Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi CEPI mu gisagara ca Bujumbura watangaje ivyavuye mu matora - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umurwi CEPI mu gisagara ca Bujumbura watangaje ivyavuye mu matora

Umurwi CEPI mu gisagara ca Bujumbura watangaje ivyavuye mu matora

mercredi 8 Mukakaro 2015

Umurwi utegura amatora mu gisagara ca Bujumbura umenyesha ko umugambwe CNDD-FDD ariwo uza mu kibanza ca mbere mu bibanza vy’abajenama b’amakomine mu makomine atatu agize igisagara,ugakurikirwa n’Urunani rw’Abigenga Amizero y’’Abarundi.

Muri Komine ya Muha iri mu bumanuko bw’igisagara, umugambwe CNDD FDD uza imbere n’abajenama ba komine 9,ukurikirwa n’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi rufise abajenama 4,Frodebu Nyakuri:umujenama 1 na FNL:umujenama 1.

Muri Komine ya Mukaza:CNDD FDD ifise abajenama ba komine 9,Abigenga Amizero y’Abarundi:3,UPRONA:1 Frodebu Nyakuri:1,UPD Zigamibanga:1

Muri Komine ya Ntahangwa iri mu Buraruko bw’igisagara,umugambwe CNDD FDD naho nyene uza imbere n’abajenama ba komine 8,Abigenga Amizero y’Abarundi:4,UPRONA:1,Frodebu Nyakuri:1 na FNL:1.

Mwomenya ko,Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi ruza mu kibanza ca Kabiri,mu gihe rwari rwasavye abanywanyi barwo kutitaba amatora yo kuwa 29 Ruheshi.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Natwe Mugatereni Amatora Yagenzeneza Ahonaho Ni Mu KINZANZA.Twe Twatsinze Kera Ahubwo Harihasigay Yuko Umugwi Wigenga CENI Ko Ushikiriza Ivyavuyemwo CNDD_FDD Izokwama ariyambere jusq’un la fin de la terre du monde

  • Nta CNDD/FDD ishobora gutsinda Bujumbura de cette façon. Ntaho vyabaye. Evidemment nta na kimwe ari co kuko amatora ataraba.

  • MURIHENDA,UYUMWAKA NTUHER AGIHEMA.

  • RWASA NAREKE KUTUJURAGIZA AHUBWO NIYEMERE AHO ABANYAGIHUGU BAMUSHIZE NAYUBUNDI NTACO ASHA YOKORA.

  • umusuma iyo ariko ariba n,ubwenge buramuherana hamwe atamenyako uwo yiba ashobora kurarira.mbeko mumatora ya 2005 cndd fdd abarundi nka bose bawemera ariko utaba uwambere muma komine yose y,uburundi wasanga hariho amakomine amwamwe wabaye uwa2,ubu hari h,amakomine amwamwe bamwiyamiriza,niho yocaba uwambere mumakomine yose!!?nabo nyene ubwenge bwo kwiba s,ikirenga kweli.uburundi buratunze abagabo niryo beshi,,

  • imiragwe uburundi bugutera ceni ube wiyambitse akashambara ataruko niwewe uzoburyanishije bene burundi niman izibarindirane igishika curubeye rudahera

  • Ahubwo rero Agathon Rwasa ni umurundi yabonye ingorane iki gihugu cagize ntategerezwa kuguma akiboheye amaboko i mugongo.Arya majwi yaronse niyo yiwe burya ntayandi afise.Twarakurikiranye amatora uko yagenze.Imyaka cumi ikarangira ataco akoreye igihugu kiboneka sa mort politique s’en suivra.Azompinyuze.Uko niko abantu bazimangana muri politique.Yibwiye ko avuye mu matora abandi bigisha kuja gutora.Kandi ivyo bakoreye barabironse nabareke babirye.Iyi ni impanuro y’umukurambere.Ahandi ho azoba ambwira.

  • abarundi ntimukabagir ibijuju.mbega aho cndd-fdd itotsinda hose igihe mwahamagara imigumuko mwabony haje abarundi bamgana gte kiretse mwebwe nyene mushaka kuvuguruza abarundi bagiye kwitorera mu mutekano ntangere

  • Ikibabaje nuko batora abadashaka gutwara kandi urunva ayomajwi ntiyari mak Ikibanza cakabiri nikibanza ciza kumbure nabo bazoba abambe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.