganzira bwo gushikiriza iciyumviro ciwe ku kintu icarico cose kandi ntabizire. Mugabo, nk’umugumyabanga, sinavyakiriye neza kuko hariho ibibazo nkoramutima umugumyabanga w’ukuri abushitse atavugira canke ngo yishurire mu barabara, na cane cane iyo ari ibishobora guteza ingorane mu mugambwe wacu. Ku bwanje birya yavuze, yari kurorera inama kaminuza y’umugambwe yimirije vuba akaba ariho abivugira. kumbure ivyo yavuze ni iciyumviro ciza yoba ahurijeko n’abandi bagumyabanga batari bake nk’uko ata nkenka hari n’abandi bagumyabanga benshi babibona ukundi.

IGIHE : Minani Félicien ahagaze hehe ku kiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza?

Aho mpagaze n’uko hokwubahirizwa amategeko y’ibwirizwa nshingiro, n’amasezerano y’i Arusha. Niba koko amategeko amurekurira kwitoza ubugira kandi, ntanabi jewe ndabibonamwo mu gihe umugambwe wacu womwizera kandi akaba ariwe uhitamwo ngo yongere kwitoza. Abajejwe ivy’amategeko nobasaba kuyasoma neza maze bagakora akazi kabo neza ataho bahengamiye, ku neza y’igihugu cacu n’abakibamwo bose. Ariko rero, ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi mperuka ryanditse mu gifaransa, urwo rurimi narwo rw’abanyamahanga harivyo abenshi tudatahura neza. Kugeza ubu jewe sintahura igituma ritokwandikwa mu Kirundi kugira abanyagihugu batazi igifaransa nabo nyene bashobore gutahura ivyanditse mw’ibwirizwa nshingiro bitoreye abenshi batazi ibiririmwo uko vyifashe. Ivyo jewe mbona ko bidaha agateka igihugu cacu citwa ko "cikukiye".

JPEG - 36.5 ko
Minani Félicien, mw’ikoraniro ry’umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Bujumbura, komine Isare

IGIHE : Umugambwe CNDD FDD woba uguha iteka ry’uwaririmvye ururirimbo ry’umugambwe umaze imyaka cumi urongoye Uburundi?

Minani Félicien : Iteka ubwa mbere na mbere Imana niyo iritera umuntu, ariko akenshi ahanini umuntu wenyene abanje kuryitera wenyene. Kubinyerekeye naragerageje kuryitera mu gukora ururirimbo rukundwa cane n’abantu benshi kandi rufitiye akamaro kanini umugambwe ndimwo CNDD-FDD n’igihugu cacu, rwarafashije cane kuva tukiri ku rugamba eka n’ubu rubandanya rufasha cane muri kino gihe umugambwe wacu uri ku butegetsi. Kuba umugambwe CNDD-FDD warashimye ururirimbo nawukoreye rukaba arirwo ruba uruhayagiza uwo mugambwe, kuri jewe n’iryo ni iteka umugambwe wanteye. Umugambwe ni nk’umuvyeyi afise abana benshi, abagize ico bamarira umugambwe wacu c’akamaro kanini si jewe jenyene. Hariho n’abahasize ubuzima n’ubwo na jewe nahatswe incuro zibiri kuhabusiga kubera urwo ruririmbo nawukoreye. Abarundi nibo bayamaze bati : "Inda woyibaza uwayirayeko". Urwo rururimbo nakoze, mpora mbona abenshi amasozi akoroka iyo bariko bararuririmba, nivyo rurimwo amajambo nkora mutima, mugabo mu barira kubera umunezero w’ibihe vyiza barimwo, abenshi ntibazi ko na jewe narize bagomba kuyinyicirako ngo ndi umumenja, kandi nabikora ku neza y’igihugu canje n’abakibamwo bose bo mu moko yose n’intara zose z’Uburundi. Iteka rihambaye kuri jewe nuko ivyo naharanira nanditse muri rurya ruririmbo vyoja mu ngiro ku neza y’Abarundi bose n’ababubamwo, aho nipfuzako twese twotunga tugatunganirwa mu bacu no mu vyacu atawandya canke wangura, tukishira tukizana.

IGIHE : Uravuga umukenguzamateka Richard NIMBESHA mu biyitirira urwo ruririmbo wakoze. Bimeze gute?

Minani Félicien : Umukenguzamateka Richard NIMBESHA ntabwo ari mu barwiyitirira, aho noba ndamubesheye, gusa igihe duheruka guhurira i Bujumbura, yambwiye abantu bari kumwe ko ari jewe narukoze ko nawe yamfashije ku rukora. Ico nakoze naciye ndamubeshuza aho nyene imbere y’abantu, ndamubwira yuko avuze ukuri ko ari jewe narukoze, ariko ko ivyo kumfasha atari vyo namba na gato kandi ivyo nawe nyene arabizi. Icatumye ndabibeshuza, n’uko nabonye abo vyari kumwe babifashe nk’uko ivyo yari avuze vyari ukuri, n’ubwo mu nyuma yaciye yerekana ko yariko aratebura, jewe sinavyakiriye neza. Kuba rero nahisemwo kubishira ahabona, n’uko nashatse gutanga umuco, kugirango n’abandi boba bayiyitirira amatwi ansumira bateshwe bate ikinyoma cabo kuko uwayikoze ndacariho, nabo nayishikirije bari babijejwe ico gihe baracariho.

JPEG - 17.7 ko
Minani Félicien (i buryo), ari kumwe n’umukenguzamateka Richard NIMBESHA (i bubamfu)

www.femidejabat.com


IGIHE

Messages

  • None ibiri mu ruririmbo wateguye ubona harico vyafashije igihugu mu mwaka 10 iheze mutwara?

  • JEWE HARAHO NIBAZA KO ABA DD BATIBUKA KO BAGIYE KURWANA BAKANATA VYINSHI NA BENSHI..NA PETER NIWE WA MBERE UMENGO ABAGIYE KWIGA KWIBA KWICA GUSAMBURA VYOOOSE..BARATAYE UMWANYA KUKO KWIBA NTIBISABA KUJA KURWANA ,,,

  • Iyofoto niyakera ?ncanke niyavuba??igihe tubwire kabisa tubimenye!

  • Uyumugabo Minani, ndamwemeye.

  • Minani umenga gufata umurongo biramugora ,ni bihindagu njana iyo ibintu bija Urinze ubona umuntu avuga ko hokwirikizwa amasezerano ya Arusha nuko aba ashatse kuvuga ko Nkurunziza atogaruka ,donc be na Richard Nimbesha bavuga kumwe ni bamwe kiretse ko Felicien Minani Femi de Jabat yashatse kutwibutsa ko yakoze hanyuma umugambwe cndd fdd ntiwamushimira

  • ewe burundi mbega uwo niwe mupoliticien dusigaranye nico gituma igihugu cacu kizokwama kirinyuma murivyose. ewe vyo kuri yingoma uwaramvye arabona.

  • General Femi de Jabat ni ntao nfatwa ,uzorabe no kuri Facebook harho ubona yamanitse amafoto ari kumwe na Hussein Radjabu ariko ararira Kubera Radjabu Afunzwe ahandi ukabona amanitse amafoto aryohewe ari kumwe na Nyakubahwa Peter Nkurunziza .Cndd Fdd ntiyanse kumushimira kururirimbo yanditse gusa ikosa riri kuri Femi De Jabat kuko atambagurika .

  • Mutama Femi reka abadedemba badedembe ni wirambire. Bashaka Radjabu umwanke inabi yagukoreye yotuma umwanka ni iyihe ko niyo ataba we bamwe mu basungaraye ku butegetsi ubu baba ari bamayibobo. Yaba PETER canke Radjabu bose n’’abana b’Uburundi , kuri jewe kuba ubakunda bose atanumwe wankamwo ahubwo ako n’akarorero keza cane kari gakwiye kuduha icirwa. Ivyo gushimirwa navyo abanyagihugu benshi turashima ico gikorwa ciza wakoze jewe ntanivyo narinzi ko ari wewe warukoze, igihe wagarutse i Burundi nukuri nzokurondera ndagushimire kuruhande rwanje. Nimwirambire !

  • Na Husein Rajabu nivyo yakoreye umugambwe aba DD mukumushimira bamushize mwibohoro , ahubwo na femi aragaba iyo hymne avuga yabakoreye mu kumushimira bazohava bamurungika ku musaga gusangayo rajabu, aba DD nta kigenda bazi kwishimira mu kuduza amagolofa, femi pole sana barakweretseko Hymne wabakoreye atacibabwiye nubwo bama bayikoresheje ( intashima.com )

  • Nta vya Femi de Jabat ngaho ,umugumyabanga wukuri yaratashe ubu aba mu Burundi ,none uwo mugumyabanga yandika indirimbo hama akaca adutana indirimbo akigira kuba mumahanga aho kuguma i Burundi ngo adufashe kubwubaka mumwunva gute? abagumyabanga bukuri baratashe barubaka uburundi Femni de jabat nawe nimba ashaka ko bamushimira nabanze atahe hama akore nkuko abandi dukora si non ndamufata nka «kireko» umukinyi wa ninde

  • NI MURINDIRE VYOSE MUBIHE UMWANYA

  • Komera Félicien. Ndashima amajambo aryoshe washize muri rurya ruririmbo kuko nayinkoramutima. Abavuga ayamuhe bime amatwi. Songa mbele mwana wa mama.

  • JEWENDA BISHI GIKIYE ARIKOKO SINSHIGIKIYE KO!PETERONKURUNZIZA AZITOZA UBWA 3

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.