IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurwi CENI wagabanije impapuro zisabwa abazitoza

Umurwi CENI wagabanije impapuro zisabwa abazitoza

mercredi 1er Ndamukiza 2015, par IGIHE

Umurwi CENI wafashe ingingo wo kugabanya impapuro zisabwa abazitoza, ubu zikaba zavuye kuri ndwi zija kuri zitanu gusa.

Inyuma y’aho umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ahamagariye abarundi mu matora yo muri uwu mwaka w’2015, bamwe mu banyamigambwe bavuga ko hari zimwe mu mpapuro basabwa zidakenewe. Mu runani RANAC basavye ko izo mpapuro zogabanywa, kuko ku bwabo babona ko hari zimwe zimwe zidakenewe ku bazitoza nk’akarorero igipapuro cemeza ko umuntu afise inyifato n’imigenzo myiza, ico bita Bonne conduite, vie et moeurs hamwe n’icerekana ko umuntu afise amagara meza ico "Aptitude physique". Muri CENI bamenyesheje ko izo mpapuro zikenewe kubazoba bamaze gutorwa.

Mu migambwe itavuga rumwe na Reta baravuga kandi ko zimwe muri izo mpapuro zisabirwa mu gisagara ca Bujumbura gusa, nka "Extrait du Casier Judiciaire", vyumvikana ko abanyagihugu bazova mu gihugu hagati bazoza kuzironderera i Bujumbura, ibishobora kubatwara umwanya muremure batarazironka, kandi iminsi bahawe bavuga ko ari mike.

Igipapuro ca "Bonne conduite, vie et moeurs", hamwe n’ica "Aptitude physique" rwemeza ko umuntu akomeye akaba arizo umurwi CENI wabaye urakuramwo, ariko muri CENI bakazoca bazisaba inyuma y’amatora ya mbere, nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe n’umurwi CENI.

Amatora ya mbere akaba azotangura kuwa 26 Rusama, ayo nayo azoba ari ay’abashingamateka hamwe n’abahanuzi b’amakomine, intonde z’abazitoza zikaba zitegekanywa gushika muri CENI kuva kuwa 30 Ntwarante, gushika kuwa 8 Ndamukiza 2015.


Floxella Karire

Messages

  • CENI IRIKO IKORA NEZA KUKO YUMVIRIZA BOSE....ABO BASHAKA KUYIYAMIRIZA NIBATESHWE BATE KUKO ABARUNDI TWARAMAZE GUCUBWENGE.
    NICO GITUMA AMATAORA AZOGENDA NEZA CANE NKUKO NYAKUBAHWA YAMA ARIKO ARABIVUGA.
    TURATEYE AMASHUGWE UMUGWI CENI....TUGATERA IVYATSI ABO BAFISE UBWOBA BWO KWIPIMA KURI MUTAMA NKURUNZIZA.

  • uyu murwi CENI uriko irakora neza ntimuzawuvangire, ibyo abantu basabye uca ubikora kunyungu rusangi. courage bashingantahe.

  • JEWENDAZIKO CENI ABAYIKORAMWO NABANTUBAKORA KUBWINYUNGU ZABOSE, IKIBABAJE NUKO IYOHAGIZE UMUNTU AGIRAKANTU KAMUDIDANIYE MUKUKAVUGA BAMWE USANGA BARINZE KUDARIZA IMITSI UKAMENGO INTAMBARA IRATANGUYE URUPFASONI RUKENARWO RUKABARIRWO BASHIRA IMBERE, TWEMBWE NGAHAMU BURUNDI TWARAMAZE GUTERA INTAMBWE NUKOBAMWE BATABIBONA.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.