Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi The Cousin ntushobora gusamburwa n’ubusa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Umurwi The Cousin ntushobora gusamburwa n’ubusa

Umurwi The Cousin ntushobora gusamburwa n’ubusa

samedi 29 Ruheshi 2013

Kuva aho amakuru atandukanye avuga ko abaririmvyi R- Flow na Chanelle batameraneye neza mu rukundo, abantu batari bake bibaza ko ukwo kutumvikana kwabo gushobora kugira ingaruka mbi ku murwi wabo w’ukuririmba witwa The Cousin ugizwe n’abo bose.

Ivyo rero bibonekera mu biteramo bahora bagira uko ari batanu, ariko ubu bakaba bagenda ari igiharwe. Bimwe mu biteramo twovuga ni nk’icabereye mu kigo ndangakaranga c’i Bujumbura, mw’iyerekanwa rya Album y’umuririmvyi King Plata, tukavuga kandi igiteramo cabereye i Gitega aho uyo murwi naho wari wahamagawe, ariko ibirori vyarangiye batabonetse ukwo ari batanu, twovuga igiteramo cabereye mu
Kanyosha kuri uyu w’Imana ahitwa kwa Vyisi, kirangira abagize uyo murwi naho batabonetse bose.

Muri ivyo biteramo vyose habonekagamwo abaririmvyi babiri mu bagize uyo murwi wa The Cousin. Ubajije imvo ntibashake kuzishira ku mugaragaro bigaca biboneka ko coba ari icuka kibi gikomeje kuvugwa mu rukundo rwa R-Flow na Chanelle. Abakunzi b’uyo murwi bakaba basaba ko guhebana kwabo bitari bikwiye kuba imvo yo gusenyuka k’uyu murwi wabo The Cousin, na cane cane ko uyo murwi ari umwe mu mirwi ikunzwe mu mirwi iririmba i Bujumbura.

Bamaso nk’umwe mu bagize umurwi The Cousin avugako umurwi wabo ukomeye ko ata kintu kizowusenyura. Ubu agiye kuja yitabira ibiteramo bahamagayemwo uyo murwi naho mu minsi iheze ataboneka cane ku mvo zijanye n’ivyirwa .

Mu gusozera, twakwibutsa ko gushika ubu yaba R-Flow canke Chanelle ata numwe aratangaza ko boba barahebanye burundu, ivyo babigize ibanga ryabo mbere iyo ubaganirije ukumva uko umwe avuga kuri ico kibazo, uravye ibimenyetso vyose uca usanga ikibazo co kiriho hagati ya Chanelle na R-Flow.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.