Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi Prophet’s Voice uridogera ivyuma vyababujije kubandanya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Umurwi Prophet’s Voice uridogera ivyuma vyababujije kubandanya (...)

Umurwi Prophet’s Voice uridogera ivyuma vyababujije kubandanya igiteramo

lundi 5 Rusama 2014

Igiteramo umurwi Prophet’s Voice wari watumiwemwo nticabaye nk’uko cari categuwe. Ingorane zandurutse mu buhinga bw’ivyuma. Amakosa yabaye uwo munsi nta n’umwe bayatako kiretse ko ari ivyuma bidasezerana vyabahemukiye.

JPEG - 30.7 ko
umurwi Prophet’s Voice mu giteramo

Inyuma yo gutangaza igiteramo umurwi w’umudiho wa Raggae Prophet’s Voice izoba watumiwemwo, ico giteramo nticabaye nk’uko cari citezwe. Igiteramo cahagaze igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugoroba zirenga iminota mirongo itatu, cahagaritswe n’uko umurwi wa Prophet’s Voice utashoboye kubandanya kubera amajwi mu vyuma atasohoka neza. Ivyo vyemezwa na Steve Kezamutima, umwe muri 12 bagize uwo murwi.

Steve Kezimana asigura ko ivyuma bikoreshwa n’umurwi wabo bifise inguvu nyinshi, bigasaba umuriro mwinshi. Bamaze kuririmba indirimbo 2 kuri "Live" bumvise ataco bariko barayaga, amajwi adasohoka neza, maze bati : "Aha si ahacu", bahitamwo kwanura barataha. Steve abandanya avuga ko ivyuma vyama vyahagaritse ibiteramo naho kuribo ryari irya mbere. Ati : "Ntawe dushavurira, kandi natwe baradutahuye, ivyuma ntibisezerana.

Mwomenya ko ivyo vyabaye aho umurwi Prophet’s Voice wari watumiwe gushigikira ibirori vy’abanyeshure bo kuri Lycée Notre Dame de Rohero.

Umviriza "Ingabo za Pharaon", rumwe mu ndirimbo 10 ziri mu rukwirikirane ’Ikebuke" ruherutse gushirwa ahabona n’umurwi Prophet’s Voice".


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.