Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi CENI wahawe uburenganzira bwo gufata ingingo ugizwe n’abantu 3 kuri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umurwi CENI wahawe uburenganzira bwo gufata ingingo ugizwe n’abantu 3 kuri (...)

Umurwi CENI wahawe uburenganzira bwo gufata ingingo ugizwe n’abantu 3 kuri 5

mercredi 10 Ruheshi 2015

umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yahinduye itegeko rigenga uko umurwi wigenga utegura amatora CENI ukora.

Nkuko biri mw’itegeko rishasha no100/171 ryo kuwa 30 Rusama,ryateweko umukono n’umukuru w’igihugu hamwe n’icegera ciwe ca mbere ,umurwi ujejwe gutegura amatora ugiye gufata ingingo,ugizwe n’abantu 3 kuri batanu bawugize.

Mw’itegeko ryari rihasanzwe ryo mu mwaka w’2012,umurwi ujejwe gutegura amatora CENI wategerezwa gufata ingingo,mu gihe hari bane kuri batanu bagize uwo murwi.

Ivyo bibaye mu gihe abakenyezi babiri mu bari bagize umurwi CENI, harimwo n’icegera cawo batangiye imihoho,mbere bagahunga igihugu.

Messages

  • Batanu ni bande? ntushobora kuvuga batatu kuri batanu, umurwi utagizwe na batanu. Ubu baciye baba batatu kuri batatu. est-ce permis par la loi fondamentale? on aura tout vu sous Nkuru. le prélable est de d’abord remplacer les deux pour en faire cinq ensuite de permettre 3 sur les cinq de prendre une décision. je vous assure nos dirigeants se précipitent vers le gouffre. Quand violer la loi plus d’une fois, par n’importe laquelle mais la constitution de la République du Burundi, ne veut plus rien dire, ubutegetsi buba buheze? Ni atange imihoho bicoroshe sinon bizomugora gusumba. ndavuga simvura.

  • Worya bike ukaryama kare. Habaye imbwa yaciye kuruzi ifise inyama mu kanywa, iriko iragendagendera kumigogo ijabuka igize gutya ibona iyindi mbwa mu mazi ifise inyams, ariko cari igitutu cayo naho itabimenye. Yaciye yigira inama kwaka iyo yindi inyama ifise. Yasamye ngo ifate, ikubita imunywa mu mazi, yanyama yari mukanwa ica ikorokerayo nayo ikorokera muruzi, iba iraruvogeramwo. Ndavuga simvura. Akataretse kaba gasema! Uwuri n’ugutwi niyumve!

  • Illegal
    Imana yonyene..

  • Yemwe mwokavyaramwe, yampayisuka!aho neza na neza aracicara ngo ahafise ikibanza?ariko ga! Ewe mana y’uburundi abamwemerera kuhicara nib,de ga ntuze?bose inzira nimwe rwasa ntazobihanganira nagato namabi bakoze, mwahora muririmba ati batangatange, havugwa uwagezweho mwarabatangatanzenone namwe murashikiwe.

  • None ko tuzi iyo umuntu avuze ko ingingo yemezwa na batatu kuri batanu iyo decret n’iyukuri kandi umurwi usigaye ugizwe n’abantu batatu? Ivyo vyoshoboka iyo barikuba ari batanu hama bagaharira et puis 3 bagahuriza kukintu kimwe niho twovugako ingingo yemejwe na 3/5. Ariko uko biri ubu, umurwi ugizwe n’abantu 3 gusa, c’est àdire 3/3 et non 3/5 kuko babiri baratanze imihoho donc ntibakiri membres de la commission pour dire que ingingo zifatwa na 3/3

  • None abagiye niboduhagaciro gusumba abasigaye? Mwebwemwaragiye mubacukirako amahera ngobabafashe gushika kumugambi wuko amatora atoba nonemubonye atacobigiye gutanga kukomubonye amatora aringombwa abe mutanguye kuvuga ayamuhe? Niyohoho batangimihoho bakagumamugihugu, nayo umuntuyahunze akambuka urubibe rwigihugu afisebimwe atakaza mubuzima bwigihugu ciwe, akarorero murikahise hariho abarundi bagiye baba impunzi hanze yu Burundi, abandi baba impunzi hagati mugihugu ariko nubwo abahungiye hanze nabahungiye hagatimugihugu bosebakomeje kwitwa abarundi, ariko hagize ikintu mu Burundi gikenerako abarundi imbereyuko kiba babanza gutora abarundi bahungiye mugihugu hagati baba bafise uburenganzira bwogutora, ariko babarundi bagenzibabo bahungiye hanzeyigihugu ntaburenganzira bahabwa bwogutora. Bavukanyi birababaje kubona umuntu yemera gutigihugu ciwe akemera agatakaza uburenganzira bwabimwebimwe mugihuguciwe ngonuko abisabwe nabakanaka bamuhendesheje akamanyu kumutsima abandinabo bakabemerera kuzobaha ibirenze ivyobaribafise, mberenciyenibuka umusonda wumurundi igihe baribabejeje gufata abasirukare baribateye kudeta niweyabwiye umusoda mukuru womeipete rya General ahobaribamuryamitse mubivu ngo: General waribuziki? Ariko birazwikwatacoyaribuze ariko birumvikana koyari amaronko. Yuda nawe yaremeye aguza Yesu kuberako yahawe amahera nabantu banka urunuka Yezu, ariko burya Yuda ntiyanka Yezu, Niyombarenawe mbere yarumukunzi wa Nkurunziza noneho abasi ba Nkurunziza bahisemwo gukoresha Niyombare kugira bamushikire. Dusubiyekuvya Yezu, Yuda amaze kuguza Yezu vyanuteye isoni ariyahura. Niyombarenawe yamaze kubona ivyoyakoreye Nkurunziza kubera ubumaramare yahisemwo guhunva!.

  • le décret n°100/171 du 30 mai 2015 n’a pas de raison d’être pour le seul motif que nous sommes dans une période exceptionnelle où la loi doit être observée come elle est. elle ne peut être changé pour n’importe quel motif soit il. il faut s’y pencher, sinon, chacun peut faire la loi comme il l’entend pour son gré. encore une fois, 3/5 dans un ensemble de 3 n’existe pas.

  • NYAKWUBAHWA YARAKWIYE KUVUGA IRYANYUMA HAMA AMATORA AKIZERWA NA BOSE

  • Kabwa
    N’ubwo bobakwiza bakaba batanu ntibashobora gufata ingingo kuri batatu kuko uba ugiye inyuma y’amasezerano ya Arusha asaba gusangira ubutegetsi. CENI bawita ngo ni umurwi w’ubuhinga ariko haba namba ni ukwihenda. Mbe amatora wovugako yagiyemwo bose gute mugihe ushobora gusanga batatu kuri batatu cank batatu kuri batanu ari ubwoko bumwe. Ntihahave hari umutegetsi nubwo yoba nde yibazako aserukira abarundi imbere y’amasezerano bagiriraniye kandi yazanye ivyamwa vyiza. Mbe nk’ubu uwovugako les trois commissaires bari mumigambwe bivanye nabo duhora tubona bayaga canke banywana vyogenda gute.REKE BASHA KWIHUTA MUGENZE NEZA ABENEGIHUGU GUTYO VYOSE BIZOTUNGANA.

  • NAMWE MURAKOZE MUZOZE MUTUBWIRA UKO BIRIKO BIRAGENDA

  • Anticonstitutionel !!!
    Ubu umurwi ugizwe n’abantu batatu gusa. Donc nta CENI iriho kuko amategeko avuga ko CENI igizwe n’abantu batanu. No mu gihe abo 2 bosubirizwa, nimba ntihenze ugizwe n’abahutu batatu n’abatutsi babiri, harimwo abagabo batatu n’abakenyezi babiri, kandi abo bagabo batatu bose begamiye cndd-fdd. Donc, selon Nkurunziza abahutu bagize CENI barashobora gufata ingingo abatutsi batarimwo, kandi abagabo gusa barashobora gufata ingingo abakenyezi batarimwo, kandi abegereye cndd fdd barashobora gufata ingingo abo mu yindi migambwe batarimwo.
    Vyose ni anticonstitutionnel !

  • hhhhhhhaaaaaa hhhhhhhhiiiiiiiiiii hhhhhhuuuuuuu hhhhhhhhoo hhhhhaaaaaaa ihene , intama, inka huuuuu hhhhhaaaaaa ingurube, hhhhhaaaaaahhhhhhuuuuu burundi= isombe

  • hohohohohohohoho abarundi bafise imvugo nkuwo Kabwa ni ba se wiwe peeee ngo ngwiki amatora agire abe uwushaka aze atore uwudashaka yigumire muhira kumwe babahenda muri 2010 igihugu nigihugu basha leta ni leta uwutavyumwa yayobewe arazokora REPECHAGE canke Deuxieme session Mereke urunwarunwa Songa Mbele Guma Kwivola Mtama Turinyuma yawe Genda murase rero turabe UKIBEMBEREZA NINI.....................Komera.

  • ukonukwiba,icakabiri,nukoarimwicanyi,kamdiyarafunzeabanyeporitike bosebaromoka

  • Ebagabo abobagabo babiri bananiranye basigaye bashinga itegeko nkiryo Arabantu babiri yemwe birabe Ahobarakomeye kweri?ariko barabesha ukuri kuzoza ahabona.

  • Abantu benshi ikirundi kirabagora kabisaaa umukuru wigihugu yasinye kwitegeko rirekurira abantu batatu bagize umurwi CENI gukora ari batatu,ntabandi bakenewe nkuko abandibaguma bavuga 3/5 ivyo vyasezerewe ubu ni 3/3
    Uravye ivyo duhitiyemwo kuko reta yari yatezwe imitego itandukanye none uyo wasa nkuko ariwo umutego wanyuma wari usigaye nawo ukaba ukenyuwe urumva ko abavuga nabi batabura
    Jewe nk,umunyagihugu mbanje gukeza reta ko yakoze nkabagabo kubona yigoye uko ishoboye ikagerageza kudukura ivyipfuzo vyabamwe bamwe bashaka ko dusubira muntwaro za kera zimfata kibanza
    Turashimye cane kurico kibaye kuko benshi bagiye kuvuga uko bishakiye,kandi dusavye ko nizindi ngingo zofatwa no kubari mumabarabara bose bakavamwo murakoze

  • uko n,ukumaramara arafata ingingo mumatora katabigize 2010 yabigize kubera abadahemuka bahu nze sha baramushuka ntituzovyera

  • VUGA MAKE YACO MUTA UMUMWA KUKO NA 2010 MBONA MWARATARARIZA HANYUMA MURATURURA

  • ARIKO UBURUNDI NIHATARI!WUMV IKIBAYE CENI YIGENG?BURYA NTIZOHAVA IKORER NKURUNZIZA GUSA? EWE CENI YARANANIW NTAKUNDI?ARIKOS IKIRINGOC CEN KWATAC IKIVUGAKO?

  • aho nuhaze nukuri kugumuteza maganya namarir uburundi ntasoni bigutera ehe amatama yarafoy ubutuzurafise ukeneyiki kwica?

  • NIBISANZWE KUKO NKURU NAHO ABO BATATU BOHUNGA CENI YOYITWARA NUMUHINGA

  • Ariko karashize ingani abaribajejwe kwubahiriza amategeko abaribo bayarengako?nkurunziza igihugu uragitaye mumanga ariko ya mana wama uvugakwaricabona izobikubaza.

  • Je murantangaje! Aha ntimubona ko mu Burundi ata mategeko akibaho? Erega CNDD-FDD yarayahonyanze yose! Imana yo mw’ijuru niyo cabona.....!
    Hari génération yagiye mw’ishamba kwiga guhonyanga amategeko! Ariko mumenye ko ibuye ry’isema ritembagara riduga kandi ngo inkokoboka y’umufutu iza izuba ricokeye! Wanka bangwe ntiwanka zana ndabe, kiretse ko umanika agatu wicaye mukukamanura ugahaguruka!
    Aho abo bose bagira ngo barakunda Umukuru w’igihugu NKURUNZIZA umusi inzara izobagaragura ntawuzosubira kumutera amashurwe ahubwo amavyi kumwe bagira NTIBANTUNGANYA i Bugendana! Yezu ati uwuri n’amatwi y’ukwumva niyumve!

  • ivyo yigira vyose azognda nabi.aribuka abamurusha amanyama:nka sadamu n’abandi.uwo uja gusiga uramurindira!

  • Hahahhh! Biratwengeje nubwo bibabaje! Haraho akora ubugome bufise ubuhanga mugabo ubu hoho ndabona yihenze.

  • MWe murantwenza bavuye mumabanga barimwo bibaza ko amatorsa azoca asiba!izombura kimazi zamenyereye. Intwaro zitafitiye imigambi nibomoke abagabo bijuja nijambo baragifise eeeh uwutemera Peter amezenkingezi itinyimvura abonabo bacabagirabagenzi igitanda bakasokoroka muci

  • Abibazako amatora atazoba basa nabatemerako yesu abaho ibipingayi vyamyeho kiva mumabanga ntibisigurako amabanga warujejwe bayagutekerera mukajana nihobihendera abarundi tushaka amatora ntakindi abonabo bahunga niwamwungu warwarunyuzi bamenyereye kubabakozi babazungu bararyoherwa nokwitwa impunzi

  • Ayo ni ya mategeko invalides evidemment, Nkurunziza ariko aravuga ngo ni inconstestables et indiscutables ku Banyagihugu bose na Communaute internationale, lol !!!

  • Akabi Gatwegwa Nkakeza. Mbe Iyo Ceni Ya Batatu Yubwoko Bumwe Yigitsina Kimwe Yayibonye He Kwisi Nzima? Ceni Igizwe Na Bahutu Gusa? Izotunganya Aya Bahutu Hama Aya Batutsi N’abatwa Azoba Munyuma Ateguwe Neza. Erega Cndd-fdd Ntakindi Yipfuza Atari Kuryanisha Beneburundi.

  • ABO BANKA KO AMATORA ABA NTAHO BATANIYE NIMWANA AHIYE MUKWAHA. ANYAGIHUGU BAMWONGEYE AZOBATWARA UWANKA YANGARE

  • JE KUBWANJE BOMUREKA ,KUKO UMUNYAGIHUGU NIWE AFISE IJAMBO RYANYUMA, KUKO MUGUHA INZIRA URUZI NTUBIKORA RUMAZE KUZURA ,AHUBWO WOBIKORA RUTARUZURA RUKAGERA KUZURA WAGOMEYE,

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.